البلد

 

Al-Balad

 

The City

1 - Al-Balad (The City) - 001

لَآ أُقۡسِمُ بِهَٰذَا ٱلۡبَلَدِ
Jewe Allah, Ndarahiye kuri iki gisagara ceranda ca Makka!

2 - Al-Balad (The City) - 002

وَأَنتَ حِلُّۢ بِهَٰذَا ٱلۡبَلَدِ
Kikaba ari na co wewe Intumwa Muhamadi urekuriwe gukoreramwo ico ushatse[1].
[1] Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), yarekuriwe gukorera mu gisagara ca Makka ico ishatse, harimwo n’indwano mu kiringo kitarenga isaha imwe ku mutaga. Iyi Aayah, irerekana ko Intumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), izokwigarurira ico gisagara habanje kuba indwano.

3 - Al-Balad (The City) - 003

وَوَالِدٖ وَمَا وَلَدَ
Ndarahiye kandi no ku kiremwa kivyara (ari co Adamu) n’ikivyarwa (mu rwaruka rwiwe)!

4 - Al-Balad (The City) - 004

لَقَدۡ خَلَقۡنَا ٱلۡإِنسَٰنَ فِي كَبَدٍ
Ko mu vy’ukuri Twebwe Allah Twaremye, ikiremwa-muntu kizohura n’umuruho ku wundi kw’isi kugeza gupfa.

5 - Al-Balad (The City) - 005

أَيَحۡسَبُ أَن لَّن يَقۡدِرَ عَلَيۡهِ أَحَدٞ
Mbega umuntu kubera amatungo yegeranije, yibaza ko ata wuzoshobora kumugonda!

6 - Al-Balad (The City) - 006

يَقُولُ أَهۡلَكۡتُ مَالٗا لُّبَدًا
Avuga yihaya ngo: “Naratanze amatungo menshi cane!”.

7 - Al-Balad (The City) - 007

أَيَحۡسَبُ أَن لَّمۡ يَرَهُۥٓ أَحَدٌ
Mbega, yibaza ko ata n’umwe amubona akazomuhera ku vyo yakoze, vyaba bike canke vyinshi!

8 - Al-Balad (The City) - 008

أَلَمۡ نَجۡعَل لَّهُۥ عَيۡنَيۡنِ
Mbega, Twebwe Allah Ntitwamuhaye amaso abiri abonesha!

9 - Al-Balad (The City) - 009

وَلِسَانٗا وَشَفَتَيۡنِ
Tumuha n’ururimi hamwe n’iminwa ibiri, kugira ashobore gutomora ijambo!

10 - Al-Balad (The City) - 010

وَهَدَيۡنَٰهُ ٱلنَّجۡدَيۡنِ
Dutako Turamumenyesha Tumutomorera inzira zibiri, iy’iciza n’iy’ikibi, kugira ngo yihitiremwo!

11 - Al-Balad (The City) - 011

فَلَا ٱقۡتَحَمَ ٱلۡعَقَبَةَ
Mbega, ubwo ntiyotanga amatungo yiwe akabona kuruhuka umuruho wo mu buzima bw’inyuma yo gupfa!

12 - Al-Balad (The City) - 012

وَمَآ أَدۡرَىٰكَ مَا ٱلۡعَقَبَةُ
Ni igiki cokumenyesha ico ari co umuruho wo mu buzima bw’inyuma yo gupfa n’icowugukiza!

13 - Al-Balad (The City) - 013

فَكُّ رَقَبَةٍ
Ni uguha umugurano w’umwemeramana ubwigenge;

14 - Al-Balad (The City) - 014

أَوۡ إِطۡعَٰمٞ فِي يَوۡمٖ ذِي مَسۡغَبَةٖ
Canke ugufungurira mu gihe c’inzara izura inzara;

15 - Al-Balad (The City) - 015

يَتِيمٗا ذَا مَقۡرَبَةٍ
Impfuvyi ya hafi mu muryango[2];
[2] Ugaheza ukaronka indishi zo gutanga imperezwa n’izo kwunga ubuvandimwe.

16 - Al-Balad (The City) - 016

أَوۡ مِسۡكِينٗا ذَا مَتۡرَبَةٖ
Canke umworo ata co yimariye (ata gira shinge na rugero).

17 - Al-Balad (The City) - 017

ثُمَّ كَانَ مِنَ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَتَوَاصَوۡاْ بِٱلصَّبۡرِ وَتَوَاصَوۡاْ بِٱلۡمَرۡحَمَةِ
Inyuma yo gukora ivyo vyose, umuntu akaba ari mu bemeramana, bahanurana kwihanganira kwumvira Imana Allah no kutayigabitanyiriza, bakanahanurana kugirira impuhwe ibiremwa.

18 - Al-Balad (The City) - 018

أُوْلَـٰٓئِكَ أَصۡحَٰبُ ٱلۡمَيۡمَنَةِ
Abo barangwa n’ivyo rero, ni bo bantu bo mu ruhande rw’iburyo, bazoruhukira mu Bwami bw’ijuru.

19 - Al-Balad (The City) - 019

وَٱلَّذِينَ كَفَرُواْ بِـَٔايَٰتِنَا هُمۡ أَصۡحَٰبُ ٱلۡمَشۡـَٔمَةِ
Nayo abagararije Aayah zacu za Qor’ani, abo ni bo bantu bo mu ruhande rw’ibubamfu;

20 - Al-Balad (The City) - 020

عَلَيۡهِمۡ نَارٞ مُّؤۡصَدَةُۢ
Bazoba bapfundikiriwe mu muriro ubakikuje ku mpande zose.

[sc name="verse"][/sc]

Scroll to Top