الإنشقاق

 

Al-Inshiqaq

 

The Sundering

1 - Al-Inshiqaq (The Sundering) - 001

إِذَا ٱلسَّمَآءُ ٱنشَقَّتۡ
Igihe ijuru ryasadutse rigatabuka ku musi w’umuhero w’isi;

2 - Al-Inshiqaq (The Sundering) - 002

وَأَذِنَتۡ لِرَبِّهَا وَحُقَّتۡ
Rikumvira Imana yaryo Rurema Allah, kandi ritegerezwa nta kibuza;

3 - Al-Inshiqaq (The Sundering) - 003

وَإِذَا ٱلۡأَرۡضُ مُدَّتۡ
Igihe n’isi yasanjwe;

4 - Al-Inshiqaq (The Sundering) - 004

وَأَلۡقَتۡ مَا فِيهَا وَتَخَلَّتۡ
Igasohora abantu n’ubutare biri muri yo, igasigara igaragara;

5 - Al-Inshiqaq (The Sundering) - 005

وَأَذِنَتۡ لِرَبِّهَا وَحُقَّتۡ
Ikumvira Imana yayo Rurema Allah, kandi itegerezwa nta kibuza.

6 - Al-Inshiqaq (The Sundering) - 006

يَـٰٓأَيُّهَا ٱلۡإِنسَٰنُ إِنَّكَ كَادِحٌ إِلَىٰ رَبِّكَ كَدۡحٗا فَمُلَٰقِيهِ
Ewe muntu! Mu vy’ukuri wewe, ugana ku Mana Allah, ukita ku rutare mu bikorwa, vyaba vyiza canke bibi, kugeza aho uzohura n’Imana yawe Rurema Allah Ikabiguhembera.

7 - Al-Inshiqaq (The Sundering) - 007

فَأَمَّا مَنۡ أُوتِيَ كِتَٰبَهُۥ بِيَمِينِهِۦ
Uwo wese rero azohabwa igitabu c’ibikorwa vyiwe mu kuboko kwiwe kw’iburyo;

8 - Al-Inshiqaq (The Sundering) - 008

فَسَوۡفَ يُحَاسَبُ حِسَابٗا يَسِيرٗا
Uyo, ni we azoharurirwa ibiharuro vyoroshe;

9 - Al-Inshiqaq (The Sundering) - 009

وَيَنقَلِبُ إِلَىٰٓ أَهۡلِهِۦ مَسۡرُورٗا
Maze agasubira mu bantu biwe mu Bwami bw’ijuru akanyamuneza kamusya.

10 - Al-Inshiqaq (The Sundering) - 010

وَأَمَّا مَنۡ أُوتِيَ كِتَٰبَهُۥ وَرَآءَ ظَهۡرِهِۦ
Nayo uwuzohabwa igitabu c’ibikorwa vyiwe inyuma y’umugongo wiwe;

11 - Al-Inshiqaq (The Sundering) - 011

فَسَوۡفَ يَدۡعُواْ ثُبُورٗا
Uyo rero, azoheza yisabire urupfu;

12 - Al-Inshiqaq (The Sundering) - 012

وَيَصۡلَىٰ سَعِيرًا
Yinjire no mu muriro wama wegenyejwe;

13 - Al-Inshiqaq (The Sundering) - 013

إِنَّهُۥ كَانَ فِيٓ أَهۡلِهِۦ مَسۡرُورًا
Kuko mu vy’ukuri, yahorana akanyamuneza mu muryango wiwe akiri kw’isi, nta co yategekanirije uyu musi.

14 - Al-Inshiqaq (The Sundering) - 014

إِنَّهُۥ ظَنَّ أَن لَّن يَحُورَ
Mu vy’ukuri, yibaza ko atazosubira ku Mana yiwe Allah ngo Imuharurire.

15 - Al-Inshiqaq (The Sundering) - 015

بَلَىٰٓۚ إِنَّ رَبَّهُۥ كَانَ بِهِۦ بَصِيرٗا
Yobuzwa n’iki gusubira ku Mana Allah! Mu vy’ukuri Imana yiwe Rurema Allah, Yamye ari Nyenukubona, Yaramubona we n’ivyo yakora.

16 - Al-Inshiqaq (The Sundering) - 016

فَلَآ أُقۡسِمُ بِٱلشَّفَقِ
Jewe Allah, Ndarahiye ku bicu bitukura bugorovye!

17 - Al-Inshiqaq (The Sundering) - 017

وَٱلَّيۡلِ وَمَا وَسَقَ
No kw’ijoro n’ivyo rinyegeje!

18 - Al-Inshiqaq (The Sundering) - 018

وَٱلۡقَمَرِ إِذَا ٱتَّسَقَ
No ku kwezi iyo gukwijije umuco mu mfato!

19 - Al-Inshiqaq (The Sundering) - 019

لَتَرۡكَبُنَّ طَبَقًا عَن طَبَقٖ
Bantu! Ni ukuri muzohura n’ibihe bigoye bisumbasumbana[726].
[726] Umuntu wese aremwa mw’ima ry’intanga, rigahinduka amaraso avuze; nya maraso avuze agahinduka igihimba c’inyama; hanyuma nya gihimba c’inyama kigahuhirwamwo inkomoko y’ubuzima “Roho”. Yamara kuvuka akabaho, hanyuma agapfa, akazozuka, agashorerwa kw’iyegeranirizo ry’ibiremwa, hanyuma agaharurirwa.

20 - Al-Inshiqaq (The Sundering) - 020

فَمَا لَهُمۡ لَا يُؤۡمِنُونَ
Mbega, abantu babuzwa n’iki kwemera Imana Allah n’umusi w’iherezo, kandi basomerwa Aayah za Qor’ani zitomoye!

21 - Al-Inshiqaq (The Sundering) - 021

وَإِذَا قُرِئَ عَلَيۡهِمُ ٱلۡقُرۡءَانُ لَا يَسۡجُدُونَۤ۩
N’iyo basomewe Qor’ani, ntibubamira Imana Allah ngo bemere amabwirizwa yayo.

22 - Al-Inshiqaq (The Sundering) - 022

بَلِ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ يُكَذِّبُونَ
Ahubwo abagararije bahakana Qor’ani bivuye inyuma, izuka n’iharurirwa ry’ibiremwa.

23 - Al-Inshiqaq (The Sundering) - 023

وَٱللَّهُ أَعۡلَمُ بِمَا يُوعُونَ
Burya Imana Allah, ni Yo Izi neza ivyo bahishije mu mishaha yabo.

24 - Al-Inshiqaq (The Sundering) - 024

فَبَشِّرۡهُم بِعَذَابٍ أَلِيمٍ
Ntumwa y’Imana! Bashikirize rero inkuru y'incamugongo yo guhabwa ibihano bibabaza.

25 - Al-Inshiqaq (The Sundering) - 025

إِلَّا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّـٰلِحَٰتِ لَهُمۡ أَجۡرٌ غَيۡرُ مَمۡنُونِۭ
Ariko abantu bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakanakora n'ivyiza bitegetswe, barafise impembo idahera bagenewe mu buzima bw’inyuma yo gupfa.

[sc name="verse"][/sc]

Scroll to Top