Mwene Adamu ntibirashika aho yuzuza icombo kibi kuri we coza gisumba inda, birakwiye kuri mwene Adamu rero kuba yokwivuna inzara mu gufungura duke tumubeshaho, vyoba ngombwa ko arenzako mu guhaga, akagenera ica gatatu c'umushishito wiwe imfungurwa, ikindi ca gatatu akakigenera ibinyobwa, ica gatatu gisigaye akagisigira uguhema
Choose an available translation of this Hadeeth
Hadeeth text
Mu vyakiriwe na Al-Miqdaamu mwene Ma'dii Kariba (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Narumvise Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ivuga iti: "Mwene Adamu ntibirashika aho yuzuza icombo kibi kuri we coza gisumba inda, birakwiye kuri mwene Adamu rero kuba yokwivuna inzara mu gufungura duke tumubeshaho, vyoba ngombwa ko arenzako mu guhaga, akagenera ica gatatu c'umushishito wiwe imfungurwa, ikindi ca gatatu akakigenera ibinyobwa, ica gatatu gisigaye akagisigira uguhema".
Explanation
Benefits
Ihangiro ryo gufungura, ni ukubungabunga amagara n'intege bikenewe kugira umuntu atekanirwe mu buzima.
Ukwuzuza inda mu gufungura, bitera ingorane mu mubiri no mw'idini. Omari (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Mwoye (nimwirinde) kwuzuza inda gushika aho mutumbirwa; kuko vyonona umubiri bigatera ubunebwe bwo kudasenga".
Ingingo ijanye no gufungura, iri mu mice itandukanye: hari ugufungura gutegetswe, na kwo kukaba ari kurya gufungura gutuma ubuzima bubungabungwa, kwabura naho kugatuma ubuzima businzikara (bugeramirwa). Ugufungura kurekuwe, na kwo kukaba ari kurya gufungura ibirenze kuri birya bitegetswe bizwi ko kudatera ingaruka mbi ku buzima. Ugufungura kutabereye, na kwo kukaba ari kurya gufungura gushobora gutera impungenge zo kubangamirwa kw'ubuzima. Ugufungura kuziririjwe ni kurya gufungura bizwi neza ko bitera ingaruka mbi ku buzima. Ugufungura gukundwa, na kwo kukaba ari kurya gufungura ku rugero rufasha umuntu gukora ibikorwa nyegerezamana na nyumviramana. Ivyo vyose rero, iyi nyigisho y'intumwa yabisiguye mu ngero zitatu, urugero rwa mbere: ni ukwuzuza inda. Urugero rwa kabiri: ni ukwivuna inzara ku buryo umuntu abandanya kubaho. Urugero rwa gatatu, ni urwo kwigerera tukaba turusanga mw'ijambo rivuga riti: "akagenera ica gatatu c'umushishito wiwe imfungurwa, ikindi ca gatatu akakigenera ibinyobwa, ica gatatu gisigaye akagisigira uguhema". Ivyo vyose rero, vyubahirizwa ukwo, iyo imfugurwa umuntu afunguye zirekuwe "halaali".
Iyi nyigisho y'intumwa, ni umushinge w'itegeko mu mategeko ngenderwako y'ubuvuzi, kuko ubumenyi bw'ubuvuzi bushingiye ku bintu bitatu: ukubungabunga inguvu z'umubiri, ukwigerera mu vyo ufungura hamwe rero n'ugusohora ibitagikenewe n'umubiri, gutyo iyi nyigisho y'intumwa ikaba yigisha ku bintu bibiri vya mbere muri ivyo bitatu, ni na vyo nyene dusanga muri Aayah, aho Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere Ivuga Iti: ﴾Mufungure kandi munywe mu vyiza birekuwe, ariko ntimusesagure mu kurenza urugero. Mu vy’ukuri, Imana Allah ntikunda abasesagura﴿ (Al-A'raaf: 31).
Itungana ry'amabwirizwa y'ubwislamu, aho dusanga hahurikiyemwo amabwirizwa y'ibintu nkenerwa ku muntu, haba ku bijanye n'idini ryiwe canke ivyerekeye ubuzima bwiwe.
Mu bumenyi bw'ibijanye n'amabwirizwa y'ubwislamu, harimwo imishinge n'amoko y'amategeko y'ubuvuzi; nka kurya hakiriwe inyigisho zigisha ku vyerekeye akamaro k'ubuki n'ak'udutete twirabura bita "Habbat Sawda".
Ingingo z'amabwirizwa y'ubwislamu, zihurikiyemwo ibituma umuntu amenya imvo n'imvano bimushikana ku kuri mu mvugo n'ingiro, zikaba kandi zubakiye kw'ihangiro ryo gukingira abantu ibibononera hamwe rero no kubashikana ku bintu nkenerwa bibafitiye akamaro.
Attribution
Categories
Share hadeeth
Sharing options · 0 Total shares

