القدر
Al-Qadr
The Power
1 - Al-Qadr (The Power) - 001
إِنَّآ أَنزَلۡنَٰهُ فِي لَيۡلَةِ ٱلۡقَدۡرِ
Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twamanuye Qor’ani mw’ijoro ry’iteka nta ngere mu kwezi kwa Ramadhani.
2 - Al-Qadr (The Power) - 002
وَمَآ أَدۡرَىٰكَ مَا لَيۡلَةُ ٱلۡقَدۡرِ
Ntumwa y’Imana! Ni igiki cokumenyesha ico ari co ijoro ry’iteka nta ngere?
3 - Al-Qadr (The Power) - 003
لَيۡلَةُ ٱلۡقَدۡرِ خَيۡرٞ مِّنۡ أَلۡفِ شَهۡرٖ
Ijoro ry’iteka nta ngere, ni ijoro iciza gikozwe muri ryo, gisumba mu ndishi iciza gikozwe mu mezi igihumbi atagiramwo iryo joro[1].
[1] Iyo ni impano, Imana Allah Yageneye gusa abantu barungikiwe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah).
4 - Al-Qadr (The Power) - 004
تَنَزَّلُ ٱلۡمَلَـٰٓئِكَةُ وَٱلرُّوحُ فِيهَا بِإِذۡنِ رَبِّهِم مِّن كُلِّ أَمۡرٖ
Muri ryo, hamanuka abamalayika ku bwinshi bari kumwe na Mutimamweranda Jibrili, kw’itegeko ry’Imana yabo Rurema Allah, bagaheza bakerekwa n’ivyagezwe vyose vyo muri uwo mwaka.
5 - Al-Qadr (The Power) - 005