Mbega mwoba muzi ico Imana yanyu Rurema Allah Yavuze?". Abari ng'aho bavuze bayishura bati: "Imana Allah N'Intumwa yayo, ni Bo Bazi gusumba". Iraheza ivuga ko Imana Allah Yavuze Iti: "Mu baja banje, haramutse harimwo uwunyemera n'uwungarariza
Choose an available translation of this Hadeeth
Hadeeth text
Mu vyakiriwe na Zaidi mwene Khalidi Al-Juhaniy (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaradusengesheje isengesho ryo mu mutwenzi turi ahitwa Al-Hudaybiyya, inyuma y'imvura yari yaraye iguye, isengesho rimaze kurangira yarahindukiye iraba abantu, ica ivuga iti: "Mbega mwoba muzi ico Imana yanyu Rurema Allah Yavuze?". Abari ng'aho bavuze bayishura bati: "Imana Allah N'Intumwa yayo, ni Bo Bazi gusumba". Iraheza ivuga ko Imana Allah Yavuze Iti: "Mu baja banje, haramutse harimwo uwunyemera n'uwungarariza; uwavuze ati: "Twaronkejwe akavura ku mpano n'impuhwe bivuye ku Mana Allah", uyo ni we anyemera akagarariza inyenyeri. Nayo uwavuze ati: "Twaronkejwe akavura ku mvo z'iki na kirya", uyo ni we angarariza akemera inyenyeri".
Explanation
Benefits
Uwusubije inema y'igwa ry'imvura n'ibindi ku nyenyeri, ko ari zo ziyirema zikanatuma igwa, uyo aba ari umugararizamana agararije igararizamana rikuru; nayo iyo ayisubije ku nyenyeri mu kuba ari imvo zigira uruhara mw'igwa ryayo, uyo aba ari umugararizamana agararije igararizamana rito; kuko ico kidashingiye ku mvo z'idini kinashingiye ku bintu bifadika.
Inema irashobora kuba imvo y'igararizamana mu gihe umuntu ahakanye inema ntayishime, nk'uko ishobora kuba imvo y'ukwemera mu gihe umuntu ayishimye.
Birabujijwe kuvuga uti: "Twaronkejwe akavura ku mvo z'iki na kiriya", n'aho umuntu yokoresha iyo mvugo ashaka kwerekana igihe cigwa ry'imvura; ntibirekuwe ku mvo zo kuzibira kirya cose cotuma haba ibangikanyamana.
Ni ngombwa ko umuntu agumiza agatima ku Mana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere mu kurondera inema no mu kwikingira ivyago.
Attribution
Categories
Share hadeeth
Sharing options · 0 Total shares

