Nimutsimbatare kw'igamburukiramana, ukwumva n'ukwumvira indongozi, n'aho indongozi ibarongoye yoba ari umuja w'umwirabure aturuka muri Egiputa; burya mu nyuma zanje muzobona ukudahuza mu guhazana kenshi mu vyiyumviro, nivyabashikira rero muraheza muce mwisunga inyigisho n'imigenzo yanje, hamwe rero n'imigenzo y'ingendanyi zanje z'abagororotsi zigendera ukuri
Choose an available translation of this Hadeeth
Hadeeth text
Mu vyakiriwe na Al'Irbaadwi mwene Saariya (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Umusi umwe Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yarahagurutse iraheza idushikiriza inyigisho (iduha impanuro) nkoramutima zadushitse ku nyota, maze imitima iroroha iratinya, amosozi na yo arakoroka mu maso, duca twumva uwuvuze ati: "Ewe Ntumwa y'Imana! Waduhaye impanuro nkoramutima nk'iz'umuntu ariko araraga, enda rero duhe isezerano tuzoheza tukisunga utakiriho". Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ica ivuga iti: "Nimutsimbatare kw'igamburukiramana, ukwumva n'ukwumvira indongozi, n'aho indongozi ibarongoye yoba ari umuja w'umwirabure aturuka muri Egiputa; burya mu nyuma zanje muzobona ukudahuza mu guhazana kenshi mu vyiyumviro, nivyabashikira rero muraheza muce mwisunga inyigisho n'imigenzo yanje, hamwe rero n'imigenzo y'ingendanyi zanje z'abagororotsi zigendera ukuri. Izo nyigisho n'imigenzo rero ndababwiye, murazigumya n'ibijigo mutarekura mu kuzigendera, muheze kandi mwirinde ibintu vy'ivyadukano; kuko icadukano ico ari co cose, ni ubuhuvyi".
Explanation
Benefits
Kwitwararika gutanga impanuro zituma imitima yoroha igatinya.
Kubwiriza abantu gukurikira imigenzo y'ingendanyi zine z'abagororotsi zigendera ukuri, zarongoye ubwislamu mu nyuma, na zo zikaba ari: Abu Bakari w'imvugakuri, Omari mwene Al-Khattwaabi, Othmani mwene Affaani, hamwe rero na Ali mwene Abu Twaalibi (Imana Allah Izishimire zose).
Ibuzwa ryo gukurikira ivyadukano mw'idini, n'uko icadukano ico ari co cose, ari ubuhuvyi.
Kwumva n'ukwumvira uwujejwe gutunganiriza abemeramana mu bitari ivyaha n'ibicumuro.
Akamaro k'igamburukiramana mu bihe vyose n'aho ari ho hose.
Abantu kudahuza mu guhazana mu vyiyumviro, birashobora gushika hagati y'abarungikiwe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Iamana Allah), ariko rero igihe bishitse, abantu bategerezwa kugaruka bakisunga inyigisho n'imigenzo vy'intumwa hamwe n'imigenzo y'ingendanyi z'abagororotsi zigendera ukuri.
Attribution
Categories
Share hadeeth
Sharing options · 0 Total shares

