الأنعام

 

Al-An'am

 

The Cattle

1 - Al-An'am (The Cattle) - 001

ٱلۡحَمۡدُ لِلَّهِ ٱلَّذِي خَلَقَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ وَجَعَلَ ٱلظُّلُمَٰتِ وَٱلنُّورَۖ ثُمَّ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ بِرَبِّهِمۡ يَعۡدِلُونَ
Ishimagizwa ni iry’Imana Allah[1], Yo Yaremye amajuru n’isi n’ibiri muri vyo; Irema n’umuco utuma haba ikurakuranwa ry’ijoro n’umurango. Hamwe n’ivyo biranga ubushobozi n’ububasha bw’Imana Allah, abagararije banganisha Imana Allah n’ibiremwa bakayibangikanya na vyo.
[1] Imana Allah, ni Yo Ikwiye gushimwa ku nema zayo z’ubwoko bwose, iziboneka n’izitaboneka, izishingiye ku kwemera n’izishingiye ku kubeshaho ibiremwa vyose. Kubera ivyo rero, nta kintu na kimwe gikwiye gusengwa hamwe na Yo canke mu gishingo cayo.

2 - Al-An'am (The Cattle) - 002

هُوَ ٱلَّذِي خَلَقَكُم مِّن طِينٖ ثُمَّ قَضَىٰٓ أَجَلٗاۖ وَأَجَلٞ مُّسَمًّى عِندَهُۥۖ ثُمَّ أَنتُمۡ تَمۡتَرُونَ
Ni Yo Yaremye mw’ivu so wanyu mukomokako Adamu, hanyuma Iraheza Irabagenera ikiringo co kubaho kw’isi, n’ikindi kiringo ntarengwa kizwi na Yo gusa co guhona ku musi w’umuhero. Inyuma y’ivyo vyose rero, mukabandanya kugira amakenga ku bushobozi n’ububasha bw’Imana Allah bwo kuzura abapfuye.

3 - Al-An'am (The Cattle) - 003

وَهُوَ ٱللَّهُ فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَفِي ٱلۡأَرۡضِ يَعۡلَمُ سِرَّكُمۡ وَجَهۡرَكُمۡ وَيَعۡلَمُ مَا تَكۡسِبُونَ
Iyo Mana Allah, ni Yo Ikwiye gusengwa mu majuru no mw’isi. ni Yo Izi neza ivyo muhisha n’ivyo mugaragaza vyose, Iranazi n’ivyo mugira vyaba vyiza canke bibi.

4 - Al-An'am (The Cattle) - 004

وَمَا تَأۡتِيهِم مِّنۡ ءَايَةٖ مِّنۡ ءَايَٰتِ رَبِّهِمۡ إِلَّا كَانُواْ عَنۡهَا مُعۡرِضِينَ
Abagarariza Imana Allah ntibashikirwa n’icemezo mu vyemezo vyerekana ko Imana Allah ari Imwe Rudende, n’uko Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ari Intumwa vy’ukuri, kiretse ko batavyemera, baranavyirengagiza;

5 - Al-An'am (The Cattle) - 005

فَقَدۡ كَذَّبُواْ بِٱلۡحَقِّ لَمَّا جَآءَهُمۡ فَسَوۡفَ يَأۡتِيهِمۡ أَنۢبَـٰٓؤُاْ مَا كَانُواْ بِهِۦ يَسۡتَهۡزِءُونَ
Barahakanye bivuye inyuma ukuri igihe bagushikirizwa n’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), baranatebuye kw’irarikiramana ryayo. Kubera ivyo rero, bitebe bitebuke, bazokwibonerako inkurikizi y’ivyo bateburako.

6 - Al-An'am (The Cattle) - 006

أَلَمۡ يَرَوۡاْ كَمۡ أَهۡلَكۡنَا مِن قَبۡلِهِم مِّن قَرۡنٖ مَّكَّنَّـٰهُمۡ فِي ٱلۡأَرۡضِ مَا لَمۡ نُمَكِّن لَّكُمۡ وَأَرۡسَلۡنَا ٱلسَّمَآءَ عَلَيۡهِم مِّدۡرَارٗا وَجَعَلۡنَا ٱلۡأَنۡهَٰرَ تَجۡرِي مِن تَحۡتِهِمۡ فَأَهۡلَكۡنَٰهُم بِذُنُوبِهِمۡ وَأَنشَأۡنَا مِنۢ بَعۡدِهِمۡ قَرۡنًا ءَاخَرِينَ
Mbega ntibamenye inkuru y’imigwi y’abo Twahoneje aho hambere yabo! Twabahaye gutsimbatara no kuramba kw’isi ku buryo mwebwe Tutabahaye gutsimbatara nkabo, Twaranabahaye inema y’imvura yamaho n’inzuzi zitemba musi y’imihana yabo, kugira Tubatenyenyere gato. Bahavuye rero bagarariza inema zacu, baranahakana bivuye inyuma Intumwa zacu, Duca Tubahanira ivyaha vyabo Turabahonya. Mu nyuma y’abo rero, Twahavuye Turungika kw’isi iyindi migwi y’abantu.

7 - Al-An'am (The Cattle) - 007

وَلَوۡ نَزَّلۡنَا عَلَيۡكَ كِتَٰبٗا فِي قِرۡطَاسٖ فَلَمَسُوهُ بِأَيۡدِيهِمۡ لَقَالَ ٱلَّذِينَ كَفَرُوٓاْ إِنۡ هَٰذَآ إِلَّا سِحۡرٞ مُّبِينٞ
Ntumwa y’Imana! N’iyo Tukumanurira Igitabu kiri hamwe kivuye mw’ijuru, canditswe ku mpapuro bakagikorako n’iminwe yabo, abagararije bari kuvuga bati: “Iki si ikindi kiretse ko ari uburozi bweruye”.

8 - Al-An'am (The Cattle) - 008

وَقَالُواْ لَوۡلَآ أُنزِلَ عَلَيۡهِ مَلَكٞۖ وَلَوۡ أَنزَلۡنَا مَلَكٗا لَّقُضِيَ ٱلۡأَمۡرُ ثُمَّ لَا يُنظَرُونَ
Bari no kuvuga bati: “Ubwo Imana ntiyari gupfuma Imumanurira umumalayika avuye mw’ijuru kugira yemeze ko ari Intumwa vy’ukuri, tugaheza tukamwemera!”. Iyo rero Tumanura umumalayika avuye mw’ijuru nk’uko babisavye hanyuma bakagarariza, hari gufatwa ingingo yo kubahonya, ntibari no guhabwa n’akanya na gato ko kwigaya, kuko Imana Allah Irazi mu vyagezwe ko batari kwemera kubera ubugaba bwabo.

9 - Al-An'am (The Cattle) - 009

وَلَوۡ جَعَلۡنَٰهُ مَلَكٗا لَّجَعَلۡنَٰهُ رَجُلٗا وَلَلَبَسۡنَا عَلَيۡهِم مَّا يَلۡبِسُونَ
N’iyo Tuja kubarungikira Intumwa y’umumalayika kuko bagararije ukwemera Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ni ukuri Twari kurungika nya mumalayika mw’ishusho ry’umuntu kugira bashobore kumwumva no kumutahura, kandi naho nyene bari kugira amakenga ku kumwemera nk’uko bayagize ku kwemera Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah).

10 - Al-An'am (The Cattle) - 010

وَلَقَدِ ٱسۡتُهۡزِئَ بِرُسُلٖ مِّن قَبۡلِكَ فَحَاقَ بِٱلَّذِينَ سَخِرُواْ مِنۡهُم مَّا كَانُواْ بِهِۦ يَسۡتَهۡزِءُونَ
Ntumwa y’Imana! Ni ukuri, aho hambere yawe harabaye itebura ku Ntumwa z’Imana (za nyakugira amahoro y’Imana Allah), gushika n’aho abatebura bashikirwa n’ibihano ku vyo bahora bateburako[2].
[2] Abagarariji b’i Makka basavye mu gutebura ko borungikirwa umumalayika kugira bashobore kwemera Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), Imana Allah Ica Iramenyesha Intumwa ko atari bwo bwa mbere abagarariji batebura nk’ukwo.

11 - Al-An'am (The Cattle) - 011

قُلۡ سِيرُواْ فِي ٱلۡأَرۡضِ ثُمَّ ٱنظُرُواْ كَيۡفَ كَانَ عَٰقِبَةُ ٱلۡمُكَذِّبِينَ
Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Nimugendagende irya n’ino kw’isi, hanyuma mwirabire iherezo ry’abahakanyi uko ryagenze, muheze mwiyubare ko mwoshikirwa n’ivyabashikiye”.

12 - Al-An'am (The Cattle) - 012

قُل لِّمَن مَّا فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۖ قُل لِّلَّهِۚ كَتَبَ عَلَىٰ نَفۡسِهِ ٱلرَّحۡمَةَۚ لَيَجۡمَعَنَّكُمۡ إِلَىٰ يَوۡمِ ٱلۡقِيَٰمَةِ لَا رَيۡبَ فِيهِۚ ٱلَّذِينَ خَسِرُوٓاْ أَنفُسَهُمۡ فَهُمۡ لَا يُؤۡمِنُونَ
Ntumwa y’Imana! Baza ababangikanyamana uti: “Mbega ibiri mu majuru no mw’isi, ni nde Mugabe wavyo?”. Babwire uti: “Vyose nk’uko mubizi mukanavyemanga, ni ivy’Imana Allah, ni Yo Mugabe wavyo. Nimuyiyegereze rero mu vyo mukora vyose munayisenge mutayibangikanya”. Imana Allah Yaramaze kwiyemeza kugira impuhwe, ntiyihutira guhana ibiremwa. Ni ukuri rero, Izobegeraniriza hamwe ku musi w’izuka ata makenga ko utegerezwa gushika, kugira Ihembe umwe wese ku co yakoze. Ababangikanyamana rero, ni bo bazotahira agahombo kuko batemera Imana Allah, batanemera n’Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah).

13 - Al-An'am (The Cattle) - 013

۞وَلَهُۥ مَا سَكَنَ فِي ٱلَّيۡلِ وَٱلنَّهَارِۚ وَهُوَ ٱلسَّمِيعُ ٱلۡعَلِيمُ
Imana Allah, ni Yo Mugabe w’ibiri mu majuru no mw’isi, ibitururuye mw’ijoro n’ibigendagenda ku murango, ibihishije n’ibiboneka, vyose ni ibiremwa vyayo. Ni na Yo rero Nyenukwumva, Irumva ibivugwa n’ibiremwa; Nyenubumenyikurivyose, Irazi ivyo bikora n’ivyo bihishije mu mutima.

14 - Al-An'am (The Cattle) - 014

قُلۡ أَغَيۡرَ ٱللَّهِ أَتَّخِذُ وَلِيّٗا فَاطِرِ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَهُوَ يُطۡعِمُ وَلَا يُطۡعَمُۗ قُلۡ إِنِّيٓ أُمِرۡتُ أَنۡ أَكُونَ أَوَّلَ مَنۡ أَسۡلَمَۖ وَلَا تَكُونَنَّ مِنَ ٱلۡمُشۡرِكِينَ
Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Mbega yemwe! Bishoboka gute ko nogira ikitari Imana Allah umuhagarikizi n’umutabazi wanje, kandi ari Yo Rutanguzandemo Yaremye amajuru n’isi n’ibiri muri vyo, Ikaba ari na Yo Ibeshejeho ibiremwa vyayo, Itanakeneye ivyo biyikeneyeko mu kubaho kwavyo!”. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Jewe mu vy’ukuri, nategetswe ko noba uwa mbere mu bo narungitsweko yicisha bugufi mu kwiyegereza Imana Allah mu vyo nkora vyose”. Ntumwa y’Imana! Ntukabe rero mu babangikanyamana.

15 - Al-An'am (The Cattle) - 015

قُلۡ إِنِّيٓ أَخَافُ إِنۡ عَصَيۡتُ رَبِّي عَذَابَ يَوۡمٍ عَظِيمٖ
Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Jewe mu vy’ukuri, mu gihe nogabitanya ku Mana yanje Rurema Allah mu kuyibangikanya, ndatinya ko Yompana ku musi uhambaye w’izuka;

16 - Al-An'am (The Cattle) - 016

مَّن يُصۡرَفۡ عَنۡهُ يَوۡمَئِذٖ فَقَدۡ رَحِمَهُۥۚ وَذَٰلِكَ ٱلۡفَوۡزُ ٱلۡمُبِينُ
Kuri uwo musi, uwo Imana Allah Izokingira ibihano, ni ukuri Izoba Yamaze kumugirira impuhwe, kandi rero iyo ni yo ntsinzi ihambaye”.

17 - Al-An'am (The Cattle) - 017

وَإِن يَمۡسَسۡكَ ٱللَّهُ بِضُرّٖ فَلَا كَاشِفَ لَهُۥٓ إِلَّا هُوَۖ وَإِن يَمۡسَسۡكَ بِخَيۡرٖ فَهُوَ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٖ قَدِيرٞ
Muntu! Igihe Imana Allah Yogutera amagorwa y’ubukene canke y’indwara, nta n’umwe yoyagukuramwo kiretse Yo; no mu gihe Yogutera iteka ry’ubutunzi canke ryo kuroranirwa n’amagara, nta n’umwe mu biremwa yokwambura nya teka. Burya rero Imana Allah ni Yo Mushoboravyose;

18 - Al-An'am (The Cattle) - 018

وَهُوَ ٱلۡقَاهِرُ فَوۡقَ عِبَادِهِۦۚ وَهُوَ ٱلۡحَكِيمُ ٱلۡخَبِيرُ
Ni na Yo Nyeninkomezi, Iganza ibiremwa vyose, ni na Yo Ntungane rero mu vyo Ikora, Muhetuziwavyose.

19 - Al-An'am (The Cattle) - 019

قُلۡ أَيُّ شَيۡءٍ أَكۡبَرُ شَهَٰدَةٗۖ قُلِ ٱللَّهُۖ شَهِيدُۢ بَيۡنِي وَبَيۡنَكُمۡۚ وَأُوحِيَ إِلَيَّ هَٰذَا ٱلۡقُرۡءَانُ لِأُنذِرَكُم بِهِۦ وَمَنۢ بَلَغَۚ أَئِنَّكُمۡ لَتَشۡهَدُونَ أَنَّ مَعَ ٱللَّهِ ءَالِهَةً أُخۡرَىٰۚ قُل لَّآ أَشۡهَدُۚ قُلۡ إِنَّمَا هُوَ إِلَٰهٞ وَٰحِدٞ وَإِنَّنِي بَرِيٓءٞ مِّمَّا تُشۡرِكُونَ
Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Ni igiki coba icabona gihambaye cemeza ko ndi Intumwa y’Imana vy’ukuri!”. Nibatakwishura, uraca ubabwira uti: “Imana Allah ni co Cabona hagati yanje na mwe Cemeza ko ndi Intumwa, Kikanamenya neza n’ivyo muvuga. Yaranampishuriye Qor’ani kugira ndabagabishe ntimuzohanwe, nongere ngabishe n’imigwi y’abantu izoshikirwa na Qor’ani uko izogenda ikurakuranwa kw’isi. Mbega mwokwemanga mu vy’ukuri ko hariho izindi mana zibangikanije n’Imana Allah!”. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Jewe singiye kuba icabona ku vyo mwemanze”. Babwire uti: “Ni ukuri Allah ni Imana Imwe Rudende. Kandi jewe mu vy’ukuri, nditandukanije n’ivyo muyibangikanya vyose”.

20 - Al-An'am (The Cattle) - 020

ٱلَّذِينَ ءَاتَيۡنَٰهُمُ ٱلۡكِتَٰبَ يَعۡرِفُونَهُۥ كَمَا يَعۡرِفُونَ أَبۡنَآءَهُمُۘ ٱلَّذِينَ خَسِرُوٓاْ أَنفُسَهُمۡ فَهُمۡ لَا يُؤۡمِنُونَ
Abo Twahaye Igitabu (mu bayahudi n’abanaswara), barazi neza na neza ibiranga Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), vyotuma batamwihendako mu vyanditswe mu Bitabu vyabo; nka kurya bazi neza na neza ata kwitiranya abana babo; abatwawe n’ivyipfuzo vyabo muri bo, ni bo bazotahira agahombo gatewe no kutemera Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) n’ivyo yigishije.

21 - Al-An'am (The Cattle) - 021

وَمَنۡ أَظۡلَمُ مِمَّنِ ٱفۡتَرَىٰ عَلَى ٱللَّهِ كَذِبًا أَوۡ كَذَّبَ بِـَٔايَٰتِهِۦٓۚ إِنَّهُۥ لَا يُفۡلِحُ ٱلظَّـٰلِمُونَ
Nta n'umwe arenganya akimonogoza gusumba uwurementaniriza Imana Allah ko Ifise ababangikanywa na Yo mu gusengwa, canke ko Ifise umwana canke umugore, canke agahakana yivuye inyuma Aayah n’ivyemezo vyayo vyerekana ukuri kw’Intumwa zayo! Mu vy’ukuri, abirenganya mu kubeshera Imana Allah, ntibazokwigera baronka intsinzi kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa,

22 - Al-An'am (The Cattle) - 022

وَيَوۡمَ نَحۡشُرُهُمۡ جَمِيعٗا ثُمَّ نَقُولُ لِلَّذِينَ أَشۡرَكُوٓاْ أَيۡنَ شُرَكَآؤُكُمُ ٱلَّذِينَ كُنتُمۡ تَزۡعُمُونَ
Nibiyubare rero umusi Twabegeranirije hamwe, hanyuma Tukabaza ababangikanyamana Duti: “Biri hehe ibigirwamana vyanyu mwahora mwibwira ko bibangikanije n’Imana Allah, ngo biheze bibavugire!”;

23 - Al-An'am (The Cattle) - 023

ثُمَّ لَمۡ تَكُن فِتۡنَتُهُمۡ إِلَّآ أَن قَالُواْ وَٱللَّهِ رَبِّنَا مَا كُنَّا مُشۡرِكِينَ
Inyuma y’aho rero, nta n’inyishu bazoronka kuri iryo geragezwa ryo kubazwa, kiretse ko bazorahira bakarengwa bavuga bati: “Turarahiye kw’Izina ry’Imana yacu Rurema Allah! Ntitwigeze tubangikanya Imana Allah!”.

24 - Al-An'am (The Cattle) - 024

ٱنظُرۡ كَيۡفَ كَذَبُواْ عَلَىٰٓ أَنفُسِهِمۡۚ وَضَلَّ عَنۡهُم مَّا كَانُواْ يَفۡتَرُونَ
Ntumwa y’Imana! Ehe raba ukuntu bihenda, bakazokwihakana ibangikanyamana ku musi w’izuka, eka n’ivugirwa baziga ku bigirwamana vyabo nta ryo bazokwigera baronka.

25 - Al-An'am (The Cattle) - 025

وَمِنۡهُم مَّن يَسۡتَمِعُ إِلَيۡكَۖ وَجَعَلۡنَا عَلَىٰ قُلُوبِهِمۡ أَكِنَّةً أَن يَفۡقَهُوهُ وَفِيٓ ءَاذَانِهِمۡ وَقۡرٗاۚ وَإِن يَرَوۡاْ كُلَّ ءَايَةٖ لَّا يُؤۡمِنُواْ بِهَاۖ حَتَّىٰٓ إِذَا جَآءُوكَ يُجَٰدِلُونَكَ يَقُولُ ٱلَّذِينَ كَفَرُوٓاْ إِنۡ هَٰذَآ إِلَّآ أَسَٰطِيرُ ٱلۡأَوَّلِينَ
Mu babangikanyamana, harimwo abakwumviriza usoma Qor’ani ariko ntibanyurwe. Biturutse ku gutwarwa n’ivyipfuzo vyabo rero, Twarasibanganije imitima yabo, icika agatimatare, ntibaheza ngo banyurwe na Qor’ani; Twaranabazivye n'amatwi yabo ntibumva ukuri kuri muri yo ngo bagukurikire. N’iyo babonye ivyemezo vyerekana ko Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ari Intumwa y’ukuri, ntibavyemera; bamara kuza kuguhaririza ku vyo batumva, abagararije nya vyemezo bakabwirana hagati yabo bati: “Ivyo twumva, si ibindi kiretse ko ari imigani n’ibitito vy’ab’aho hambere ata kuri kurimwo”,

26 - Al-An'am (The Cattle) - 026

وَهُمۡ يَنۡهَوۡنَ عَنۡهُ وَيَنۡـَٔوۡنَ عَنۡهُۖ وَإِن يُهۡلِكُونَ إِلَّآ أَنفُسَهُمۡ وَمَا يَشۡعُرُونَ
Baranaburagiza abantu kwumviriza no gukurikira Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), kandi na bo nyene bakigira kure yayo. Nta n’uwo rero bazohonya kiretse ukwihonya bo bonyene ata vyo bazi.

27 - Al-An'am (The Cattle) - 027

وَلَوۡ تَرَىٰٓ إِذۡ وُقِفُواْ عَلَى ٱلنَّارِ فَقَالُواْ يَٰلَيۡتَنَا نُرَدُّ وَلَا نُكَذِّبَ بِـَٔايَٰتِ رَبِّنَا وَنَكُونَ مِنَ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ
Ntumwa y’Imana! Iyo uba wobona ukuntu ababangikanyamana bazoba bamerewe ku musi w’izuka, wobonye igitangaza giteye ubwoba, igihe bakwegewe hambavu y’umuriro bakawubona imbona nkubone, hanyuma bakavuga bicuza n’akantu bati: “Amagorwa arama! Ese Twopfuma dusubizwa mu buzima bwo kw’isi, tukisubirako ntiduhakane Aayah n’ivyemezo vy’Imana yacu Rurema Allah, tugaheza tukaba mu bemeramana!”.

28 - Al-An'am (The Cattle) - 028

بَلۡ بَدَا لَهُم مَّا كَانُواْ يُخۡفُونَ مِن قَبۡلُۖ وَلَوۡ رُدُّواْ لَعَادُواْ لِمَا نُهُواْ عَنۡهُ وَإِنَّهُمۡ لَكَٰذِبُونَ
Si nk’ukwo bicuza bavuga! Ahubwo ku musi w’izuka bazotomokerwa n’ukuri bahora banyegeza ku mutima bakiri kw’isi, ko Intumwa z’Imana zari iz’ukuri, n’aho batagaragariza nya kuri ababumvira bakabakurikira. Hamwe vyoshika bagasubizwa mu buzima bwo kw’isi bakabaho, ni ukuri bosubiye mu bugarariji no mu buhakanyi. Mu vy’ukuri, ukwicuza kwabo kuzoba ari uruhendo gusa.

29 - Al-An'am (The Cattle) - 029

وَقَالُوٓاْ إِنۡ هِيَ إِلَّا حَيَاتُنَا ٱلدُّنۡيَا وَمَا نَحۡنُ بِمَبۡعُوثِينَ
Bavuze bahakana bivuye inyuma izuka ry’ibiremwa bati: “Nta buzima bubaho kiretse ubuzima tubayemwo kw’isi! Kira noneho, ntituzonazuka nitwamara gupfa”.

30 - Al-An'am (The Cattle) - 030

وَلَوۡ تَرَىٰٓ إِذۡ وُقِفُواْ عَلَىٰ رَبِّهِمۡۚ قَالَ أَلَيۡسَ هَٰذَا بِٱلۡحَقِّۚ قَالُواْ بَلَىٰ وَرَبِّنَاۚ قَالَ فَذُوقُواْ ٱلۡعَذَابَ بِمَا كُنتُمۡ تَكۡفُرُونَ
Ntumwa y’Imana! Iyo uba wobona ukuntu abahakana umuhero w’isi n’izuka ry’ibiremwa bazoba bamerewe, igihe bahagaritswe ku musi w’izuka imbere y’Imana yabo Rurema Allah, wobonye igitangaza giteye ubwoba, igihe Imana Allah Yababajije Iti: “Iri zuka mwahora muhakana, si iry’ukuri!”. Bazokwishura bateterewe bati: “Ego cane! Ni iry’ukuri Mana yacu Rurema!”. Imana Allah Izobabwira Iti: “Nimuhonje rero ibihano bitewe n’ivyo mwahora mugarariza kw’isi”.

31 - Al-An'am (The Cattle) - 031

قَدۡ خَسِرَ ٱلَّذِينَ كَذَّبُواْ بِلِقَآءِ ٱللَّهِۖ حَتَّىٰٓ إِذَا جَآءَتۡهُمُ ٱلسَّاعَةُ بَغۡتَةٗ قَالُواْ يَٰحَسۡرَتَنَا عَلَىٰ مَا فَرَّطۡنَا فِيهَا وَهُمۡ يَحۡمِلُونَ أَوۡزَارَهُمۡ عَلَىٰ ظُهُورِهِمۡۚ أَلَا سَآءَ مَا يَزِرُونَ
Ni ukuri, abahakanye bivuye inyuma ko bazohura n’Imana Allah igihe bazutse, baraguye mu gahombo mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Igihe rero bashikiwe giturumbuka n’umuhero w’isi, bazokwicuza bavuga bati: “Ese agahombo tubonye ku vyo twirengagije gukora tukiri kw’isi!”. Bazoheza rero biremeke ku mugongo umutwaro w’ibicumuro vyabo. Emwee! Umutwaro bazokwiremeka, uzoba uremereye kubi.

32 - Al-An'am (The Cattle) - 032

وَمَا ٱلۡحَيَوٰةُ ٱلدُّنۡيَآ إِلَّا لَعِبٞ وَلَهۡوٞۖ وَلَلدَّارُ ٱلۡأٓخِرَةُ خَيۡرٞ لِّلَّذِينَ يَتَّقُونَۚ أَفَلَا تَعۡقِلُونَ
Ubuzima bwo kw’isi kenshi na kenshi si ikindi kiretse ko ari ubufyinyi n’ubusamazi biterwa n’ibihendamaso vyayo. Ugukora ivyiza bitegetswe vyungura umuntu mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ni vyo vyiza cane ku batinya Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo. Mbega bantu muhendwa n’ivy’isi! Ntimwogarura ubwenge ngo mutahure ko indishi iri ku Mana Allah ibarutira amaronko y’isi!

33 - Al-An'am (The Cattle) - 033

قَدۡ نَعۡلَمُ إِنَّهُۥ لَيَحۡزُنُكَ ٱلَّذِي يَقُولُونَۖ فَإِنَّهُمۡ لَا يُكَذِّبُونَكَ وَلَٰكِنَّ ٱلظَّـٰلِمِينَ بِـَٔايَٰتِ ٱللَّهِ يَجۡحَدُونَ
Ntumwa y’Imana! Burya Twebwe Allah Turazi neza ko wishwe n’intuntu itewe n’igarariza rigirwa n’abantu warungitsweko. Mu vy’ukuri, si wewe bagarariza kuko mu mitima yabo barazi ko uri Intumwa y’ukuri, ariko rero ku kubera akarenganyo n’urwanko, bagarariza Aayah n’ivyemezo bigaragara vyerekana ko uri Intumwa y’ukuri.

34 - Al-An'am (The Cattle) - 034

وَلَقَدۡ كُذِّبَتۡ رُسُلٞ مِّن قَبۡلِكَ فَصَبَرُواْ عَلَىٰ مَا كُذِّبُواْ وَأُوذُواْ حَتَّىٰٓ أَتَىٰهُمۡ نَصۡرُنَاۚ وَلَا مُبَدِّلَ لِكَلِمَٰتِ ٱللَّهِۚ وَلَقَدۡ جَآءَكَ مِن نَّبَإِيْ ٱلۡمُرۡسَلِينَ
Ntumwa y’Imana! Humura si wewe ubaye uwa mbere ugararijwe. Ni ukuri, Intumwa z’Imana zaragararijwe aho hambere yawe ziranabangamirwa, maze zirihanganira igararizwa n’ibangamirwa zagiriwe, ziraheza zirashishikara ishikirizabutumwa gushika aho zigera ku ntsinzi yacu Twebwe Allah. Nta wushobora guhindura amajambo y’Imana Allah Yahishuriye Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’Impuhwe z’Imana Allah), Iyisezeranira gutsinda abayirwanya. Ntumwa y’Imana! Waramaze gushikirwa n’inkuru y’intsinzi y’Intumwa zarungitswe hambere yawe[3].
[3] Iyi Aayah irahoza igaha n’umwizero w’intsinzi Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’Impuhwe z’Imana Allah).

35 - Al-An'am (The Cattle) - 035

وَإِن كَانَ كَبُرَ عَلَيۡكَ إِعۡرَاضُهُمۡ فَإِنِ ٱسۡتَطَعۡتَ أَن تَبۡتَغِيَ نَفَقٗا فِي ٱلۡأَرۡضِ أَوۡ سُلَّمٗا فِي ٱلسَّمَآءِ فَتَأۡتِيَهُم بِـَٔايَةٖۚ وَلَوۡ شَآءَ ٱللَّهُ لَجَمَعَهُمۡ عَلَى ٱلۡهُدَىٰۚ فَلَا تَكُونَنَّ مِنَ ٱلۡجَٰهِلِينَ
Ntumwa y’Imana! Niwaremerwa n’igarariza ryabo ryo kutakwumvira, uraheza wihangane. Usangwa ushobora guca inzira ica mu kuzimu, canke ukurira ingazi igushikana mw’ijuru, maze ukabazanira icemezo cerekana ukuri ku vyo ushikiriza, kitari mu vyo Twaguhishuriye, urakizana. Iyo rero Imana Allah Ishaka, Yari kubashoboza bose kuba abagororotsi, ariko rero ntiyabigize ukwo ku mvo zizwi gusa na Yo. Kubera ivyo rero, ntukabe mu bantu badatahura Imana Allah, bicwa n’intuntu bakihebura.

36 - Al-An'am (The Cattle) - 036

۞إِنَّمَا يَسۡتَجِيبُ ٱلَّذِينَ يَسۡمَعُونَۘ وَٱلۡمَوۡتَىٰ يَبۡعَثُهُمُ ٱللَّهُ ثُمَّ إِلَيۡهِ يُرۡجَعُونَ
Ni ukuri, abakwumvira bakagukurikira, ni abumviriza amajambo y’Imana Allah ku mvo zo kuyemera. Nayo abagarariji baharurwa mu bapfuye, kuko ubuzima nya bwo ni ubushingiye ku bwislamu butuma umuntu yicisha bugufi ku Mana Allah. Burya rero abapfuye, Imana Allah Izobazura hanyuma basubire kuri Yo ku musi w’izuka, kugira Ibaharurire Inabahembere ivyo bakoze.

37 - Al-An'am (The Cattle) - 037

وَقَالُواْ لَوۡلَا نُزِّلَ عَلَيۡهِ ءَايَةٞ مِّن رَّبِّهِۦۚ قُلۡ إِنَّ ٱللَّهَ قَادِرٌ عَلَىٰٓ أَن يُنَزِّلَ ءَايَةٗ وَلَٰكِنَّ أَكۡثَرَهُمۡ لَا يَعۡلَمُونَ
Ababangikanyamana bavuze ku kagagazo bati: “Muhamadi ntiyari gupfuma amanurirwa n’Imana yiwe Rurema Allah igitangaro gifadika cemeza ukuri kwiwe; nk’inkoni yahawe Musa, canke ingamiya yururukirijwe Swalehe!”. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Mu vy’ukuri, Imana Allah Irashoboye kubamanunira icemezo gifadika, ariko rero abenshi muri bo, ntibazi ko imanurwa ry’ivyemezo bifadika riba ku mvo zigenwa gusa n’Imana Allah”.

38 - Al-An'am (The Cattle) - 038

وَمَا مِن دَآبَّةٖ فِي ٱلۡأَرۡضِ وَلَا طَـٰٓئِرٖ يَطِيرُ بِجَنَاحَيۡهِ إِلَّآ أُمَمٌ أَمۡثَالُكُمۚ مَّا فَرَّطۡنَا فِي ٱلۡكِتَٰبِ مِن شَيۡءٖۚ ثُمَّ إِلَىٰ رَبِّهِمۡ يُحۡشَرُونَ
Nta kiremwa na kimwe kigendagenda mw’isi, eka nta n’ikiguruka n’amababa mu kirere, kiretse ko vyose vyaremwe mu migwi hari ico bihuriyeko mu ndemo nkamwe. Burya nta na kimwe Twaretse ngo Twirengagize kucandika ku Rubaho rubungabunzwe “Lawhu Mahfuudhw”. Hanyuma ibiremwa vyose ku musi w’izuka, bizokwegeranirizwa hamwe ku Mana yavyo Rurema Allah, kugira Ihembe kimwe cose ku co cakoze.

39 - Al-An'am (The Cattle) - 039

وَٱلَّذِينَ كَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِنَا صُمّٞ وَبُكۡمٞ فِي ٱلظُّلُمَٰتِۗ مَن يَشَإِ ٱللَّهُ يُضۡلِلۡهُ وَمَن يَشَأۡ يَجۡعَلۡهُ عَلَىٰ صِرَٰطٖ مُّسۡتَقِيمٖ
Abagararije mu guhakana bivuye inyuma Aayah n’ivyemezo vyacu Twebwe Allah, ni ba nyamuragi; ntibumva icobagirira akamaro, ntibavuga ukuri, bari mu muzimagiza w’ubuhuvyi, ntibanashoboye guhitamwo inzira y’ubugororotsi. Uwo Imana Allah Ishatse guhuvya ku butumva bwiwe, Iramuhuvya; n’uwo Ishatse kurongora ku bugamburutsi bwiwe, Imushira mu nzira igororotse.

40 - Al-An'am (The Cattle) - 040

قُلۡ أَرَءَيۡتَكُمۡ إِنۡ أَتَىٰكُمۡ عَذَابُ ٱللَّهِ أَوۡ أَتَتۡكُمُ ٱلسَّاعَةُ أَغَيۡرَ ٱللَّهِ تَدۡعُونَ إِن كُنتُمۡ صَٰدِقِينَ
Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Nimumbwire igihe mwoshikirwa n’ibihano vy’Imana Allah mukiri kw’isi, canke mu gihe mwoshikirwa n’umusi w’izuka, aho nyene mwombwira ko mwosaba ikitari Imana Allah, kugira kibakize intureka zabashikiye nimwaba muri imvugakuri ko ibigirwamana musenga hari ico bishoboye!”;

41 - Al-An'am (The Cattle) - 041

بَلۡ إِيَّاهُ تَدۡعُونَ فَيَكۡشِفُ مَا تَدۡعُونَ إِلَيۡهِ إِن شَآءَ وَتَنسَوۡنَ مَا تُشۡرِكُونَ
Ahubwo nyabuna muri ico gihe, mwosaba gusa Imana Allah muyambaza ko Ibakiza intureka zabashikiye, mu gihe Yobishaka kuko ari Yo Mushoboravyose, mugashoka mwibagira ivyo muyibangikanya ko vyigeze kubaho!.

42 - Al-An'am (The Cattle) - 042

وَلَقَدۡ أَرۡسَلۡنَآ إِلَىٰٓ أُمَمٖ مِّن قَبۡلِكَ فَأَخَذۡنَٰهُم بِٱلۡبَأۡسَآءِ وَٱلضَّرَّآءِ لَعَلَّهُمۡ يَتَضَرَّعُونَ
Ni ukuri, Twebwe Allah Twararungikiye imigwi y’abantu b’aho hambere yawe, Intumwa ziyirarikira kwumvira Imana Allah, maze irazihakana yivuye inyuma, Duca Turayigerageza mu kuyitera ubukene n’ivyago hamwe n’indwara n’amaganya, kugira itakambe yicishe bugufi ku Mana Allah.

43 - Al-An'am (The Cattle) - 043

فَلَوۡلَآ إِذۡ جَآءَهُم بَأۡسُنَا تَضَرَّعُواْ وَلَٰكِن قَسَتۡ قُلُوبُهُمۡ وَزَيَّنَ لَهُمُ ٱلشَّيۡطَٰنُ مَا كَانُواْ يَعۡمَلُونَ
Iyo migwi y’abantu ico gihe ishikirwa n’igeragezwa ryacu, ese iyo ipfuma itakamba ikicisha bugufi ku Mana Allah! Ariko ntiyigeze ibikora, imitima yayo yarakomantaye icika nk’ibuye ry’urutare ntiyumva, shetani na yo iraheza iyiryohereza ivyaha n’ibangikanyamana yahora igira.

44 - Al-An'am (The Cattle) - 044

فَلَمَّا نَسُواْ مَا ذُكِّرُواْ بِهِۦ فَتَحۡنَا عَلَيۡهِمۡ أَبۡوَٰبَ كُلِّ شَيۡءٍ حَتَّىٰٓ إِذَا فَرِحُواْ بِمَآ أُوتُوٓاْ أَخَذۡنَٰهُم بَغۡتَةٗ فَإِذَا هُم مُّبۡلِسُونَ
Igihe rero iyo migwi y’abantu irekeye kwicisha bugufi, ikirengagiza no kwubahiriza amabwirizwa y’Imana Allah, Twarayugururiye imiryango yose y’ibiyibeshaho kugira irendegere mu bwononyi, iraheza ibaho yorohewe, iranagira amagara meza ahimbaye gushika aho yishimira ivyo Twayironkeje, Duca Turayihana giturumbuka, iricuza, irihebura.

45 - Al-An'am (The Cattle) - 045

فَقُطِعَ دَابِرُ ٱلۡقَوۡمِ ٱلَّذِينَ ظَلَمُواْۚ وَٱلۡحَمۡدُ لِلَّهِ رَبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ
Ni ho rero Imana Allah Yahonya abantu birenganya mu kugarariza Imana Allah n’Intumwa zayo. Nihashimagizwe rero Imana Allah, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose, Itabara abatoni bayo, Igahonya abansi bayo.

46 - Al-An'am (The Cattle) - 046

قُلۡ أَرَءَيۡتُمۡ إِنۡ أَخَذَ ٱللَّهُ سَمۡعَكُمۡ وَأَبۡصَٰرَكُمۡ وَخَتَمَ عَلَىٰ قُلُوبِكُم مَّنۡ إِلَٰهٌ غَيۡرُ ٱللَّهِ يَأۡتِيكُم بِهِۗ ٱنظُرۡ كَيۡفَ نُصَرِّفُ ٱلۡأٓيَٰتِ ثُمَّ هُمۡ يَصۡدِفُونَ
Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Nimumbwire mu gihe Imana Allah Yobaka ubushobozi bwo kwumva mukaba ba nyamuragi; Ikabaka n’ubushobozi bwo kubona mukaba impumyi; Ikanatera ikimangu ku mitima yanyu mukaba intumva, ni iyihe mana yindi atari Imana Allah yoshobora kubasubiza ivyo Yabatse!”. Ntumwa y’Imana! Ehe raba na we ukuntu Tubereka ivyemezo vy’ubwoko bwose, hanyuma bakabandanya birengagiza, ntibibuke ngo bikebuke!

47 - Al-An'am (The Cattle) - 047

قُلۡ أَرَءَيۡتَكُمۡ إِنۡ أَتَىٰكُمۡ عَذَابُ ٱللَّهِ بَغۡتَةً أَوۡ جَهۡرَةً هَلۡ يُهۡلَكُ إِلَّا ٱلۡقَوۡمُ ٱلظَّـٰلِمُونَ
Ntumwa y’Imana! Babwire kandi uti: “Nimumbwire mu gihe mwoshikirwa giturumbuka n’ibihano vy’Imana Allah; canke bikabashikira imbona nkubone, hari abohona atari abantu birenganya mu guhakana Intumwa no mu kubangikanya Imana Allah!”.

48 - Al-An'am (The Cattle) - 048

وَمَا نُرۡسِلُ ٱلۡمُرۡسَلِينَ إِلَّا مُبَشِّرِينَ وَمُنذِرِينَۖ فَمَنۡ ءَامَنَ وَأَصۡلَحَ فَلَا خَوۡفٌ عَلَيۡهِمۡ وَلَا هُمۡ يَحۡزَنُونَ
Burya Twebwe Allah, ntiturungika Intumwa zacu kiretse ko ziheza zigashikiriza abatwumvira inkuru nziza ibahumuriza ko bazohabwa Ubwami bw’ijuru, zikanagabisha abagabitanya ku bihano vyo mu muriro. Uwuramutse rero yemeye izo Ntumwa akanatunganya ibikorwa vyiza bitegetswe, aramenya ko ari mu bantu batazogira ubwoba bwo guhanwa ku musi w’izuka, eka mbere bobo ntibazokwicwa n’intuntu y’ivyo basize kw’isi.

49 - Al-An'am (The Cattle) - 049

وَٱلَّذِينَ كَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِنَا يَمَسُّهُمُ ٱلۡعَذَابُ بِمَا كَانُواْ يَفۡسُقُونَ
Abahakanye bivuye inyuma Aayah za Qor’ani n’ibindi vyemezo vyacu, bazokorwako n’ibihano ku musi w’izuka, bitewe n’uko bahora baca kubiri n’idini kw’isi.

50 - Al-An'am (The Cattle) - 050

قُل لَّآ أَقُولُ لَكُمۡ عِندِي خَزَآئِنُ ٱللَّهِ وَلَآ أَعۡلَمُ ٱلۡغَيۡبَ وَلَآ أَقُولُ لَكُمۡ إِنِّي مَلَكٌۖ إِنۡ أَتَّبِعُ إِلَّا مَا يُوحَىٰٓ إِلَيَّۚ قُلۡ هَلۡ يَسۡتَوِي ٱلۡأَعۡمَىٰ وَٱلۡبَصِيرُۚ أَفَلَا تَتَفَكَّرُونَ
Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Jewe sindigera ndababwira ko ngaba ibigega vy’Imana Allah nkabeshaho ibiremwa, eka sindigera nigira rumenyi rw’ibinyegejwe ibiremwa, eka sindanababwira ko ndi umwami, jewe ndi Intumwa y’Imana, nkurikira ivyo mpishuriwe, ngaheza nkabishikiriza abantu”. Babwire kandi uti: “Mbega umugarariji yigenza nk’impumyi[4] atigera abona ivyemezo vy’Imana Allah ngo avyemere, ni nk’umwemeramana abona ivyemezo vy’Imana akavyemera! Mbega ntimwiyumvira ngo mubone ukuri, muheze mukwemere!”.
[4] Iyi ni imvugo ngereranyo igereranya umugarariji mu kutabona ukuri, n’impumyi itabona; ikagereranya umwemeramana mu kubona ukuri n’uwubona.

51 - Al-An'am (The Cattle) - 051

وَأَنذِرۡ بِهِ ٱلَّذِينَ يَخَافُونَ أَن يُحۡشَرُوٓاْ إِلَىٰ رَبِّهِمۡ لَيۡسَ لَهُم مِّن دُونِهِۦ وَلِيّٞ وَلَا شَفِيعٞ لَّعَلَّهُمۡ يَتَّقُونَ
Ntumwa y’Imana! Koresha Qor’ani mu kugabisha abatinya ko bazozuka bakegeranirizwa ku Mana yabo Rurema Allah, bazi neza ko ata mutabazi bazoronka abatabara mu bihano, kiretse Imana Allah, kandi ata n’uwubavugira ku Mana Allah bazoronka ngo ntibahanwe. Bagabishe rero kugira batinye Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo.

52 - Al-An'am (The Cattle) - 052

وَلَا تَطۡرُدِ ٱلَّذِينَ يَدۡعُونَ رَبَّهُم بِٱلۡغَدَوٰةِ وَٱلۡعَشِيِّ يُرِيدُونَ وَجۡهَهُۥۖ مَا عَلَيۡكَ مِنۡ حِسَابِهِم مِّن شَيۡءٖ وَمَا مِنۡ حِسَابِكَ عَلَيۡهِم مِّن شَيۡءٖ فَتَطۡرُدَهُمۡ فَتَكُونَ مِنَ ٱلظَّـٰلِمِينَ
Muvugishwamana! Ntukirukane mu vyicaro vyawe ba ntahonikora na ba nyarucari mu bislamu, biyegereza Imana yabo Rurema Allah mu vyo bakora vyose bakanayisenga igitondo n’umugoroba bashaka kuyishimisha; nta na kimwe ubazwa ku ndishi y’ivyo bakora, eka na bo nyene nta na kimwe bagusaba. Uramutse rero ubirukanye, woba uri mu barenganya mu kutamenya icubahiro n’agateka k’umwe wese.

53 - Al-An'am (The Cattle) - 053

وَكَذَٰلِكَ فَتَنَّا بَعۡضَهُم بِبَعۡضٖ لِّيَقُولُوٓاْ أَهَـٰٓؤُلَآءِ مَنَّ ٱللَّهُ عَلَيۡهِم مِّنۢ بَيۡنِنَآۗ أَلَيۡسَ ٱللَّهُ بِأَعۡلَمَ بِٱلشَّـٰكِرِينَ
Ni nk’ukwo nyene rero Imana Allah Yagerageje bamwe mu biremwa vyayo mu kutabaha ibibabeshaho n’inkomezi ku rugero rungana; uyu Yamuhaye gutunga, urya na we Imuha gukena; uriya Yamuhaye inkomezi n’imirya, uyu na we Imuha ingoga nke, Iraheza rero Irabagerageza mu gukenerana no mu gukenurana, kugira abatunzi mu bagarariji bavuge bitangaza bati: “Aba bakene na ba nyarucari, ni bo Imana Allah Yarongoye bakaba abislamu, ha kuba ari twebwe!”. Mbega burya Imana Allah ntizi bikwiye abayishimira Ikabashoboza kuba abagororotsi!

54 - Al-An'am (The Cattle) - 054

وَإِذَا جَآءَكَ ٱلَّذِينَ يُؤۡمِنُونَ بِـَٔايَٰتِنَا فَقُلۡ سَلَٰمٌ عَلَيۡكُمۡۖ كَتَبَ رَبُّكُمۡ عَلَىٰ نَفۡسِهِ ٱلرَّحۡمَةَ أَنَّهُۥ مَنۡ عَمِلَ مِنكُمۡ سُوٓءَۢا بِجَهَٰلَةٖ ثُمَّ تَابَ مِنۢ

Scroll to Top