Mbega mwoba muzi ico Imana yanyu Rurema Allah Yavuze?". Abari ng'aho bavuze bayishura bati: "Imana Allah N'Intumwa yayo, ni Bo Bazi gusumba". Iraheza ivuga ko Imana Allah Yavuze Iti: "Mu baja banje, haramutse harimwo uwunyemera n'uwungarariza
Mu vyakiriwe na Zaidi mwene Khalidi Al-Juhaniy (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaradusengesheje isengesho ryo mu mutwenzi turi ahitwa Al-Hudaybiyya, inyuma y'imvura yari yaraye iguye, isengesho rimaze kur…

