Kibondo! Mu vy'ukuri ngira ndakwigishe amajambo ngirakamaro: enda zigama Imana Allah mu kubungabunga amabwirizwa yayo, na Yo Izokuzigama Ikubungabunge; zigama Imana Allah uzoyisanga imbere yawe mu biguhanze, niwagira ico usavye, urasaba Imana Allah, niwashaka gusaba imfashanyo urayisaba Imana Allah
Choose an available translation of this Hadeeth
Hadeeth text
Mu vyakiriwe na Abu Al'Abbaasi, Abdullahi mwene Abbasi (Imana Allah Ibishimire bompi) yavuze ati: "Umusi umwe nari mpetswe n'Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ku gitwazi iraheza imbwira iti: "Kibondo! Mu vy'ukuri ngira ndakwigishe amajambo ngirakamaro: enda zigama Imana Allah mu kubungabunga amabwirizwa yayo, na Yo Izokuzigama Ikubungabunge; zigama Imana Allah uzoyisanga imbere yawe mu biguhanze, niwagira ico usavye, urasaba Imana Allah, niwashaka gusaba imfashanyo urayisaba Imana Allah, menya kandi ko abantu bose mu gihe bohuriza ku ngingo yuko hari ico bakumarira, ata na kimwe boshobora kukumarira, kiretse kirya Imana Allah Yamaze kukwandikira ko ukironka; no mu gihe bohuriza ku ngingo yuko bakugeramira, ata na kimwe boshobora kukugeramirako, kiretse kirya Imana Allah Yamaze kukwandikira ko kigushikira; burya rero ikaramu yandika ivyagezwe kuri umwumwe wese, yaramaze kwandika, kandi n'impapuro vyanditseko zaramaze kwumuka". Mu bundi bwakirizi mu vyashikirijwe na Al-Tirmidhiy havuga hati: "Enda zigama Imana Allah mu kubungabunga amabwirizwa yayo, uzoyisanga imbere yawe maze Igukingire. Menya (ibuka) Imana Allah mu gihe c'amahirwe worohewe, na Yo Izokumenya mu gihe c'amagorwa uremerewe. Menya kandi ko ikiguhushije kiba kitari kugushikira, n'uko ikigushikiye kiba kitari kuguhusha, menya n'uko intsinzi yama ikurikira mu nyuma y'ukwihangana, n'uko agahengwe kama gakurikira mu nyuma y'intureka, n'uko ukworoherwa kwama gukurikira mu nyuma y'ibikugoye".
Explanation
Benefits
Impera ku Mana Allah yisunga ubwoko bw'igikorwa.
Kubwiriza abantu ko bishimikiza Imana Allah, n'uko ata n'ikindi kintu gikwiye kwishimikizwa mu gishingo cayo, kuko Imana Allah ari Yo Mwiza w'ukwishimikizwa.
Ukwemera ivyagezwe n'ishirwa mu ngiro ryavyo, hamwe rero no kuvyishimira mu kuvyakira ata kwidoga, kuko Imana Allah Yamaze kugera ibintu vyose.
Uwiyobagiza amabwirizwa y'Imana Allah mu kutayubahiriza, Imana Allah Iraheza Ikamureka akazimira, eka ntinamuzigama ngo Imubungabunge.
Inkuru nziza ihambaye, ihumuriza umuntu ko iyo ashikiwe n'ibimugoye, akwiye kurindirana umwizero ko hagiye gukurikira ukworoherwa.
Iremesha ry'umuntu igihe ashikiwe n'ikiza, akabura ivyo akunda. Ibi tukabisanga mu nyigisho y'intumwa aho ivuga iti: "Menya kandi ko ikiguhushije kiba kitari kugushikira, n'uko ikigushikiye kiba kitari kuguhusha"; iryungane rya mbere riraremesha mu kwereka umuntu ingene yokwifata igihe ashikiwe n'ivyo adakunda; nayo irya kabiri, riraremesha mu kwerekana ingene umuntu yokwifata igihe abuze ivyo akunda.
Attribution
Categories
Share hadeeth
Sharing options · 0 Total shares

