الشمس
Ash-Shams
The Sun
1 - Ash-Shams (The Sun) - 001
وَٱلشَّمۡسِ وَضُحَىٰهَا
Jewe Allah, Ndarahiye ku zuba no ku muco waryo mu gitondo!
2 - Ash-Shams (The Sun) - 002
وَٱلۡقَمَرِ إِذَا تَلَىٰهَا
No ku kwezi iyo gukurikiye izuba rirenze n’iyo riserutse!
3 - Ash-Shams (The Sun) - 003
وَٱلنَّهَارِ إِذَا جَلَّىٰهَا
No ku murango iyo hakeye, umwijima w’ijoro ugaherengetera!
4 - Ash-Shams (The Sun) - 004
وَٱلَّيۡلِ إِذَا يَغۡشَىٰهَا
No kw’ijoro iyo ripfutse isi hakijima!
5 - Ash-Shams (The Sun) - 005
وَٱلسَّمَآءِ وَمَا بَنَىٰهَا
No kw’ijuru n’ukuntu ryubatse!
6 - Ash-Shams (The Sun) - 006
وَٱلۡأَرۡضِ وَمَا طَحَىٰهَا
No kw’isi n’ukuntu ishashe, kugira ibiremwa bishobore kuyibako!
7 - Ash-Shams (The Sun) - 007
وَنَفۡسٖ وَمَا سَوَّىٰهَا
No ku mushaha w’ikiremwa ico ari co cose n’ukuntu watunganijwe n’Imana Allah!
8 - Ash-Shams (The Sun) - 008
فَأَلۡهَمَهَا فُجُورَهَا وَتَقۡوَىٰهَا
Igaheza Ikawumenyesha mu kuwutomorera inzira y’inabi n’iy’ineza!
9 - Ash-Shams (The Sun) - 009
قَدۡ أَفۡلَحَ مَن زَكَّىٰهَا
Ni ukuri yaratsinze, uwejeje umushaha agakora ivyiza.
10 - Ash-Shams (The Sun) - 010
وَقَدۡ خَابَ مَن دَسَّىٰهَا
Kandi ni ukuri yarahomvye ubuzima bwiwe, uwasibije umushaha agakora ivyaha.
11 - Ash-Shams (The Sun) - 011
كَذَّبَتۡ ثَمُودُ بِطَغۡوَىٰهَآ
Bene Thamuudi barahakanye Intumwa y’Imana Swalehe (nyakugira amahoro y’Imana Allah), kubera ukwimonogoza kwabo mu gukora ivyaha;
12 - Ash-Shams (The Sun) - 012
إِذِ ٱنۢبَعَثَ أَشۡقَىٰهَا
Igihe hiyadukiza inkozi y’ikibi muri bo[1] kugira ice imitsi ingamiya;
[1] Yitwa Kubaru mwene Salifu.
13 - Ash-Shams (The Sun) - 013
فَقَالَ لَهُمۡ رَسُولُ ٱللَّهِ نَاقَةَ ٱللَّهِ وَسُقۡيَٰهَا
Intumwa y’Imana Swalehe (nyakugira amahoro y’Imana Allah), iraheza ibabwira iti: “Mwoye gukomakoma ingamiya yarungitswe n’Imana Allah, mwiyubare kuyivogera ku musi wayo yagenewe gushoka kunywa”.
14 - Ash-Shams (The Sun) - 014
فَكَذَّبُوهُ فَعَقَرُوهَا فَدَمۡدَمَ عَلَيۡهِمۡ رَبُّهُم بِذَنۢبِهِمۡ فَسَوَّىٰهَا
Maze barayigarariza batako baraca imitsi ya nya ngamiya. Imana yabo Rurema Allah Ica Irabahana, Irabahonya bose ata n’umwe arokotse, kubera ibicumuro vyabo.
15 - Ash-Shams (The Sun) - 015