Niwabona rero abakurikira muri Qor'ani Aayah zifobetse gusa, uramenya ko ari bo Imana Allah Yavuze (muri iyi Aayah), muraheza rero mubiyubare
Choose an available translation of this Hadeeth
Hadeeth text
Mu vyakiriwe na Aisha (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yasomye iyi Aayah: {Ntumwa y’Imana! Ni Yo Yonyene Yakumanuriye Qor’ani; muri yo harimwo Aayah zitomoye cane mu nsiguro, ni zo shimikiro yisungwa iyo hagize ikibadidanira mu nsiguro. Harimwo rero n’izindi Aayah zifobetse, zishobora kugira insiguro iyi n’iyindi, gutyo insiguro yazo nyayo ikagenwa na Aayah zitomoye. Abafise rero imitima yahuvye, baraheza bagakurikira muri zo Aayah zifobetse gusa, barondera guta abantu mu madidane (mu rudubi) ngo babahuvye, mu ntumbero ihuye n’insiguro bipfuza. Nta n’uwuzi insiguro nyayo y’ukuri ya Aayah zifobetse atari Imana Allah. Abamenyi babushitse na bo bavuga bati: “Twaremeye Qor’ani, ibirimwo vyose vyadushikiriye bivuye ku Mana yacu Rurema Allah”, bagaheza bagatahura insiguro ya Aayah zifobetse bisunze insiguro ya Aayah zitomoye, kandi rero nta wutahura insiguro yazo nyayo atari incabwenge koko} (Aali Imraani: 7), Aisha yavuze ati: "Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) imaze kuyisoma ica ivuga iti: "Ewe Aisha! Niwabona rero abakurikira muri Qor'ani Aayah zifobetse gusa, uramenya ko ari bo Imana Allah Yavuze (muri iyi Aayah), muraheza rero mubiyubare".
Explanation
Benefits
Igabisha ku kwicarana n'abanyabuhuvyi, abanyavyadukano n'urya wese yama yashize imbere ingorane mu ntumbero yo gutera amakenga no guhubisha abantu.
Mw'isozerwa ry'iyi Aayah, Imana Allah Ivuga Iti: {kandi rero nta wutahura insiguro yazo nyayo atari incabwenge koko}, harimwo inebagura ry'abafise ubuhuvyi mu mitima, hakabamwo n'ihayagizwa ry'abamenyi babushitse; ni ukuvuga ko uwo wese atibuka ngo yikebuke mu gutahura insiguro nyayo ya Aayah zifobetse, maze agakurikira insiguro ihuye n'ivyipfuzo vyiwe, adaharurwa mu ncabwenge zibushitse koko.
Ugukurikira Aayah zifobetse gusa, ni imvo yo guhubisha umutima.
Ni ngombwa kugarura insiguro ya Aayah zifobetse zishobora kugira insiguro nyinshi, ku nsiguro nyayo ya Aayah zitomoye.
Imana Allah Yagize zimwe muri Aayah za Qor'ani kuba zitomoye "muhkamu" n'izindi kuba zifobetse "mutashaabihu" kugira Igerageze abantu, gutyo haboneke itandukaniro hagati y'abantu bemera koko ivyavuye ku Mana Allah, n'abandi rero bari mu buhuvyi bw'ukugira amakenga kuri vyo.
Kuba muri Qor'ani harimwo Aayah zifobetse, ni ikigaragaza akamaro n'ivyiza abamenyi babushitse bafise gusumba abandi. Kiranerekana ko ubwenge bw'umuntu bwahawe ubushobozi buke, n'uko bufise aho bugera; ahasigaye bukishikana ku Mana Allah Yaburemye bwemanga ko ata co bwishoboje.
Akamaro n'ivyiza vyo kugira ubumenyi bwuzuye, n'uko ari ngombwa kubutsimbatarako.
Abahinga mu bijanye n'ugusigura Qor'ani, bavuga ko hari uburyo bubiri ku vyerekeye uguhagarara kw'ijambo "الله" riri muri iyi Aayah "وَمَا یَعۡلَمُ تَأۡوِیلَهُۥۤ إِلَّا ٱللَّهُۗ وَٱلرَّ ٰسِخُونَ فِی ٱلۡعِلۡمِ" uguhagarara kw'ijambo "الله", bituma insiguro y'ubumenyi buvugwa ng'aha, iba ari ukumenya ukuri nyakwo kw'ikintu; ubumenyi nk'ubwo na bwo akaba ata kiremwa kibufise kuko Imana Allah Yabwihariye; nko kumenya inkomoko y'ubuzima "Roho" ico ari co, no kumenya isango ry'ukugera kw'umuhero w'isi; muri ico gihe rero, abafise ubumenyi babushitse baraheza bakavyemera ukwo, ko ukuri kwavyo kuzwi gusa n'Imana Allah, bakanishikana kuri Yo bicisha bugufi. Nayo ukwungikanya mu gusoma ata guhagarara kw'ijambo "الله", bituma insiguro y'ubumenyi buvugwa ng'aha, iba ari ugushika ku nsiguro no kuyitomora, muri ico gihe rero Imana Allah Ikaba Izi nya nsiguro, hamwe n'abafise ubumenyi babushitse na bo nyene bakaba bayizi, gutyo bagaheza bakemera Aayah zifobetse bakanagarura insiguro yazo ku nsiguro nyayo ya Aayah zitomoye.
Attribution
Categories
Share hadeeth
Sharing options · 0 Total shares

