Nimutsimbatare kw'igamburukiramana, ukwumva n'ukwumvira indongozi, n'aho indongozi ibarongoye yoba ari umuja w'umwirabure aturuka muri Egiputa; burya mu nyuma zanje muzobona ukudahuza mu guhazana kenshi mu vyiyumviro, nivyabashikira rero muraheza muce mwisunga inyigisho n'imigenzo yanje, hamwe rero n'imigenzo y'ingendanyi zanje z'abagororotsi zigendera ukuri
Mu vyakiriwe na Al'Irbaadwi mwene Saariya (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Umusi umwe Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yarahagurutse iraheza idushikiriza inyigisho (iduha impanuro) nkoramutima zadushitse ku nyota, maze imitima iroroha ir…

