المزمل
Al-Muzzammil
The Enshrouded One
1 - Al-Muzzammil (The Enshrouded One) - 001
يَـٰٓأَيُّهَا ٱلۡمُزَّمِّلُ
Ewe wizingiriye mu mpuzu!
2 - Al-Muzzammil (The Enshrouded One) - 002
قُمِ ٱلَّيۡلَ إِلَّا قَلِيلٗا
Haguruka usenge mw’ijoro, usigaze umwanya muto wo kuruhuka;
3 - Al-Muzzammil (The Enshrouded One) - 003
نِّصۡفَهُۥٓ أَوِ ٱنقُصۡ مِنۡهُ قَلِيلًا
Senga igice c’ijoro canke ugabanyeko gato gushika ku ca gatatu caryo;
4 - Al-Muzzammil (The Enshrouded One) - 004
أَوۡ زِدۡ عَلَيۡهِ وَرَتِّلِ ٱلۡقُرۡءَانَ تَرۡتِيلًا
Canke wongereko gato gushika ku vya gatatu bibiri, hanyuma usome neza Qor’ani ntagatifu mu bwitonzi, wubahirije amategeko y’ukuntu isomwa.
5 - Al-Muzzammil (The Enshrouded One) - 005
إِنَّا سَنُلۡقِي عَلَيۡكَ قَوۡلٗا ثَقِيلًا
Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Tuzokumanurira Qor’ani irimwo amabwirizwa ahambaye.
6 - Al-Muzzammil (The Enshrouded One) - 006
إِنَّ نَاشِئَةَ ٱلَّيۡلِ هِيَ أَشَدُّ وَطۡـٔٗا وَأَقۡوَمُ قِيلًا
Mu vy’ukuri, ukwiyegereza Imana Allah mu gusenga mw’ijoro, kuratururuza umushaha kurusha, kandi kuratuma utahura neza igisomwa, kuko umuntu muri uwo mwanya, nta buremere n’umwitwarariko w’ivy’isi biba bimuhanze.
7 - Al-Muzzammil (The Enshrouded One) - 007
إِنَّ لَكَ فِي ٱلنَّهَارِ سَبۡحٗا طَوِيلٗا
Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri ku murango, urafise umwanya munini ukwiye wo gutunganya ivyawe n’ibindi bikorwa vy'ishikirizabutumwa. Kubera ivyo rero, koresha umwanya wo mw’ijoro mu gusenga Imana yawe Allah;
8 - Al-Muzzammil (The Enshrouded One) - 008
وَٱذۡكُرِ ٱسۡمَ رَبِّكَ وَتَبَتَّلۡ إِلَيۡهِ تَبۡتِيلٗا
Wongere uninahaze Izina ry’Imana yawe Rurema Allah, kandi wamizeko kuyisenga bimwe bivuye ku mutima, unayizere.
9 - Al-Muzzammil (The Enshrouded One) - 009
رَّبُّ ٱلۡمَشۡرِقِ وَٱلۡمَغۡرِبِ لَآ إِلَٰهَ إِلَّا هُوَ فَٱتَّخِذۡهُ وَكِيلٗا
Imana Allah, ni Yo Mubungabunzi Rugaba w’ubuseruko n’uburengero n’ibiri hagati y’aho, nta mana rero ibwirijwe gusengwa atari Yo Yonyene gusa. Kubera ivyo rero, yizere uheze uyigire Umuhagarikizi wawe muri vyose.
10 - Al-Muzzammil (The Enshrouded One) - 010
وَٱصۡبِرۡ عَلَىٰ مَا يَقُولُونَ وَٱهۡجُرۡهُمۡ هَجۡرٗا جَمِيلٗا
Uheze wihanganire n’ivyo ababangikanyamana bakuvugako, mu kugutyoza wewe hamwe n’idini warungikanwe, maze witandukanye n’ivyo bakora unabirengagize ata gahigihigi.
11 - Al-Muzzammil (The Enshrouded One) - 011
وَذَرۡنِي وَٱلۡمُكَذِّبِينَ أُوْلِي ٱلنَّعۡمَةِ وَمَهِّلۡهُمۡ قَلِيلًا
Maze undekere Jewe Allah abahakana Aayah zanje, borohewe mu buzima bwo kw’isi; batenyenyere gato, maze ubandekere vuba bwango bazokwibonerako.
12 - Al-Muzzammil (The Enshrouded One) - 012
إِنَّ لَدَيۡنَآ أَنكَالٗا وَجَحِيمٗا
Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Turafise ibihano Twabateguriye mu buzima bw’inyuma yo gupfa; ibihano vyo kuboheshwa iminyororo iremereye no guturirwa mu muriro ururumba ata guhesha;
13 - Al-Muzzammil (The Enshrouded One) - 013
وَطَعَامٗا ذَا غُصَّةٖ وَعَذَابًا أَلِيمٗا
N’imfungurwa zihagama uwuziriye, n’ibindi bihano vy’akataraboneka bibabaza cane bibarindiriye;
14 - Al-Muzzammil (The Enshrouded One) - 014
يَوۡمَ تَرۡجُفُ ٱلۡأَرۡضُ وَٱلۡجِبَالُ وَكَانَتِ ٱلۡجِبَالُ كَثِيبٗا مَّهِيلًا
Umusi isi hamwe n’imisozi bizogigima, maze imisozi ikaba nk’amaburi y’umusenyi woroshe yayotse.
15 - Al-Muzzammil (The Enshrouded One) - 015
إِنَّآ أَرۡسَلۡنَآ إِلَيۡكُمۡ رَسُولٗا شَٰهِدًا عَلَيۡكُمۡ كَمَآ أَرۡسَلۡنَآ إِلَىٰ فِرۡعَوۡنَ رَسُولٗا
Bantu b'i Makka! Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twarabarungikiye Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), kugira itubere icabona ku bugarariji n’ubugaba bwanyu, nk’uko Twarungikiye Firawuni Intumwa Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah);
16 - Al-Muzzammil (The Enshrouded One) - 016
فَعَصَىٰ فِرۡعَوۡنُ ٱلرَّسُولَ فَأَخَذۡنَٰهُ أَخۡذٗا وَبِيلٗا
Ni uko rero, Firawuni yarahakanye iyo Ntumwa, ntiyaheza ngo ayemere, Dushoka Tumuhanisha ibihano vy’akarorero[1].
[1] Iyi Aayah, iragabisha uwo wese aca kubiri n’Intumwa akagabitanya, ko ashobora gushikirwa n’ibihano nk’ivyashikiye Firawuni n’abantu biwe.
17 - Al-Muzzammil (The Enshrouded One) - 017
فَكَيۡفَ تَتَّقُونَ إِن كَفَرۡتُمۡ يَوۡمٗا يَجۡعَلُ ٱلۡوِلۡدَٰنَ شِيبًا
Mbega none, ni gute mwokwikingira - mu gihe mwobandanya kugarariza - ibihano vy’umusi w’izuka, umusi uzosazisha abana bakamera imvi kubera intureka zawo!
18 - Al-Muzzammil (The Enshrouded One) - 018
ٱلسَّمَآءُ مُنفَطِرُۢ بِهِۦۚ كَانَ وَعۡدُهُۥ مَفۡعُولًا
Kuri uwo musi, ijuru rizokwata imigaga. Ni isango ry’Imana Allah ritegerezwa gushika nta gisivya.
19 - Al-Muzzammil (The Enshrouded One) - 019
إِنَّ هَٰذِهِۦ تَذۡكِرَةٞۖ فَمَن شَآءَ ٱتَّخَذَ إِلَىٰ رَبِّهِۦ سَبِيلًا
Mu vy’ukuri, izi Aayah za Qor’ani zigabisha, zirimwo urwibutso ku bantu. Uwushaka kwibuka rero, niyumvire Imana Allah, maze afate inzira igana ku Mana yiwe Rurema Allah.
20 - Al-Muzzammil (The Enshrouded One) - 020