Mwene Adamu ntibirashika aho yuzuza icombo kibi kuri we coza gisumba inda, birakwiye kuri mwene Adamu rero kuba yokwivuna inzara mu gufungura duke tumubeshaho, vyoba ngombwa ko arenzako mu guhaga, akagenera ica gatatu c'umushishito wiwe imfungurwa, ikindi ca gatatu akakigenera ibinyobwa, ica gatatu gisigaye akagisigira uguhema
Mu vyakiriwe na Al-Miqdaamu mwene Ma'dii Kariba (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Narumvise Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ivuga iti: "Mwene Adamu ntibirashika aho yuzuza icombo kibi kuri we coza gisumba inda, birakwiye kuri mwene Adamu…

