الأعراف

 

Al-A'raf

 

The Heights

1 - Al-A'raf (The Heights) - 001

الٓمٓصٓ
Alif laam Miim Swaad[1].
[1] Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’igisomwa Al-Baqara.

2 - Al-A'raf (The Heights) - 002

كِتَٰبٌ أُنزِلَ إِلَيۡكَ فَلَا يَكُن فِي صَدۡرِكَ حَرَجٞ مِّنۡهُ لِتُنذِرَ بِهِۦ وَذِكۡرَىٰ لِلۡمُؤۡمِنِينَ
Ntumwa y’Imana! Iyi Qor’ani, ni Igitabu wahishuriwe. Ntukagire rero amakenga mu mushaha wawe ko wakimanuriwe n’Imana Allah; kugira ugabishe abagarariji wongere wibutse abemeramana.

3 - Al-A'raf (The Heights) - 003

ٱتَّبِعُواْ مَآ أُنزِلَ إِلَيۡكُم مِّن رَّبِّكُمۡ وَلَا تَتَّبِعُواْ مِن دُونِهِۦٓ أَوۡلِيَآءَۗ قَلِيلٗا مَّا تَذَكَّرُونَ
Bantu! Nimukurikire ivyo mwamanuriwe n’Imana yanyu Rurema Allah, muheze mwubahirize amabwirizwa ari muri Qor’ani no mu nyigisho z’intumwa, ntimuzokurikire ikitari Imana Allah mu bahagarikizi nka shetani n’abandi batwarwa n'ivyipfuzo vyabo, ni gake rero mwibuka ngo mugaruke ku kuri.

4 - Al-A'raf (The Heights) - 004

وَكَم مِّن قَرۡيَةٍ أَهۡلَكۡنَٰهَا فَجَآءَهَا بَأۡسُنَا بَيَٰتًا أَوۡ هُمۡ قَآئِلُونَ
Hari uducimbiri twinshi Twebwe Allah Twahoneje abatubamwo kubera uguhakana no guca kubiri n’Intumwa zacu, baraheza baruhira kumaramara kw’isi n’agasuzuguro mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Muri bo, hari abashikiwe n’ibihano vyacu mu gihe bari baryamye mw’ijoro, hari n’abo vyashikiye mu gihe bari bakitse urubavu baruhutse ku murango[2];
[2] Imana Allah Yavuze canecane ibi bihe bibiri, igihe baryamye mw’ijoro n’igihe baruhutse ku murango, kuko ibihano bishikira umuntu muri ivyo bihe vyo guturura no kuruhuka, bibabaza cane bigatera n'agahinda.

5 - Al-A'raf (The Heights) - 005

فَمَا كَانَ دَعۡوَىٰهُمۡ إِذۡ جَآءَهُم بَأۡسُنَآ إِلَّآ أَن قَالُوٓاْ إِنَّا كُنَّا ظَٰلِمِينَ
Nta co bavuze igihe bashikirwa n’ivyo bihano kiretse ukwemanga bati: “Mu vy’ukuri, twarirenganije mu gucumura, ibihano turabikwiye koko”.

6 - Al-A'raf (The Heights) - 006

فَلَنَسۡـَٔلَنَّ ٱلَّذِينَ أُرۡسِلَ إِلَيۡهِمۡ وَلَنَسۡـَٔلَنَّ ٱلۡمُرۡسَلِينَ
Kubera ivyo rero, ni ukuri Twebwe Allah Tuzobaza imigwi y’abarungikiwe Intumwa, ko yazitabiriye! Ni ukuri, Tuzobaza n’Intumwa nyene, ko zashikirije ubutumwa n’ukuntu zitabiriwe!

7 - Al-A'raf (The Heights) - 007

فَلَنَقُصَّنَّ عَلَيۡهِم بِعِلۡمٖۖ وَمَا كُنَّا غَآئِبِينَ
Tuzoheza rero Tubwire ibiremwa ido n'ido y’ivyo bakoze, Twisunze ubumenyi Dufise ku vyo bakoze vyose mu kwubahiriza amabwirizwa yacu; kira noneho, ntitwigeze Tuba kure yabo mu bihe vyose;

8 - Al-A'raf (The Heights) - 008

وَٱلۡوَزۡنُ يَوۡمَئِذٍ ٱلۡحَقُّۚ فَمَن ثَقُلَتۡ مَوَٰزِينُهُۥ فَأُوْلَـٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡمُفۡلِحُونَ
Ugupimwa kw’ibikorwa vy’ibiremwa ku musi w’izuka, kuzogirwa ku munzane w’ukuri utarenganya namba. Uwo wese rero ibikorwa vyiwe vyiza bizoremera ku munzane, azoba rero ari mu bantu baronse intsinzi y'Ubwami bw'ijuru;

9 - Al-A'raf (The Heights) - 009

وَمَنۡ خَفَّتۡ مَوَٰزِينُهُۥ فَأُوْلَـٰٓئِكَ ٱلَّذِينَ خَسِرُوٓاْ أَنفُسَهُم بِمَا كَانُواْ بِـَٔايَٰتِنَا يَظۡلِمُونَ
Nayo uwo ibikorwa vyiwe vyiza bizoba bihwahutse ku munzane, uyo rero azoba ari mu bantu bahomvye ubuzima bwabo ku kurenga ku mabwirizwa, no guhakana Aayah n'ivyemezo vy’Imana Allah.

10 - Al-A'raf (The Heights) - 010

وَلَقَدۡ مَكَّنَّـٰكُمۡ فِي ٱلۡأَرۡضِ وَجَعَلۡنَا لَكُمۡ فِيهَا مَعَٰيِشَۗ قَلِيلٗا مَّا تَشۡكُرُونَ
Bantu! Ni ukuri, Twarabatsimbataje kw’isi muraturura, Tubaha n’uburyo bwo kubaho mu mfungurwa n’ibinyobwa; hamwe n’ivyo rero, ni gake cane mushima inema z’Imana Allah.

11 - Al-A'raf (The Heights) - 011

وَلَقَدۡ خَلَقۡنَٰكُمۡ ثُمَّ صَوَّرۡنَٰكُمۡ ثُمَّ قُلۡنَا لِلۡمَلَـٰٓئِكَةِ ٱسۡجُدُواْ لِأٓدَمَ فَسَجَدُوٓاْ إِلَّآ إِبۡلِيسَ لَمۡ يَكُن مِّنَ ٱلسَّـٰجِدِينَ
Ni ukuri, Twarabaremeye inkomoko-muntu mu kurema so wanyu Adamu, Turaheza Tubaha n’ishusho ryiwe ryiza mu kurondoka, hanyuma Tubwiriza abamalayika Duti: “Nimwubamire Adamu mumuhe icubahiro kimukwiye”, baraheza baragamburuka baramwubamira bose. Ariko Ibilisi[3] yari asanzwe ari kumwe na bo, ntiyari mu bubamiye Adamu ku kumusharika kuri ico cubahiro ahawe.
[3] Ibilisi, ni izina ry’ikiremwa ca mbere mu majini, ni na co cahavuye kiba inkomoko y’amajini. Mu majini rero, harimwo abemeramana hakabamwo n’abagarariji (amashetani).

12 - Al-A'raf (The Heights) - 012

قَالَ مَا مَنَعَكَ أَلَّا تَسۡجُدَ إِذۡ أَمَرۡتُكَۖ قَالَ أَنَا۠ خَيۡرٞ مِّنۡهُ خَلَقۡتَنِي مِن نَّارٖ وَخَلَقۡتَهُۥ مِن طِينٖ
Imana Allah Yarabajije Ibilisi Iti: “Ni igiki cagutumye utamwubamira kandi Nabigutegetse?”. Ibilisi yarishuye ati: “Jewe ndi intore kumuruta kuko Wandemye mu rubeya, na we Umurema mw’ivu”.

13 - Al-A'raf (The Heights) - 013

قَالَ فَٱهۡبِطۡ مِنۡهَا فَمَا يَكُونُ لَكَ أَن تَتَكَبَّرَ فِيهَا فَٱخۡرُجۡ إِنَّكَ مِنَ ٱلصَّـٰغِرِينَ
Ni ho Imana Allah Yabwira Ibilisi Iti: “Manuka rero uve mu Bwami bw’ijuru, ntukwiye kubugiriramwo amanyama, buvemwo mu vy’ukuri uri mu basuzuguritse”.

14 - Al-A'raf (The Heights) - 014

قَالَ أَنظِرۡنِيٓ إِلَىٰ يَوۡمِ يُبۡعَثُونَ
Ibilisi amaze kwihebura yabwiye Imana Allah ati: “Mpa kuramba rero gushika ku musi w’izuka[4]”.
[4] Sinzohitanwe n’umuhero w’isi kugira nshishikare guhubisha Bene Adamu.

15 - Al-A'raf (The Heights) - 015

قَالَ إِنَّكَ مِنَ ٱلۡمُنظَرِينَ
Imana Allah Yaramwishuye Iti: “Mu vy’ukuri, Ndaguhaye kuramba gushika ku musi w’imperuka, igihe havugijwe inzamba yo guhonya ibiremwa vyose”.

16 - Al-A'raf (The Heights) - 016

قَالَ فَبِمَآ أَغۡوَيۡتَنِي لَأَقۡعُدَنَّ لَهُمۡ صِرَٰطَكَ ٱلۡمُسۡتَقِيمَ
Ibilisi yabandanije ahigira Bene Adamu anaga urutoke avuga ati: “Kubera ko Wampubishije ga Mana! Ni ukuri nzokwita ku rutare mu guhubisha Bene Adamu inzira yawe igororotse y’ubwislamu, ishingiye ku kwemera-ndemanwa.

17 - Al-A'raf (The Heights) - 017

ثُمَّ لَأٓتِيَنَّهُم مِّنۢ بَيۡنِ أَيۡدِيهِمۡ وَمِنۡ خَلۡفِهِمۡ وَعَنۡ أَيۡمَٰنِهِمۡ وَعَن شَمَآئِلِهِمۡۖ وَلَا تَجِدُ أَكۡثَرَهُمۡ شَٰكِرِينَ
Hanyuma ni ukuri, nzobaturuka mu mpande zose; imbere n'inyuma, iburyo n’ibubamfu, mpeze ndabaryohereze ivy’isi, ndabatere amakenga mu kwemera ko hariho ubuzima bw’inyuma yo gupfa, kandi ntuzokwigera Usanga abenshi muri bo bashima inema zawe”.

18 - Al-A'raf (The Heights) - 018

قَالَ ٱخۡرُجۡ مِنۡهَا مَذۡءُومٗا مَّدۡحُورٗاۖ لَّمَن تَبِعَكَ مِنۡهُمۡ لَأَمۡلَأَنَّ جَهَنَّمَ مِنكُمۡ أَجۡمَعِينَ
Imana Allah Yabwiye Ibilisi Iti: “Sohoka uve mu Bwami bw’ijuru ushavuriwe, womowe muri bwo. Ni ukuri, umuriro wa jahannamu Nzowuzuza abazogukurikira muri Bene Adamu, muri kumwe ikivunga”.

19 - Al-A'raf (The Heights) - 019

وَيَـٰٓـَٔادَمُ ٱسۡكُنۡ أَنتَ وَزَوۡجُكَ ٱلۡجَنَّةَ فَكُلَا مِنۡ حَيۡثُ شِئۡتُمَا وَلَا تَقۡرَبَا هَٰذِهِ ٱلشَّجَرَةَ فَتَكُونَا مِنَ ٱلظَّـٰلِمِينَ
Ewe Adamu! Cumbika wewe hamwe n’umukenyezi wawe Hawa mu Bwami bw’ijuru, muheze mufungure aho mushaka mu vyamwa vyabwo. Mugabo rero, ntimuzohirahire kwegera iki giti ngo mufungure ivyamwa vyaco, mwohava muba mu bantu birenganije mu kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah.

20 - Al-A'raf (The Heights) - 020

فَوَسۡوَسَ لَهُمَا ٱلشَّيۡطَٰنُ لِيُبۡدِيَ لَهُمَا مَا وُۥرِيَ عَنۡهُمَا مِن سَوۡءَٰتِهِمَا وَقَالَ مَا نَهَىٰكُمَا رَبُّكُمَا عَنۡ هَٰذِهِ ٱلشَّجَرَةِ إِلَّآ أَن تَكُونَا مَلَكَيۡنِ أَوۡ تَكُونَا مِنَ ٱلۡخَٰلِدِينَ
Ni ho rero shetani yabosha kurenga kw’ibwirizwa ryo kudafungura icamwa ca nya giti, kugira bahanirwe ico gicumuro mu kwambikwa ubusa ubwambure bwabo, butari bwigere bugaragara. Yaboheje avuga ati: “Burya rero Imana yanyu Rurema Allah ntiyababujije gufungura icamwa c’iki giti, atari uko mwohava muba abamalayika, canke mukaba mu bantu bazobaho ibihe bidahera mu Bwami bw’ijuru”.

21 - Al-A'raf (The Heights) - 021

وَقَاسَمَهُمَآ إِنِّي لَكُمَا لَمِنَ ٱلنَّـٰصِحِينَ
Ibilisi yararahiye ararengwa kw’izina ry’Imana Allah ati: “Jewe mu vy’ukuri, ndi mu bahanuzi banyu beza nobagira inama ko mwofungura kuri ico giti”.

22 - Al-A'raf (The Heights) - 022

فَدَلَّىٰهُمَا بِغُرُورٖۚ فَلَمَّا ذَاقَا ٱلشَّجَرَةَ بَدَتۡ لَهُمَا سَوۡءَٰتُهُمَا وَطَفِقَا يَخۡصِفَانِ عَلَيۡهِمَا مِن وَرَقِ ٱلۡجَنَّةِۖ وَنَادَىٰهُمَا رَبُّهُمَآ أَلَمۡ أَنۡهَكُمَا عَن تِلۡكُمَا ٱلشَّجَرَةِ وَأَقُل لَّكُمَآ إِنَّ ٱلشَّيۡطَٰنَ لَكُمَا عَدُوّٞ مُّبِينٞ
Ibilisi yaratumye rero bubahuka ku guhendwa, baraheza barafungura kuri ca giti. Bamaze kugifungurako, ubwambure bwabo bwaciye bugaragara, bashoka batangura guhungurura amababi y’ibiti ngo bayipfukishe ku bwambure[5]. Ni ho rero Imana yabo Rurema Allah Yabahamagara Iti: “Sinababujije gufungura icamwa ca kirya giti, nkanababwira ko mu vy’ukuri shetani ari umwansi wanyu agaragara!”.
[5] Iyi Aayah irerekana ko ukugaragaza ubwambure ari ikintu kibi kinateye isoni, n’uko camye ari ikintu kitarekuwe mu mico kama ya kiremwa-muntu.

23 - Al-A'raf (The Heights) - 023

قَالَا رَبَّنَا ظَلَمۡنَآ أَنفُسَنَا وَإِن لَّمۡ تَغۡفِرۡ لَنَا وَتَرۡحَمۡنَا لَنَكُونَنَّ مِنَ ٱلۡخَٰسِرِينَ
Adamu na Hawa bavuze batakamba bati: “Mana yacu Rurema Allah! Twirenganije mu gufungura kuri kirya giti, nutatugumiriza akabanga Ukatubabarira iki caha twakoze, Ukanatugirira impuhwe, ni ukuri tuzoba turi mu bantu bahomvye ubuzima bwabo[6]”.
[6] Aya rero, ni yo majambo Imana Allah Yeretse Adamu kugira ayasabishe mu kwigaya, Imana Allah na Yo Iraheza Iramubabarira.

24 - Al-A'raf (The Heights) - 024

قَالَ ٱهۡبِطُواْ بَعۡضُكُمۡ لِبَعۡضٍ عَدُوّٞۖ وَلَكُمۡ فِي ٱلۡأَرۡضِ مُسۡتَقَرّٞ وَمَتَٰعٌ إِلَىٰ حِينٖ
Imana Allah Yabwiye Adamu na Hawa hamwe na Ibilisi Iti: “Nimumanuke kw’isi, muzoba abansi hagati yanyu, kw’isi ni ho mufise uburaro n’uburamuko, muzoryoherwa akanya gato gushika umusi w’urupfu rw’umwe wese”.

25 - Al-A'raf (The Heights) - 025

قَالَ فِيهَا تَحۡيَوۡنَ وَفِيهَا تَمُوتُونَ وَمِنۡهَا تُخۡرَجُونَ
Imana Allah Yabwiye Adamu na Hawa Iti: “Kw’isi ni ho muzoba mwebwe n’uruvyaro rwanyu ubuzima bwo kw’isi, ni na ho muzopfira hageze gupfa, ni no mw’isi nyene muzozurwa umusi w’izuka”.

26 - Al-A'raf (The Heights) - 026

يَٰبَنِيٓ ءَادَمَ قَدۡ أَنزَلۡنَا عَلَيۡكُمۡ لِبَاسٗا يُوَٰرِي سَوۡءَٰتِكُمۡ وَرِيشٗاۖ وَلِبَاسُ ٱلتَّقۡوَىٰ ذَٰلِكَ خَيۡرٞۚ ذَٰلِكَ مِنۡ ءَايَٰتِ ٱللَّهِ لَعَلَّهُمۡ يَذَّكَّرُونَ
Emwe Bene Adamu! Ni ukuri, Twarabaremeye inyambarwa zipfuka ubwambure bwanyu[7], n’izindi zo gushaza mukaberwa[8]. Inyambarwa yo gutinya no kugamburukira Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, ni yo nyambarwa ibereye umwemeramana. Ivyo, Imana Allah Yabibatomoreye mu vyemezo vyayo kugira mwibuke inema zayo muheze muyishimire.
[7] Iyi, ni yo nyambarwa itegetswe itegerezwa kwambarwa kuko ipfuka ubwambure kizira kubugaragaza. [8] Iyi na yo, ni inyambarwa yo kurenzako ku gushaza, umwe wese yisunze uburyo afise.

27 - Al-A'raf (The Heights) - 027

يَٰبَنِيٓ ءَادَمَ لَا يَفۡتِنَنَّكُمُ ٱلشَّيۡطَٰنُ كَمَآ أَخۡرَجَ أَبَوَيۡكُم مِّنَ ٱلۡجَنَّةِ يَنزِعُ عَنۡهُمَا لِبَاسَهُمَا لِيُرِيَهُمَا سَوۡءَٰتِهِمَآۚ إِنَّهُۥ يَرَىٰكُمۡ هُوَ وَقَبِيلُهُۥ مِنۡ حَيۡثُ لَا تَرَوۡنَهُمۡۗ إِنَّا جَعَلۡنَا ٱلشَّيَٰطِينَ أَوۡلِيَآءَ لِلَّذِينَ لَا يُؤۡمِنُونَ
Emwe Bene Adamu! Shetani ntikabahende ku kubaryohereza ibicumuro nk’uko yaryohereje ibicumuro abavyeyi banyu Adamu na Hawa, ikabakura mu Bwami bw’ijuru, ikabambura inyambarwa zari zipfutse ubwambure bwabo kugira basigare bari gusa. Mu vy’ukuri, shetani n’uruvyaro rwayo barababona mu gihe mwebwe mutababona, nimubiyubare rero. Mu vy’ukuri, amashetani Twayagize abahagarikizi b’abatemera Imana Allah hamwe n’Intumwa zayo;

28 - Al-A'raf (The Heights) - 028

وَإِذَا فَعَلُواْ فَٰحِشَةٗ قَالُواْ وَجَدۡنَا عَلَيۡهَآ ءَابَآءَنَا وَٱللَّهُ أَمَرَنَا بِهَاۗ قُلۡ إِنَّ ٱللَّهَ لَا يَأۡمُرُ بِٱلۡفَحۡشَآءِۖ أَتَقُولُونَ عَلَى ٱللَّهِ مَا لَا تَعۡلَمُونَ
Iyo bakoze ivyaha bavuga biregura bati: “Ni ryo ragi twarazwe n’abavyeyi bacu, ni ko twasanze bagira. Ni na vyo Imana Allah Yatubwirije”. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Mu vy’ukuri, Imana Allah ntibwiriza gukora ivyaha. Mbega muvuga murementaniriza Imana Allah ivyo mutazi?”.

29 - Al-A'raf (The Heights) - 029

قُلۡ أَمَرَ رَبِّي بِٱلۡقِسۡطِۖ وَأَقِيمُواْ وُجُوهَكُمۡ عِندَ كُلِّ مَسۡجِدٖ وَٱدۡعُوهُ مُخۡلِصِينَ لَهُ ٱلدِّينَۚ كَمَا بَدَأَكُمۡ تَعُودُونَ
Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Imana yanje Rurema Allah Yababwirije gutunganiriza abantu, Ibabwiriza no kuyitumbera muyiyegereza mu vyo mukora vyose munayisenge ari Imwe Rudende aho muzoba muri hose, canecane mu misigiti; ibabwiriza no kuyisaba mweza idini ryayo, mwemera izuka ry’inyuma yo gupfa; nk’uko Yashoboye rero kubarema ubwa mbere, Irashoboye kandi kubazura mukomeye”.

30 - Al-A'raf (The Heights) - 030

فَرِيقًا هَدَىٰ وَفَرِيقًا حَقَّ عَلَيۡهِمُ ٱلضَّلَٰلَةُۚ إِنَّهُمُ ٱتَّخَذُواْ ٱلشَّيَٰطِينَ أَوۡلِيَآءَ مِن دُونِ ٱللَّهِ وَيَحۡسَبُونَ أَنَّهُم مُّهۡتَدُونَ
Imana Allah Yagize mu biremwa imigwi ibiri; umugwi w’abo Yashoboje gutumbera inzira igororotse n’umugwi w’abagiriwe n’ubuhuvyi. Abo rero bagiriwe n’ubuhuvyi, mu vy’ukuri bagize amashetani abahagarikizi, baraheza barayumvira mu gishingo c’Imana Allah ku bujuju bwo kutamenya, bibaza ko batumbereye inzira y’ubugororotsi.

31 - Al-A'raf (The Heights) - 031

۞يَٰبَنِيٓ ءَادَمَ خُذُواْ زِينَتَكُمۡ عِندَ كُلِّ مَسۡجِدٖ وَكُلُواْ وَٱشۡرَبُواْ وَلَا تُسۡرِفُوٓاْۚ إِنَّهُۥ لَا يُحِبُّ ٱلۡمُسۡرِفِينَ
Emwe Bene Adamu! Igihe cose muzoshaka gusenga, murambara inyambarwa zibakwiye, zisukuye, mushaze. Mufungure kandi munywe mu vyiza birekuwe, ariko ntimusesagure mu kurenza urugero. Mu vy’ukuri, Imana Allah ntikunda abasesagura”.

32 - Al-A'raf (The Heights) - 032

قُلۡ مَنۡ حَرَّمَ زِينَةَ ٱللَّهِ ٱلَّتِيٓ أَخۡرَجَ لِعِبَادِهِۦ وَٱلطَّيِّبَٰتِ مِنَ ٱلرِّزۡقِۚ قُلۡ هِيَ لِلَّذِينَ ءَامَنُواْ فِي ٱلۡحَيَوٰةِ ٱلدُّنۡيَا خَالِصَةٗ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِۗ كَذَٰلِكَ نُفَصِّلُ ٱلۡأٓيَٰتِ لِقَوۡمٖ يَعۡلَمُونَ
Ntumwa y’Imana! Baza ababangikanyamana uti: “Ni nde yaziririje ugushaza mu vyambarwa vyiza Imana Allah Yaremeye abaja bayo, akabuza gufungura ivyiza birekuwe mu ngabirano zayo!”. Babwire uti: “Ivyo vyambarwa n’imfungurwa, birekuriwe abemeramana mu buzima bwo kw’isi nk’abandi bose, bikazoba bigenewe abemeramana gusa ku musi w’izuka”. Ni nk’ukwo nyene rero Twebwe Allah Dutomorera Aayah zacu abantu bazi bagatahura ivyo babwirwa.

33 - Al-A'raf (The Heights) - 033

قُلۡ إِنَّمَا حَرَّمَ رَبِّيَ ٱلۡفَوَٰحِشَ مَا ظَهَرَ مِنۡهَا وَمَا بَطَنَ وَٱلۡإِثۡمَ وَٱلۡبَغۡيَ بِغَيۡرِ ٱلۡحَقِّ وَأَن تُشۡرِكُواْ بِٱللَّهِ مَا لَمۡ يُنَزِّلۡ بِهِۦ سُلۡطَٰنٗا وَأَن تَقُولُواْ عَلَى ٱللَّهِ مَا لَا تَعۡلَمُونَ
Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Mu vy’ukuri, Imana Allah Yaziririje gukora ivyaha vy’agahomerabunwa[9], ibikorerwa ku mugaragaro n’ibikorerwa mu mpisho; Inaziririza gukora ibicumuro vy’ubwoko bwose, na canecane ukurenganya abantu, kuko guciye kubiri n’ukuri. Yarongeye Iziririza kandi kubangikanya Imana Allah kuko Itigeze Imanura icemezo kibirekura, hamwe rero no kwomekera ku Mana Allah iziririza n’izirura ry'ibintu mutabifitiye ivyemezo vy’ukuri”.
[9] Nko gusambana kw’umugore n’umugabo canke kw’abasangiye ibitsina, ukwagiriza umuntu ubusambanyi ata cemeza gihari, n’ibindi.

34 - Al-A'raf (The Heights) - 034

وَلِكُلِّ أُمَّةٍ أَجَلٞۖ فَإِذَا جَآءَ أَجَلُهُمۡ لَا يَسۡتَأۡخِرُونَ سَاعَةٗ وَلَا يَسۡتَقۡدِمُونَ
Umugwi wose w’abagarariji urafise isango ryo guhanirwako; igihe c’iryo sango ry’igihano kigeze, uwo mugwi ntuzohabwa irindi sango, eka ntirizonasubizwa inyuma ngo uhanwe hataragera.

35 - Al-A'raf (The Heights) - 035

يَٰبَنِيٓ ءَادَمَ إِمَّا يَأۡتِيَنَّكُمۡ رُسُلٞ مِّنكُمۡ يَقُصُّونَ عَلَيۡكُمۡ ءَايَٰتِي فَمَنِ ٱتَّقَىٰ وَأَصۡلَحَ فَلَا خَوۡفٌ عَلَيۡهِمۡ وَلَا هُمۡ يَحۡزَنُونَ
Emwe Bene Adamu! Nimwashikirwa n’Intumwa zanje zirungitswe muri mwebwe, zibasomera Aayah z’Igitabu canje, zikanabatomorera ivyemezo vyerekana ukuri kw’ivyo zibashikiriza, muraheza muzumvire. Abazokwirinda ishavu ryanje bagatunganya ibikorwa vyabo, ntibazogira ubwoba bwo guhanwa ku musi w’izuka, eka mbere bobo ntibazokwicwa n’intuntu y’ivyo basize kw’isi.

36 - Al-A'raf (The Heights) - 036

وَٱلَّذِينَ كَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِنَا وَٱسۡتَكۡبَرُواْ عَنۡهَآ أُوْلَـٰٓئِكَ أَصۡحَٰبُ ٱلنَّارِۖ هُمۡ فِيهَا خَٰلِدُونَ
Abahakanye bivuye inyuma ivyemezo vyacu vyerekana ko Imana Allah ari Imwe Rudende, bakanagira amanyama mu kuvyirengagiza, abo ni bo bantu rero bo mu muriro, bazowubamwo ibihe bidahera.

37 - Al-A'raf (The Heights) - 037

فَمَنۡ أَظۡلَمُ مِمَّنِ ٱفۡتَرَىٰ عَلَى ٱللَّهِ كَذِبًا أَوۡ كَذَّبَ بِـَٔايَٰتِهِۦٓۚ أُوْلَـٰٓئِكَ يَنَالُهُمۡ نَصِيبُهُم مِّنَ ٱلۡكِتَٰبِۖ حَتَّىٰٓ إِذَا جَآءَتۡهُمۡ رُسُلُنَا يَتَوَفَّوۡنَهُمۡ قَالُوٓاْ أَيۡنَ مَا كُنتُمۡ تَدۡعُونَ مِن دُونِ ٱللَّهِۖ قَالُواْ ضَلُّواْ عَنَّا وَشَهِدُواْ عَلَىٰٓ أَنفُسِهِمۡ أَنَّهُمۡ كَانُواْ كَٰفِرِينَ
Nta n'umwe rero arenganya akimonogoza gusumba uwurementaniriza Imana Allah, canke uwuhakana Aayah zayo! Abo ni bo rero bashikirwa n’amahirwe n’amagorwa kw’isi vyanditswe mu Gitabu c’ivyagezwe n'ishirwa mu ngiro ryavyo “Lawhu Mahfudhw”, gushika igihe bashikiriwe n’Intumwa zacu z’abamalayika bajejwe urupfu[10] kugira zibice, zice zibabaza ziti: “Biri hehe ivyo mwahora musenga mu gishingo c’Imana Allah kugira bibakize intureka z’urupfu?”; bazokwishura bati: “Yoo! Vyamaze kuzimangana”. Muri ico gihe rero, bazoheza bemange ko bahoze kw’isi ari abagarariji mu guhakana bivuye inyuma ko hari Imana Imwe Rudende.
[10] Barongowe na Malaku l-mawti.

38 - Al-A'raf (The Heights) - 038

قَالَ ٱدۡخُلُواْ فِيٓ أُمَمٖ قَدۡ خَلَتۡ مِن قَبۡلِكُم مِّنَ ٱلۡجِنِّ وَٱلۡإِنسِ فِي ٱلنَّارِۖ كُلَّمَا دَخَلَتۡ أُمَّةٞ لَّعَنَتۡ أُخۡتَهَاۖ حَتَّىٰٓ إِذَا ٱدَّارَكُواْ فِيهَا جَمِيعٗا قَالَتۡ أُخۡرَىٰهُمۡ لِأُولَىٰهُمۡ رَبَّنَا هَـٰٓؤُلَآءِ أَضَلُّونَا فَـَٔاتِهِمۡ عَذَابٗا ضِعۡفٗا مِّنَ ٱلنَّارِۖ قَالَ لِكُلّٖ ضِعۡفٞ وَلَٰكِن لَّا تَعۡلَمُونَ
Imana Allah Izobabwira ku musi w’izuka Iti: “Nimwinjire rero mu muriro muri kumwe n’iyindi migwi y’abagarariji b’aho hambere yanyu mu majini n’abantu”. Uko umugwi wose warungikiwe Intumwa winjiye mu muriro, ni ko uzota imiragwe ku wundi mugwi wawuhubishije gushika n’aho imigwi yose ihurira mu muriro. Ni ho rero umugwi wahuvye uzoca usabira ibihano ruhasha umugwi wawuhubishije uti: “Mana yacu Rurema Allah! Aba, ni bo baduhubishije inzira yawe igororotse, kubera ivyo rero, bahe ibihano bigwijwe kenshi”. Imana Allah Izobishura Iti: “Burya umugwi wose muri mwebwe no muri bo, urafise ibihano bigwijwe kenshi, ariko nta vyo muzi”.

39 - Al-A'raf (The Heights) - 039

وَقَالَتۡ أُولَىٰهُمۡ لِأُخۡرَىٰهُمۡ فَمَا كَانَ لَكُمۡ عَلَيۡنَا مِن فَضۡلٖ فَذُوقُواْ ٱلۡعَذَابَ بِمَا كُنتُمۡ تَكۡسِبُونَ
Umugwi w’abahubishije abandi na wo, uzobwira umugwi w’abahubishijwe uti: “Nta butore twabasumvya, twese twari mu buhuvyi butuma duhanwa kumwe”. Imana Allah Izoheza Ibabwire Iti: “Nimuhonje rero ibihano vyo mu muriro wa Jahannamu, bitewe n'ivyaha vy'ivyo mwari mwararondeye kw’isi”.

40 - Al-A'raf (The Heights) - 040

إِنَّ ٱلَّذِينَ كَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِنَا وَٱسۡتَكۡبَرُواْ عَنۡهَا لَا تُفَتَّحُ لَهُمۡ أَبۡوَٰبُ ٱلسَّمَآءِ وَلَا يَدۡخُلُونَ ٱلۡجَنَّةَ حَتَّىٰ يَلِجَ ٱلۡجَمَلُ فِي سَمِّ ٱلۡخِيَاطِۚ وَكَذَٰلِكَ نَجۡزِي ٱلۡمُجۡرِمِينَ
Mu vy’ukuri, abagarariji bahakanye bivuye inyuma Aayah n'ivyemezo vyacu vyerekana isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah, bakanagira amanyama mu kuvyirengagiza, ibikorwa bakoze kw’isi, eka n’imishaha yabo igihe co gupfa, ntibizokwugururirwa imiryango y’ijuru, eka na bo nyene ntibazokwinjira mu Bwami bw’ijuru ingamiya itabanje kwinjira mu ntoboro y’urushinge[11]. Ivyo na vyo bikaba bitoshoboka. Ni nk’ukwo rero Twebwe Allah Duhemba inkozi z’ikibi.
[11] Kurya rero bitoshoboka ko ingamiya yinjira mu ntoboro y’urushinge, ni ko n'abagarariji batokwinjira mu Bwami bw’ijuru.

41 - Al-A'raf (The Heights) - 041

لَهُم مِّن جَهَنَّمَ مِهَادٞ وَمِن فَوۡقِهِمۡ غَوَاشٖۚ وَكَذَٰلِكَ نَجۡزِي ٱلظَّـٰلِمِينَ
Bazokwinjira rero mu muriro wa Jahannamu, ukaba ari na wo bategekanirijwe kuba ubusaswa n’ivyo kwipfuka. Ni nk’ivyo bihano rero Twebwe Allah Duha abirenganya mu kurenga ku mabwirizwa yacu.

42 - Al-A'raf (The Heights) - 042

وَٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّـٰلِحَٰتِ لَا نُكَلِّفُ نَفۡسًا إِلَّا وُسۡعَهَآ أُوْلَـٰٓئِكَ أَصۡحَٰبُ ٱلۡجَنَّةِۖ هُمۡ فِيهَا خَٰلِدُونَ
Abemeye Imana Allah bakanakora n'ivyiza bitegetswe uko bashoboye, kanatsinda Twebwe Allah ntidutegeka umuntu kiretse ivyo ashoboye, abo ni bo bantu rero bo mu Bwami bw’ijuru, bazobubamwo ibihe bidahera.

43 - Al-A'raf (The Heights) - 043

وَنَزَعۡنَا مَا فِي صُدُورِهِم مِّنۡ غِلّٖ تَجۡرِي مِن تَحۡتِهِمُ ٱلۡأَنۡهَٰرُۖ وَقَالُواْ ٱلۡحَمۡدُ لِلَّهِ ٱلَّذِي هَدَىٰنَا لِهَٰذَا وَمَا كُنَّا لِنَهۡتَدِيَ لَوۡلَآ أَنۡ هَدَىٰنَا ٱللَّهُۖ لَقَدۡ جَآءَتۡ رُسُلُ رَبِّنَا بِٱلۡحَقِّۖ وَنُودُوٓاْ أَن تِلۡكُمُ ٱلۡجَنَّةُ أُورِثۡتُمُوهَا بِمَا كُنتُمۡ تَعۡمَلُونَ
Tuzoheza rero Dukure inzigo y’inzikira mu mishaha yabo. Muri ubwo Bwami bw’ijuru, musi y’inyubakwa zabwo hatemba inzuzi. Abari muri bwo bazovuga bashima bati: “Ishimagizwa ni iry’Imana Allah, Yo Yadushoboje gukora ibikorwa vyiza bidushikana ku nema zayo, ntitwari kwishoboza na gato gutumbera inzira igororotse, iyo Imana Allah Itabidushoboza, Ikabidutsimbatazako. Ni ukuri, Intumwa z’Imana yacu Rurema Allah zaje zivugisha ukuri mu vyo zashikirije”. Abemeramana bazoheza bakezwe bahamagarwe bati: “Ubwo, ni bwa Bwami bw’ijuru mwarazwe ku mpuhwe z’Imana Allah ku vyiza mwari mwarakoze kw'isi”.

44 - Al-A'raf (The Heights) - 044

وَنَادَىٰٓ أَصۡحَٰبُ ٱلۡجَنَّةِ أَصۡحَٰبَ ٱلنَّارِ أَن قَدۡ وَجَدۡنَا مَا وَعَدَنَا رَبُّنَا حَقّٗا فَهَلۡ وَجَدتُّم مَّا وَعَدَ رَبُّكُمۡ حَقّٗاۖ قَالُواْ نَعَمۡۚ فَأَذَّنَ مُؤَذِّنُۢ بَيۡنَهُمۡ أَن لَّعۡنَةُ ٱللَّهِ عَلَى ٱلظَّـٰلِمِينَ
Abari mu Bwami bw’ijuru bazoshoka bahamagara abari mu muriro bati: “Burya twasanze impera y’Ubwami bw’ijuru, Imana yacu Rurema Allah Yadusezeraniye ari iy’ukuri. Mbega na mwe mwoba mwasanze impera y’ibihano vyo mu muriro, Imana yanyu Rurema Allah Yabasezeraniye ari iy’ukuri!”. Bazoheza bishure bati: “Ego cane! Twasanze impera Yadusezeraniye ari iy’ukuri”. Ni ho rero hazoca humvikana ijwi ry’umuraritsi riti: “Harakavumwa abirenganije mu kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah!;

45 - Al-A'raf (The Heights) - 045

ٱلَّذِينَ يَصُدُّونَ عَن سَبِيلِ ٱللَّهِ وَيَبۡغُونَهَا عِوَجٗا وَهُم بِٱلۡأٓخِرَةِ كَٰفِرُونَ
Abirengagije gukurikira inzira y’Imana Allah igororotse bakanaburagiza abantu kuyikurikira, bagashaka ko nya nzira idatumbera ukuri, bakanahakana bivuye inyuma ubuzima bw’inyuma yo gupfa".

46 - Al-A'raf (The Heights) - 046

وَبَيۡنَهُمَا حِجَابٞۚ وَعَلَى ٱلۡأَعۡرَافِ رِجَالٞ يَعۡرِفُونَ كُلَّۢا بِسِيمَىٰهُمۡۚ وَنَادَوۡاْ أَصۡحَٰبَ ٱلۡجَنَّةِ أَن سَلَٰمٌ عَلَيۡكُمۡۚ لَمۡ يَدۡخُلُوهَا وَهُمۡ يَطۡمَعُونَ
Hagati y’Ubwami bw’ijuru n’umuriro rero, hazoba hari uruzitiro amahanga rwitwa “A’raaf”. Kuri nya ruzitiro hazoba hari abantu bazitiriwe ng’aho, bazomenyera umwe wese mu bantu bo mu Bwami bw'ijuru canke bo mu muriro, ku bimenyetso bimuranga[12]. Abo bantu rero, ni barya ivyiza n’ibibi vyabo bizoba biri ku rugero rumwe, maze bazitirirwe ng’aho barindiriye impuhwe z’Imana Allah. Bazoheza rero basemerere bahamagara abantu bo mu Bwami bw’ijuru babakeza bati: “Nimugire amahoro”. Muri ico gihe, abari muri nya ruzitiro, ntibazoba barabwinjiramwo, n’aho bazoba bagifise umwizero wo kubwinjiramwo.
[12] Mu bimenyetso vy’abantu bo mu Bwami bw’ijuru, ni nko gusayangana mu maso. Nayo mu bimenyetso vy’abantu bo mu muriro, ni nko kwijirirwa no kwirabura mu maso.

47 - Al-A'raf (The Heights) - 047

۞وَإِذَا صُرِفَتۡ أَبۡصَٰرُهُمۡ تِلۡقَآءَ أَصۡحَٰبِ ٱلنَّارِ قَالُواْ رَبَّنَا لَا تَجۡعَلۡنَا مَعَ ٱلۡقَوۡمِ ٱلظَّـٰلِمِينَ
Bagize ngo barahindukiza amaso amaja ku bantu bari mu muriro, bazovuga batakamba bati: “Mana yacu Rurema Allah! Ntudushire hamwe n’abantu birenganije mu kurenga ku mabwirizwa yawe”,

48 - Al-A'raf (The Heights) - 048

وَنَادَىٰٓ أَصۡحَٰبُ ٱلۡأَعۡرَافِ رِجَالٗا يَعۡرِفُونَهُم بِسِيمَىٰهُمۡ قَالُواْ مَآ أَغۡنَىٰ عَنكُمۡ جَمۡعُكُمۡ وَمَا كُنتُمۡ تَسۡتَكۡبِرُونَ
Abazitiriwe hagati y’Ubwami bw’ijuru n’umuriro, bazoheza bahamagare indongozi z’abagarariji mu muriro, bazozimenyera ku bimenyetso biziranga, bati: “Amatungo mwegeranije, abantu bari babakikije kw’isi, eka n’amanyama yatumye muhonyanga amabwirizwa y’Imana Allah, ivyo vyose nta na kimwe vyabamariye!;

49 - Al-A'raf (The Heights) - 049

أَهَـٰٓؤُلَآءِ ٱلَّذِينَ أَقۡسَمۡتُمۡ لَا يَنَالُهُمُ ٱللَّهُ بِرَحۡمَةٍۚ ٱدۡخُلُواْ ٱلۡجَنَّةَ لَا خَوۡفٌ عَلَيۡكُمۡ وَلَآ أَنتُمۡ تَحۡزَنُونَ
Mbega aba bakene na ba nyarucari bari mu Bwami bw'ijuru, si bo mwarahira mukarengwa mukiri kw’isi; ko Imana Allah Itazokwigera Ibagirira impuhwe ku musi w’izuka, bakinjira mu Bwami bw’ijuru!". Ba bantu bari muri rwa ruzitiro ruri hagati y’Ubwami bw’ijuru n’umuriro rero, bace babwirwa bati: "Nimwinjire mu Bwami bw’ijuru ku mpuhwe z’Imana Allah, ntimugire ubwoba bwo guhanwa kuri uno musi, eka ntimunicwe n’intuntu y’ivyo mwasize kw’isi".

50 - Al-A'raf (The Heights) - 050

وَنَادَىٰٓ أَصۡحَٰبُ ٱلنَّارِ أَصۡحَٰبَ ٱلۡجَنَّةِ أَنۡ أَفِيضُواْ عَلَيۡنَا مِنَ ٱلۡمَآءِ أَوۡ مِمَّا رَزَقَكُمُ ٱللَّهُۚ قَالُوٓاْ إِنَّ ٱللَّهَ حَرَّمَهُمَا عَلَى ٱلۡكَٰفِرِينَ
Abantu bari mu muriro na bo, bazosaba abantu bari mu Bwami bw’ijuru bitabariza ko bobahembura, bati: “Yemwe! Nimudusomye na duke ku mazi, canke muduhembure ku mfungurwa mwaronkejwe n’Imana Allah!”. Bazobishura bati: “Ni ukuri, burya Imana Allah Yaraziririje amazi n’imfungurwa ku bayigararije bagahakana n’Intumwa zayo".

51 - Al-A'raf (The Heights) - 051

ٱلَّذِينَ ٱتَّخَذُواْ دِينَهُمۡ لَهۡوٗا وَلَعِبٗا وَغَرَّتۡهُمُ ٱلۡحَيَوٰةُ ٱلدُّنۡيَاۚ فَٱلۡيَوۡمَ نَنسَىٰهُمۡ كَمَا نَسُواْ لِقَآءَ يَوۡمِهِمۡ هَٰذَا وَمَا كَانُواْ بِـَٔايَٰتِنَا يَجۡحَدُونَ
Abazogorerwa mu buzima bw'inyuma yo gupfa, ni barya bagize idini ry’ubwislamu igikinisho n’ikiyago co guteburirako mu gutyoza no guhakana, bakanahendwa n’ibihendamaso vy’ubuzima bwo kw’isi. Kuri uwo musi rero, Twebwe Allah Tuzobirengagiza mu kubagumiza mu bihano; nka kurya birengagije mu kwibagira gukora ivyiza mu kwitegurira uno musi wabo, hamwe rero n’uko bahakana bivuye inyuma ivyemezo vyacu bakiri kw'isi.

52 - Al-A'raf (The Heights) - 052

وَلَقَدۡ جِئۡنَٰهُم بِكِتَٰبٖ فَصَّلۡنَٰهُ عَلَىٰ عِلۡمٍ هُدٗى وَرَحۡمَةٗ لِّقَوۡمٖ يُؤۡمِنُونَ
Ntumwa y’Imana! Ni ukuri, Twebwe Allah Twarazaniye abagarariji Igitabu ca Qor’ani wahishuriwe, Twatomoye ibiri muri co mu bumenyi buhambaye, kirimwo ubugororotsi n’impuhwe ku bantu bemera Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo.

53 - Al-A'raf (The Heights) - 053

هَلۡ يَنظُرُونَ إِلَّا تَأۡوِيلَهُۥۚ يَوۡمَ يَأۡتِي تَأۡوِيلُهُۥ يَقُولُ ٱلَّذِينَ نَسُوهُ مِن قَبۡلُ قَدۡ جَآءَتۡ رُسُلُ رَبِّنَا بِٱلۡحَقِّ فَهَل لَّنَا مِن شُفَعَآءَ فَيَشۡفَعُواْ لَنَآ أَوۡ نُرَدُّ فَنَعۡمَلَ غَيۡرَ ٱلَّذِي كُنَّا نَعۡمَلُۚ قَدۡ خَسِرُوٓاْ أَنفُسَهُمۡ وَضَلَّ عَنۡهُم مَّا كَانُواْ يَفۡتَرُونَ
Mbega abagarariji boba barindiriye iki kugira bemere, kiretse gushikirwa n’ibihano basezeraniwe muri Qor’ani! Umusi bashikiwe n’ivyo bihano, abirengagije Qor’ani bakanayibagira bakiri kw’isi bazovuga bati: “Ni ukuri, turemeye ko Intumwa z’Imana yacu Rurema Allah zaje zizanye ukuri, ziranaduhanura. Mbega yemwe tworonka hehe abagenzi ngo batuvugire ku Mana Allah ntiduhanwe, canke dusubizwe kandi kw’isi duheze dukore ibitari nk’ivyo twahora dukora bidashimisha Imana Allah!”. Ni ukuri abo barahomvye ubuzima bwabo, bazoruhukira mu muriro, n’ivugirwa baziga ku bigirwamana vyabo nta ryo bazokwigera baronka.

54 - Al-A'raf (The Heights) - 054

إِنَّ رَبَّكُمُ ٱللَّهُ ٱلَّذِي خَلَقَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ فِي سِتَّةِ أَيَّامٖ ثُمَّ ٱسۡتَوَىٰ عَلَى ٱلۡعَرۡشِۖ يُغۡشِي ٱلَّيۡلَ ٱلنَّهَارَ يَطۡلُبُهُۥ حَثِيثٗا وَٱلشَّمۡسَ وَٱلۡقَمَرَ وَٱلنُّجُومَ مُسَخَّرَٰتِۭ بِأَمۡرِهِۦٓۗ أَلَا لَهُ ٱلۡخَلۡقُ وَٱلۡأَمۡرُۗ تَبَارَكَ ٱللَّهُ رَبُّ ٱلۡعَٰلَمِينَ
Bantu! Mu vy’ukuri Imana yanyu Rurema Allah, ni Yo Yaremye amajuru n’isi mu misi itandatu, hanyuma Iraheza Irahangama hejuru y'ibiremwa vyose ku Buhangamo bwayo "Al’Arsh" mu buryo buberanye n'icubahiro cayo, Ituma ijoro rihwikira umurango bugaheza bukira, Igatuma n'umurango uhwikira ijoro bugaheza bugaca; kimwe cose muri ivyo, kigakurikira ikindi bukebuke bikurakuranwa igihe cose. Ni na Yo Yaremye izuba, ukwezi n’inyenyeri, vyose bikaba vyicishije bugufi bigenzwa n’itegeko ryayo, ni n’ivyemezo vyerekana ko Imana Allah Iriho. Bantu nimwumve mwumvireho! Iremwa n’it

Scroll to Top