آل عمران
Ali 'Imran
Family of Imran
1 - Ali 'Imran (Family of Imran) - 001
الٓمٓ
Alif Laam Miim[1].
[1] Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’igisomwa Al-Baqara.
2 - Ali 'Imran (Family of Imran) - 002
ٱللَّهُ لَآ إِلَٰهَ إِلَّا هُوَ ٱلۡحَيُّ ٱلۡقَيُّومُ
Allah ni Yo Mana ata yindi mana ibwirijwe gusengwa atari Yo, Nyenubugingo budashira nk’uko buyikwiye, Umuhagarikizi w’ibiremwa Yikwije muri vyose.
3 - Ali 'Imran (Family of Imran) - 003
نَزَّلَ عَلَيۡكَ ٱلۡكِتَٰبَ بِٱلۡحَقِّ مُصَدِّقٗا لِّمَا بَيۡنَ يَدَيۡهِ وَأَنزَلَ ٱلتَّوۡرَىٰةَ وَٱلۡإِنجِيلَ
Ntumwa y’Imana! Yakumanuriye Igitabu ca Qor’ani vy’ukuri kitagiramwo amakenga, gishimangira ibiri mu Bitabu vyo hambere yaco, yaranamanuriye Intumwa Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) Tawurati, Inamanurira n’Intumwa Isa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) Injili;
4 - Ali 'Imran (Family of Imran) - 004
مِن قَبۡلُ هُدٗى لِّلنَّاسِ وَأَنزَلَ ٱلۡفُرۡقَانَۗ إِنَّ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ بِـَٔايَٰتِ ٱللَّهِ لَهُمۡ عَذَابٞ شَدِيدٞۗ وَٱللَّهُ عَزِيزٞ ذُو ٱنتِقَامٍ
Imbere yuko Imanura Qor’ani, kugira ngo Irongore abantu mu nzira yayo, Iraheza rero Imanura Qor’ani itandukanya ukuri n’ikinyoma. Mu vy’ukuri, abahakanye bivuye inyuma Aayah n’ivyemezo vyamanuwe n’Imana Allah, bategekanirijwe ibihano ruhasha, kandi rero Imana Allah ni Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Izokwihora bikwiye abagarariji ku musi w’izuka.
5 - Ali 'Imran (Family of Imran) - 005
إِنَّ ٱللَّهَ لَا يَخۡفَىٰ عَلَيۡهِ شَيۡءٞ فِي ٱلۡأَرۡضِ وَلَا فِي ٱلسَّمَآءِ
Mu vy’ukuri, ubumenyi bw’Imana Allah bukikije ibiremwa vyose, nta kintu na kimwe kw’isi canke mw’ijuru cinyegeje Imana Allah, n’aho coba akantu kanzunya.
6 - Ali 'Imran (Family of Imran) - 006
هُوَ ٱلَّذِي يُصَوِّرُكُمۡ فِي ٱلۡأَرۡحَامِ كَيۡفَ يَشَآءُۚ لَآ إِلَٰهَ إِلَّا هُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلۡحَكِيمُ
Ni Yo Yonyene Ibarema mu bitereko vy’abavyeyi banyu ukuntu Ishaka. Nta mana ibwirijwe gusengwa vy’ukuri atari Yo, Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora.
7 - Ali 'Imran (Family of Imran) - 007
هُوَ ٱلَّذِيٓ أَنزَلَ عَلَيۡكَ ٱلۡكِتَٰبَ مِنۡهُ ءَايَٰتٞ مُّحۡكَمَٰتٌ هُنَّ أُمُّ ٱلۡكِتَٰبِ وَأُخَرُ مُتَشَٰبِهَٰتٞۖ فَأَمَّا ٱلَّذِينَ فِي قُلُوبِهِمۡ زَيۡغٞ فَيَتَّبِعُونَ مَا تَشَٰبَهَ مِنۡهُ ٱبۡتِغَآءَ ٱلۡفِتۡنَةِ وَٱبۡتِغَآءَ تَأۡوِيلِهِۦۖ وَمَا يَعۡلَمُ تَأۡوِيلَهُۥٓ إِلَّا ٱللَّهُۗ وَٱلرَّـٰسِخُونَ فِي ٱلۡعِلۡمِ يَقُولُونَ ءَامَنَّا بِهِۦ كُلّٞ مِّنۡ عِندِ رَبِّنَاۗ وَمَا يَذَّكَّرُ إِلَّآ أُوْلُواْ ٱلۡأَلۡبَٰبِ
Ntumwa y’Imana! Ni Yo Yonyene Yakumanuriye Qor’ani; muri yo harimwo Aayah zitomoye cane mu nsiguro, ni zo shimikiro yisungwa iyo hagize ikibadidanira mu nsiguro. Harimwo rero n’izindi Aayah zifobetse, zishobora kugira insiguro iyi n’iyindi, gutyo insiguro yazo nyayo ikagenwa na Aayah zitomoye. Abafise rero imitima yahuvye, baraheza bagakurikira muri zo Aayah zifobetse gusa, barondera guta abantu mu madidane (mu rudubi) ngo babahuvye, mu ntumbero ihuye n’insiguro bipfuza. Nta n’uwuzi insiguro nyayo y’ukuri ya Aayah zifobetse atari Imana Allah. Abamenyi babushitse na bo bavuga bati: “Twaremeye Qor’ani, ibirimwo vyose vyadushikiriye bivuye ku Mana yacu Rurema Allah”, bagaheza bagatahura insiguro ya Aayah zifobetse bisunze insiguro ya Aayah zitomoye, kandi rero nta wutahura insiguro yazo nyayo atari incabwenge koko;
8 - Ali 'Imran (Family of Imran) - 008
رَبَّنَا لَا تُزِغۡ قُلُوبَنَا بَعۡدَ إِذۡ هَدَيۡتَنَا وَهَبۡ لَنَا مِن لَّدُنكَ رَحۡمَةًۚ إِنَّكَ أَنتَ ٱلۡوَهَّابُ
Bakavuga kandi batakamba bati: “Mana yacu Rurema Allah! Ntureke imitima yacu ngo ihube inyuma y’aho Uturongoreye mu nzira y’idini ryawe, duhe n’impuhwe zivuye iwawe, mu vy’ukuri Wewe Uri Bigaburo;
9 - Ali 'Imran (Family of Imran) - 009
رَبَّنَآ إِنَّكَ جَامِعُ ٱلنَّاسِ لِيَوۡمٖ لَّا رَيۡبَ فِيهِۚ إِنَّ ٱللَّهَ لَا يُخۡلِفُ ٱلۡمِيعَادَ
Mana yacu Rurema Allah! Mu vy’ukuri, Wewe Uzokwegeranya abantu bose ku musi w’izuka ata makenga ko uzoshika. Mu vy’ukuri Imana Allah ntirenga kw’isezerano Yahaye ibiremwa”.
10 - Ali 'Imran (Family of Imran) - 010
إِنَّ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ لَن تُغۡنِيَ عَنۡهُمۡ أَمۡوَٰلُهُمۡ وَلَآ أَوۡلَٰدُهُم مِّنَ ٱللَّهِ شَيۡـٔٗاۖ وَأُوْلَـٰٓئِكَ هُمۡ وَقُودُ ٱلنَّارِ
Mu vy’ukuri, abagararije bivuye inyuma idini ry’ukuri, amatungo yabo n’abana babo nta na kimwe bizobamarira nibahanwa n’Imana Allah kw’isi canke mu buzima bw’inyuma yo gupfa, abo ni na bo rero bazoba ivyegenyezo vy’umuriro.
11 - Ali 'Imran (Family of Imran) - 011
كَدَأۡبِ ءَالِ فِرۡعَوۡنَ وَٱلَّذِينَ مِن قَبۡلِهِمۡۚ كَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِنَا فَأَخَذَهُمُ ٱللَّهُ بِذُنُوبِهِمۡۗ وَٱللَّهُ شَدِيدُ ٱلۡعِقَابِ
Inyifato yabo mu bugarariji, ni nk’inyifato y’abantu ba Firawuni n’abahakanye aho hambere yabo. Baragararije Aayah n’ivyemezo vy’Imana Allah, gutyo Imana Allah Ica Irabahanira ivyaha vyabo vyo kugarariza bakiri kw’isi. Burya Imana Allah Irahana Igahasha uwuyigararije agahakana n'Intumwa zayo.
12 - Ali 'Imran (Family of Imran) - 012
قُل لِّلَّذِينَ كَفَرُواْ سَتُغۡلَبُونَ وَتُحۡشَرُونَ إِلَىٰ جَهَنَّمَۖ وَبِئۡسَ ٱلۡمِهَادُ
Ntumwa y’Imana! Bwira abagararije n’abafashe minenegwe itsinda ryawe ku rugamba rwa Badri, uti: “Muzoneshwa aha kw’isi, muheze mushishikare guhakana gushika gupfa, hanyuma muzokwegeranirizwe mu muriro wa Jahannamu”. Ni na bwo busaswa bubi cane.
13 - Ali 'Imran (Family of Imran) - 013
قَدۡ كَانَ لَكُمۡ ءَايَةٞ فِي فِئَتَيۡنِ ٱلۡتَقَتَاۖ فِئَةٞ تُقَٰتِلُ فِي سَبِيلِ ٱللَّهِ وَأُخۡرَىٰ كَافِرَةٞ يَرَوۡنَهُم مِّثۡلَيۡهِمۡ رَأۡيَ ٱلۡعَيۡنِۚ وَٱللَّهُ يُؤَيِّدُ بِنَصۡرِهِۦ مَن يَشَآءُۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَعِبۡرَةٗ لِّأُوْلِي ٱلۡأَبۡصَٰرِ
Bayahudi mubwirwa ntimwumve! Mwari mufise icemezo gihambaye mu migwi ibiri yahanganye ku rugamba rwa Badri; umugwi w’abemeramana waharanira idini ry’Imana Allah, n’uwundi mugwi w’abahakanyi wabona abemeramana nk’aho bangana n’incuro zibiri z’igitigiri cawo, bituma abemeramana banesha abahakanyi. Imana Allah na Yo Itera intege mu guha intsinzi uwo Ishaka mu baja bayo. Mu vy’ukuri, muri iryo neshwa ryabo, ni ukuri harimwo inkebuzo ku bantu bihweza ibintu n’ibindi bakabona ukuri.
14 - Ali 'Imran (Family of Imran) - 014
زُيِّنَ لِلنَّاسِ حُبُّ ٱلشَّهَوَٰتِ مِنَ ٱلنِّسَآءِ وَٱلۡبَنِينَ وَٱلۡقَنَٰطِيرِ ٱلۡمُقَنطَرَةِ مِنَ ٱلذَّهَبِ وَٱلۡفِضَّةِ وَٱلۡخَيۡلِ ٱلۡمُسَوَّمَةِ وَٱلۡأَنۡعَٰمِ وَٱلۡحَرۡثِۗ ذَٰلِكَ مَتَٰعُ ٱلۡحَيَوٰةِ ٱلدُّنۡيَاۖ وَٱللَّهُ عِندَهُۥ حُسۡنُ ٱلۡمَـَٔابِ
Abantu muri kameremere kabo baremwe bakunda kuryoherwa n’ivy’isi mu bakenyezi n’ibibondo, ubwinshi bw’amatungo agizwe n’inzahabu n’umwakaka, ifarasi zirobanuye, ingamiya, ibitungwa mu ngamiya, mu nka no mu ntungwa, hamwe rero n’isi ndimwa y’akanovera. Ivyo vyose rero, ni ibihendamaso vyo kuryoherwa mu buzima bwo kw’isi buhera, burya rero ubuganuko bwiza ku Mana Allah, ni Ubwami bw’ijuru.
15 - Ali 'Imran (Family of Imran) - 015
۞قُلۡ أَؤُنَبِّئُكُم بِخَيۡرٖ مِّن ذَٰلِكُمۡۖ لِلَّذِينَ ٱتَّقَوۡاْ عِندَ رَبِّهِمۡ جَنَّـٰتٞ تَجۡرِي مِن تَحۡتِهَا ٱلۡأَنۡهَٰرُ خَٰلِدِينَ فِيهَا وَأَزۡوَٰجٞ مُّطَهَّرَةٞ وَرِضۡوَٰنٞ مِّنَ ٱللَّهِۗ وَٱللَّهُ بَصِيرُۢ بِٱلۡعِبَادِ
Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Mbega ndababwire ivyiza biruta ivyo abantu baremwe bakunda mu vy’isi! Abatinya Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, barategekanirijwe ku Mana yabo Rurema Allah imirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi, bazobamwo ibihe bidahera, hariyo n’abakenyezi basukuye (barangwa n’ingeso nziza, batigera baja mu butinyanka), bazobamwo bishimiwe n’Imana Allah”. Burya rero Imana Allah ni Nyenukubona, Irabona neza ibikorwa n’abaja bayo kandi Izobibahembera;
16 - Ali 'Imran (Family of Imran) - 016
ٱلَّذِينَ يَقُولُونَ رَبَّنَآ إِنَّنَآ ءَامَنَّا فَٱغۡفِرۡ لَنَا ذُنُوبَنَا وَقِنَا عَذَابَ ٱلنَّارِ
Barya bavuga bati: “Mana yacu Rurema Allah! Mu vy’ukuri, twaramaze kukwemera dukurikira n’Intumwa yawe Muhamadi, tugumirize rero akabanga ku vyaha vyacu ntubiduhanire, Wongere Udukingire ibihano vy’umuriro”;
17 - Ali 'Imran (Family of Imran) - 017
ٱلصَّـٰبِرِينَ وَٱلصَّـٰدِقِينَ وَٱلۡقَٰنِتِينَ وَٱلۡمُنفِقِينَ وَٱلۡمُسۡتَغۡفِرِينَ بِٱلۡأَسۡحَارِ
Abihanganira kuguma bakora ivyiza bitegetswe bakiyubara gucumura, imvugakuri, abicisha bugufi ku Mana Allah, abatanga mw’ibanga no ku mugaragaro hamwe rero n’abatakamba basaba imbabazi mu bucagucagu.
18 - Ali 'Imran (Family of Imran) - 018
شَهِدَ ٱللَّهُ أَنَّهُۥ لَآ إِلَٰهَ إِلَّا هُوَ وَٱلۡمَلَـٰٓئِكَةُ وَأُوْلُواْ ٱلۡعِلۡمِ قَآئِمَۢا بِٱلۡقِسۡطِۚ لَآ إِلَٰهَ إِلَّا هُوَ ٱلۡعَزِيزُ ٱلۡحَكِيمُ
Imana Allah Yaramaze kugaragaza ko ata mana ibwirijwe gusengwa atari Yo, abamalayika na bo baraheza baremanga ko ari Yo Mana y’ukuri, abahawe ubumenyi na bo baratura ku rurimi bemera ku mutima ko Imana Allah ari Imwe Rudende, Ihagarikiye ubutungane ku biremwa vyose. Nta mana ibwirijwe gusengwa atari Yo, Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora.
19 - Ali 'Imran (Family of Imran) - 019
إِنَّ ٱلدِّينَ عِندَ ٱللَّهِ ٱلۡإِسۡلَٰمُۗ وَمَا ٱخۡتَلَفَ ٱلَّذِينَ أُوتُواْ ٱلۡكِتَٰبَ إِلَّا مِنۢ بَعۡدِ مَا جَآءَهُمُ ٱلۡعِلۡمُ بَغۡيَۢا بَيۡنَهُمۡۗ وَمَن يَكۡفُرۡ بِـَٔايَٰتِ ٱللَّهِ فَإِنَّ ٱللَّهَ سَرِيعُ ٱلۡحِسَابِ
Mu vy’ukuri, idini ryishimiwe n’Imana Allah Yarungikanye Intumwa zose ku biremwa, ni ubwislamu[2]. Abahawe Igitabu ntibahazanye ngo bicemwo imigwi kiretse inyuma y’aho bashikiriwe n’icemezo co kurungikirwa Intumwa n’Ibitabu, bikaba vyagenze ukwo ku kubera akadenderezo n’ishari, vyadutse hagati yabo mu kurondera ivy’isi. Uwo wese rero azogarariza Aayah n’ivyemezo vyerekana ko Imana Allah ari Imwe Rudende, namenye ko Imana Allah Inyarutsa mu guharurira no mu guhemba ibiremwa vyayo.
[2] Ubwislamu ni ukwicisha bugufi ku Mana Allah mu kuyumvira mu ntumbero yo kwitonesha kuri Yo, wubahiriza kandi wemera Intumwa zose Yarungitse.
20 - Ali 'Imran (Family of Imran) - 020
فَإِنۡ حَآجُّوكَ فَقُلۡ أَسۡلَمۡتُ وَجۡهِيَ لِلَّهِ وَمَنِ ٱتَّبَعَنِۗ وَقُل لِّلَّذِينَ أُوتُواْ ٱلۡكِتَٰبَ وَٱلۡأُمِّيِّـۧنَ ءَأَسۡلَمۡتُمۡۚ فَإِنۡ أَسۡلَمُواْ فَقَدِ ٱهۡتَدَواْۖ وَّإِن تَوَلَّوۡاْ فَإِنَّمَا عَلَيۡكَ ٱلۡبَلَٰغُۗ وَٱللَّهُ بَصِيرُۢ بِٱلۡعِبَادِ
Ntumwa y’Imana! Abahawe Igitabu nibaguhaririza ku vyerekeye ukwemera Imana Imwe Rudende Allah, uraheza ubabwire uti: “Naramaze gutumbera no kwicisha bugufi ku Mana Imwe Rudende Allah, jewe n’abankurikiye mu bemeramana”. Uraheza ubwire kandi abahawe Igitabu n’ababangikanyamana uti: “Ubwo ntimwokwicisha bugufi mukaba abislamu!”. Baramutse rero babaye abislamu, ni ukuri bazoba bakurikiye inzira igororotse; nibagenza umugongo naho bakakwirengagiza, ni ukuri uzoba wamaze gukora ico ujejwe, wewe ujejwe gusa gushikiriza ubutumwa, burya rero Imana Allah ni Nyenukubona, Irabona neza ibikorwa n’abaja bayo kandi Izobibahembera.
21 - Ali 'Imran (Family of Imran) - 021
إِنَّ ٱلَّذِينَ يَكۡفُرُونَ بِـَٔايَٰتِ ٱللَّهِ وَيَقۡتُلُونَ ٱلنَّبِيِّـۧنَ بِغَيۡرِ حَقّٖ وَيَقۡتُلُونَ ٱلَّذِينَ يَأۡمُرُونَ بِٱلۡقِسۡطِ مِنَ ٱلنَّاسِ فَبَشِّرۡهُم بِعَذَابٍ أَلِيمٍ
Mu vy’ukuri, abagarariza bivuye inyuma Aayah n’ivyemezo vyerekana ko Imana Allah ari Imwe Rudende, bagatako bakica Abavugishwamana bayo ku karenganyo, bakanica abantu babwiriza abandi kubakurikira no kugendera ubutungane, abo rero ga Ntumwa y’Imana, uraheza ubashikirize inkuru y’incamugongo ko barindiriwe n’ibihano bibabaza,
22 - Ali 'Imran (Family of Imran) - 022
أُوْلَـٰٓئِكَ ٱلَّذِينَ حَبِطَتۡ أَعۡمَٰلُهُمۡ فِي ٱلدُّنۡيَا وَٱلۡأٓخِرَةِ وَمَا لَهُم مِّن نَّـٰصِرِينَ
Abo ni bo rero ibikorwa vyabo bizobabera impfagusa kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa, eka mbere ntibazoronka ababatabara mu kubakingira ibihano vy’Imana Allah.
23 - Ali 'Imran (Family of Imran) - 023
أَلَمۡ تَرَ إِلَى ٱلَّذِينَ أُوتُواْ نَصِيبٗا مِّنَ ٱلۡكِتَٰبِ يُدۡعَوۡنَ إِلَىٰ كِتَٰبِ ٱللَّهِ لِيَحۡكُمَ بَيۡنَهُمۡ ثُمَّ يَتَوَلَّىٰ فَرِيقٞ مِّنۡهُمۡ وَهُم مُّعۡرِضُونَ
Ntumwa y’Imana! Mbega warabonye igitangaje kuruta abayahudi bagize amahirwe yo guhabwa Igitabu bakamenya ko ivyo wahishuriwe ari ukuri, maze bahamagarirwa kwubahiriza ibiri mu Gitabu c’Imana Qor’ani kugira ngo kibadadanure mu vyo bahazanako, hanyuma umugwi umwe muri bo ukagenza umugongo mu kwanka ingingo yayo wirengagiza ukuri!
24 - Ali 'Imran (Family of Imran) - 024
ذَٰلِكَ بِأَنَّهُمۡ قَالُواْ لَن تَمَسَّنَا ٱلنَّارُ إِلَّآ أَيَّامٗا مَّعۡدُودَٰتٖۖ وَغَرَّهُمۡ فِي دِينِهِم مَّا كَانُواْ يَفۡتَرُونَ
Ukwirengagiza kwabo ukuri, kugaterwa n’uko bavuze bati: “Umuriro ntuzodukorako kiretse imisi imparurwa hanyuma tuwuvemwo”, iryo rementanya rikaba ari ryo rituma bubahuka guhonyanga amabwirizwa no gusuzugura idini ryayo.
25 - Ali 'Imran (Family of Imran) - 025
فَكَيۡفَ إِذَا جَمَعۡنَٰهُمۡ لِيَوۡمٖ لَّا رَيۡبَ فِيهِ وَوُفِّيَتۡ كُلُّ نَفۡسٖ مَّا كَسَبَتۡ وَهُمۡ لَا يُظۡلَمُونَ
Mbega bizobagendera gute! Igihe Twebwe Allah Twabegeranije ku musi w’izuka ata makenga ko uzoshika, maze umwe wese mu bantu agatunganirizwa ku ndishi y’ivyo yarondeye, ntibazonarenganywa mu kurenza urugero rw’ibihano canke mu kugabanya indishi.
26 - Ali 'Imran (Family of Imran) - 026
قُلِ ٱللَّهُمَّ مَٰلِكَ ٱلۡمُلۡكِ تُؤۡتِي ٱلۡمُلۡكَ مَن تَشَآءُ وَتَنزِعُ ٱلۡمُلۡكَ مِمَّن تَشَآءُ وَتُعِزُّ مَن تَشَآءُ وَتُذِلُّ مَن تَشَآءُۖ بِيَدِكَ ٱلۡخَيۡرُۖ إِنَّكَ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٖ قَدِيرٞ
Muvugishwamana! Vuga usaba Imana yawe Rurema uti: “Mana yanje Nzima! Nyeninganji Rugaba w’ubwami bwose! Uha ubwami n’inganji uwo Ushatse, Ukabwambura uwo Ushatse; Uha icubahiro c’iteka kw’isi no mw’ijuru uwo Ushatse, Ugasuzuguza uwo Ushatse; mu minwe yawe hari ivyiza bisa, mu vy’ukuri ni Wewe Mushoboravyose[59],
[59] Muri iyi Aayah, harimwo icemezo c’uko Imana Allah Ifise ukuboko mu buryo buberanye n’icubahiro cayo.
27 - Ali 'Imran (Family of Imran) - 027
تُولِجُ ٱلَّيۡلَ فِي ٱلنَّهَارِ وَتُولِجُ ٱلنَّهَارَ فِي ٱلَّيۡلِۖ وَتُخۡرِجُ ٱلۡحَيَّ مِنَ ٱلۡمَيِّتِ وَتُخۡرِجُ ٱلۡمَيِّتَ مِنَ ٱلۡحَيِّۖ وَتَرۡزُقُ مَن تَشَآءُ بِغَيۡرِ حِسَابٖ
Biri mu vyerekana ubushobozi bwawe, ko Winjiza igice c’ijoro mu murango, maze umurango ukaba muremure; Ukinjinza igice c’umurango mw’ijoro, maze ijoro rikaba rirerire; Ugakura kizima mu capfuye [4], Ugakura icapfuye muri kizima [5], Ukaronsa ibiremwa ibibibeshaho Utarinze kubigerera”.
[4] Nka kurya urutete canke urubuto runaga rukavamwo igiharage canke igiti.
[5] Nka kurya irigi riva mu nkoko, n’urubuto rukava mu giti.
28 - Ali 'Imran (Family of Imran) - 028
لَّا يَتَّخِذِ ٱلۡمُؤۡمِنُونَ ٱلۡكَٰفِرِينَ أَوۡلِيَآءَ مِن دُونِ ٱلۡمُؤۡمِنِينَۖ وَمَن يَفۡعَلۡ ذَٰلِكَ فَلَيۡسَ مِنَ ٱللَّهِ فِي شَيۡءٍ إِلَّآ أَن تَتَّقُواْ مِنۡهُمۡ تُقَىٰةٗۗ وَيُحَذِّرُكُمُ ٱللَّهُ نَفۡسَهُۥۗ وَإِلَى ٱللَّهِ ٱلۡمَصِيرُ
Abemeramana ntibakagire abahakanyi abagenzi somambike babahagararira bakabatabara birengagiza abemeramana. Uwuzobagira abagenzi somambike, azoba yitandukanije n’Imana Allah kiretse mu gihe mwobigira mwiyorobeka mu kwikingira ishari ryabo, kugira ngo mubanze mwisuganye. Kandi rero Imana Allah Irabihanije ku bihano vyayo nimuvyiyubare. Ni ku Mana Allah rero ibiremwa vyose bizosubira kugira Ihembe kimwe cose ku rugero rw’ibigikwiye.
29 - Ali 'Imran (Family of Imran) - 029
قُلۡ إِن تُخۡفُواْ مَا فِي صُدُورِكُمۡ أَوۡ تُبۡدُوهُ يَعۡلَمۡهُ ٱللَّهُۗ وَيَعۡلَمُ مَا فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَمَا فِي ٱلۡأَرۡضِۗ وَٱللَّهُ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٖ قَدِيرٞ
Muvugishwamana! Bwira abemeramana uti: “Nimwabagira abagenzi somambike mw’ibanga canke ku mugaragaro, Imana Allah Itegerezwa kubimenya, Irazi n’ibiri mu majuru n’ibiri mw’isi. Burya Imana Allah ni Mushoboravyose”.
30 - Ali 'Imran (Family of Imran) - 030
يَوۡمَ تَجِدُ كُلُّ نَفۡسٖ مَّا عَمِلَتۡ مِنۡ خَيۡرٖ مُّحۡضَرٗا وَمَا عَمِلَتۡ مِن سُوٓءٖ تَوَدُّ لَوۡ أَنَّ بَيۡنَهَا وَبَيۡنَهُۥٓ أَمَدَۢا بَعِيدٗاۗ وَيُحَذِّرُكُمُ ٱللَّهُ نَفۡسَهُۥۗ وَٱللَّهُ رَءُوفُۢ بِٱلۡعِبَادِ
Umusi rero umuntu wese yasanze indishi y’ivyo yakoze mu vyiza imurindiriye, agasanga n’ivyo yakoze mu bibi indishi yavyo imurindiriye, azokwipfuza ko hopfuma haba ikiringo kirekire hagati yiwe n’ingaruka mbi z’ibibi yakoze kugira ntabibazwe. Kandi rero Imana Allah Irabihanije ku bihano vyayo nimuvyiyubare. N’aho biri ukwo rero, Imana Allah ni Nyenikigongwe ku baja bayo.
31 - Ali 'Imran (Family of Imran) - 031
قُلۡ إِن كُنتُمۡ تُحِبُّونَ ٱللَّهَ فَٱتَّبِعُونِي يُحۡبِبۡكُمُ ٱللَّهُ وَيَغۡفِرۡ لَكُمۡ ذُنُوبَكُمۡۚ وَٱللَّهُ غَفُورٞ رَّحِيمٞ
Ntumwa y’Imana! Bwira abemeramana uti: “Nimwaba mukunda vy’ukuri Imana Allah, nimunkurikire rero munyumvire, gutyo Imana Allah Iheze Ibakunde, Inabagumirize akabanga ku vyaha vyanyu ntibibahanire. Burya Imana Allah ni Nyenimbabazi-ntangere, Nyenimbabazi ku batoni bayo [6]”.
[6] Iyi Aayah iratomoye mu kwerekana ko uwukunda Imana Allah ategerezwa kandi gukunda n’Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) akanayumvira vy’ukuri.
32 - Ali 'Imran (Family of Imran) - 032
قُلۡ أَطِيعُواْ ٱللَّهَ وَٱلرَّسُولَۖ فَإِن تَوَلَّوۡاْ فَإِنَّ ٱللَّهَ لَا يُحِبُّ ٱلۡكَٰفِرِينَ
Babwire uti: “Nimwumvire Imana Allah mu kugendera Qor’ani, munumvire Intumwa mu gukurikiza inyigisho n’imigenzo vyayo”. Nibagenza umugongo bakakwirengagiza, baramenya rero ko mu vy’ukuri Imana Allah Idakunda abagarariji.
33 - Ali 'Imran (Family of Imran) - 033
۞إِنَّ ٱللَّهَ ٱصۡطَفَىٰٓ ءَادَمَ وَنُوحٗا وَءَالَ إِبۡرَٰهِيمَ وَءَالَ عِمۡرَٰنَ عَلَى ٱلۡعَٰلَمِينَ
Mu vy’ukuri, Imana Allah Yaratoye Adamu na Nuhu n’umuryango wa Ibrahimu n’uwa Amraani, Ibagira aberanda n’intore mu gihe cabo,
34 - Ali 'Imran (Family of Imran) - 034
ذُرِّيَّةَۢ بَعۡضُهَا مِنۢ بَعۡضٖۗ وَٱللَّهُ سَمِيعٌ عَلِيمٌ
Iraheza Ibagira Intumwa n’Abavugishwamana mu rukurikirane rw’uruvyaro rwabo rweranda. Burya Imana Allah ni Nyenukwumva ibivugwa n’abaja bayo, Nyenubumenyikurivyose, Irazi ivyo bazirikana n’ivyo bakora, kandi Izobibahembera;
35 - Ali 'Imran (Family of Imran) - 035
إِذۡ قَالَتِ ٱمۡرَأَتُ عِمۡرَٰنَ رَبِّ إِنِّي نَذَرۡتُ لَكَ مَا فِي بَطۡنِي مُحَرَّرٗا فَتَقَبَّلۡ مِنِّيٓۖ إِنَّكَ أَنتَ ٱلسَّمِيعُ ٱلۡعَلِيمُ
Ntumwa y’Imana! Ibuka ivyashikiye Isa na nyina wiwe Mariyamu hamwe na inakuru wiwe, ari we mukenyezi wa Amraani, igihe yasama imbanyi ya Mariyamu maze akavuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Jewe mu vy’ukuri, ndiyemeje kukwegurira ico nibungenze (kizokwame gikorera ingoro yawe Bayti l-Maqdisi), ndakwinginze rero ukinyemerere, mu vy’ukuri ni Wewe Nyenukwumva igisabisho canje, Nyenubumenyikurivyose, Uzi umuzirikanyi wanje”.
36 - Ali 'Imran (Family of Imran) - 036
فَلَمَّا وَضَعَتۡهَا قَالَتۡ رَبِّ إِنِّي وَضَعۡتُهَآ أُنثَىٰ وَٱللَّهُ أَعۡلَمُ بِمَا وَضَعَتۡ وَلَيۡسَ ٱلذَّكَرُ كَٱلۡأُنثَىٰۖ وَإِنِّي سَمَّيۡتُهَا مَرۡيَمَ وَإِنِّيٓ أُعِيذُهَا بِكَ وَذُرِّيَّتَهَا مِنَ ٱلشَّيۡطَٰنِ ٱلرَّجِيمِ
Nya mbanyi imaze kuvuka, umukenyezi wa Amraani yaciye avuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Mu vy’ukuri nibarutse umukobwa, ntashoboye gukorera ingoro yawe - Imana Allah na Yo Yari Izi neza ico yibarutse ko kizoba igitangaro - kandi rero umuhungu nipfuje kwibaruka si nk’umukobwa mu bubasha bwo gukorera ingoro yawe. Mu vy’ukuri, namwise Mariyamu, ni ukuri ndanamukuragije we n’uruvyaro rwiwe, Ubakingire inyoshambi za shetani yavumwe”.
37 - Ali 'Imran (Family of Imran) - 037
فَتَقَبَّلَهَا رَبُّهَا بِقَبُولٍ حَسَنٖ وَأَنۢبَتَهَا نَبَاتًا حَسَنٗا وَكَفَّلَهَا زَكَرِيَّاۖ كُلَّمَا دَخَلَ عَلَيۡهَا زَكَرِيَّا ٱلۡمِحۡرَابَ وَجَدَ عِندَهَا رِزۡقٗاۖ قَالَ يَٰمَرۡيَمُ أَنَّىٰ لَكِ هَٰذَاۖ قَالَتۡ هُوَ مِنۡ عِندِ ٱللَّهِۖ إِنَّ ٱللَّهَ يَرۡزُقُ مَن يَشَآءُ بِغَيۡرِ حِسَابٍ
Kukaba nkako, Imana yiwe Rurema Allah Yaramwemereye igisabisho, Iramwakirira neza uwo yayeguriye Iraheza Iramubungabunga Imuha indero nziza, maze arerwa na Zakariya [63] aho yari asanzwe asengera. Igihe cose yaja kumuraba yahasanga imfungurwa ziteguye, agaca amubaza ati: “Mbega Mariya! Izi mfugurwa wazikuye hehe?”, na we akamwishura ati: “Ni izo nafunguriwe n’Imana Allah”. Mu vy’ukuri, Imana Allah Ironsa ibibeshaho uwo Ishaka mu biremwa vyayo Itarinze kumugerera.
[63] Umugabo wa nyinabo.
38 - Ali 'Imran (Family of Imran) - 038
هُنَالِكَ دَعَا زَكَرِيَّا رَبَّهُۥۖ قَالَ رَبِّ هَبۡ لِي مِن لَّدُنكَ ذُرِّيَّةٗ طَيِّبَةًۖ إِنَّكَ سَمِيعُ ٱلدُّعَآءِ
Aho ni ho rero Zakariya yatakambira Imana yiwe Rurema Allah, ati: “Mana yanje Rurema Allah! Mpa umwana mweranda ahezagiwe, mu vy’ukuri Wewe Uri Nyenukwumva, Urumva igisabisho c’uwugusaba”;
39 - Ali 'Imran (Family of Imran) - 039
فَنَادَتۡهُ ٱلۡمَلَـٰٓئِكَةُ وَهُوَ قَآئِمٞ يُصَلِّي فِي ٱلۡمِحۡرَابِ أَنَّ ٱللَّهَ يُبَشِّرُكَ بِيَحۡيَىٰ مُصَدِّقَۢا بِكَلِمَةٖ مِّنَ ٱللَّهِ وَسَيِّدٗا وَحَصُورٗا وَنَبِيّٗا مِّنَ ٱلصَّـٰلِحِينَ
Abamalayika baca baramuhamagara akiri ha handi nyene asengera bamubwira bati: “Imana Allah Iraguhaye inkuru nziza ko uzokwibaruka umwana w’umuhungu yitwa Yahaya, aheze ashimangire Jambo Isa mwene Mariyamu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) arungitswe n’Imana Allah, kandi azoba inararibonye mu bumenyi n’ubwitonzi yubahwe, yongere abe intakoravyaha n’Umuvugishwamana mu beranda.
40 - Ali 'Imran (Family of Imran) - 040
قَالَ رَبِّ أَنَّىٰ يَكُونُ لِي غُلَٰمٞ وَقَدۡ بَلَغَنِيَ ٱلۡكِبَرُ وَٱمۡرَأَتِي عَاقِرٞۖ قَالَ كَذَٰلِكَ ٱللَّهُ يَفۡعَلُ مَا يَشَآءُ
Zakariya n’umunezero n’akantu, yaritangaje ati: “Mana yanje Rurema Allah! Vyoshoboka gute ko nokwibaruka ikibondo mu busaza n’umukenyezi wanje akaba ari ingumba!”. Imana Allah Imwishura Iti: “Ni nk’ukwo nyene rero Imana Allah Ikora ivyo Ishaka mu bitangaro”.
41 - Ali 'Imran (Family of Imran) - 041
قَالَ رَبِّ ٱجۡعَل لِّيٓ ءَايَةٗۖ قَالَ ءَايَتُكَ أَلَّا تُكَلِّمَ ٱلنَّاسَ ثَلَٰثَةَ أَيَّامٍ إِلَّا رَمۡزٗاۗ وَٱذۡكُر رَّبَّكَ كَثِيرٗا وَسَبِّحۡ بِٱلۡعَشِيِّ وَٱلۡإِبۡكَٰرِ
Zakariya yavuze ati: “Mana yanje Rurema Allah! Ngirira ikimenyetso nzomenyerako ko umukenyezi wanje yibungenze”. Imana Allah Imwishura Iti: “Ikimenyetso uzobimenyerako ni uko utazoshobora kuvugana n’abantu bidaturutse ku ndwara mu kiringo c’imisi itatu kiretse mu gukoresha ibimenyetso gusa, muri ico gihe rero uraninahaza wongere utazire cane Imana yawe Rurema Allah, wongere unasenge umugoroba n’igitondo.
42 - Ali 'Imran (Family of Imran) - 042
وَإِذۡ قَالَتِ ٱلۡمَلَـٰٓئِكَةُ يَٰمَرۡيَمُ إِنَّ ٱللَّهَ ٱصۡطَفَىٰكِ وَطَهَّرَكِ وَٱصۡطَفَىٰكِ عَلَىٰ نِسَآءِ ٱلۡعَٰلَمِينَ
Ntumwa y’Imana! Ibuka igihe abamalayika bavuga bati: “Ewe Mariyamu! Mu vy’ukuri Imana Allah Yaragutoye ngo uyiyegurire, Iranakweza ingeso mbi z’ubwoko bwose, Iranagutora Iguha icubahiro mu bakenyezi bose mu gihe cawe;
43 - Ali 'Imran (Family of Imran) - 043
يَٰمَرۡيَمُ ٱقۡنُتِي لِرَبِّكِ وَٱسۡجُدِي وَٱرۡكَعِي مَعَ ٱلرَّـٰكِعِينَ
Ewe Mariyamu! Shishikara rero wicisha bugufi ku Mana yawe Rurema Allah, wongere wubame, ununame hamwe n’abunama mu gushima inema wahawe”.
44 - Ali 'Imran (Family of Imran) - 044
ذَٰلِكَ مِنۡ أَنۢبَآءِ ٱلۡغَيۡبِ نُوحِيهِ إِلَيۡكَۚ وَمَا كُنتَ لَدَيۡهِمۡ إِذۡ يُلۡقُونَ أَقۡلَٰمَهُمۡ أَيُّهُمۡ يَكۡفُلُ مَرۡيَمَ وَمَا كُنتَ لَدَيۡهِمۡ إِذۡ يَخۡتَصِمُونَ
Ntumwa y’Imana! Izo rero ni zimwe mu nkuru z’ibinyegejwe ibiremwa Tuguhishuriye, kuko muri ico gihe si ho wari uri igihe batata baharira ku wukwiye kurera Mariyamu, maze bagahitamwo kugira itombora mu guterera hasi ikaramu zabo kugira bamenye muri bo uwukwiye kumurera, gutyo Zakariya aba ari we atsindira kumurera.
45 - Ali 'Imran (Family of Imran) - 045
إِذۡ قَالَتِ ٱلۡمَلَـٰٓئِكَةُ يَٰمَرۡيَمُ إِنَّ ٱللَّهَ يُبَشِّرُكِ بِكَلِمَةٖ مِّنۡهُ ٱسۡمُهُ ٱلۡمَسِيحُ عِيسَى ٱبۡنُ مَرۡيَمَ وَجِيهٗا فِي ٱلدُّنۡيَا وَٱلۡأٓخِرَةِ وَمِنَ ٱلۡمُقَرَّبِينَ
Muvugishwamana! Si n’aho wari uri igihe abamalayika bavuga bati: “Ewe Mariyamu! Mu vy’ukuri Imana Allah Iraguha inkuru nziza ko uzokwibaruka umwana azosamwa imbanyi kw’ijambo[8] rivuye kuri Yo. Amaze kuvuka rero akazokwitwa Masihi[9] Isa mwene Mariyamu, azokwubahwa kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Azoba ari no mu batonye ku Mana Allah ku musi w’izuka;
[8] Intumwa y’Imana Isa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yiswe Jambo kuko yibungenzwe ku bushobozi bw’ijambo rivuye ku Mana Allah.
[9] Yasizwe imigisha.
46 - Ali 'Imran (Family of Imran) - 046
وَيُكَلِّمُ ٱلنَّاسَ فِي ٱلۡمَهۡدِ وَكَهۡلٗا وَمِنَ ٱلصَّـٰلِحِينَ
Akazonavugisha abantu akiri uruyoya, niyamara gukura yongere abararikire kwemera Imana Allah. Azoba ari no mu beranda.
47 - Ali 'Imran (Family of Imran) - 047
قَالَتۡ رَبِّ أَنَّىٰ يَكُونُ لِي وَلَدٞ وَلَمۡ يَمۡسَسۡنِي بَشَرٞۖ قَالَ كَذَٰلِكِ ٱللَّهُ يَخۡلُقُ مَا يَشَآءُۚ إِذَا قَضَىٰٓ أَمۡرٗا فَإِنَّمَا يَقُولُ لَهُۥ كُن فَيَكُونُ
Mariyamu yaritangaje maze avuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Vyoshoboka gute ko nokwibaruka ikibondo kandi ata n’umuntu turubakana!”. Umumalayika araheza aramwishura ati: “Ni nk’ukwo nyene rero Imana Allah Irema ico Ishatse, iyo Itegetse ikintu ko kiba Ikibwira gusa Iti: “Ba”, kigaca kiba ubwo nyene.
48 - Ali 'Imran (Family of Imran) - 048
وَيُعَلِّمُهُ ٱلۡكِتَٰبَ وَٱلۡحِكۡمَةَ وَٱلتَّوۡرَىٰةَ وَٱلۡإِنجِيلَ
Izonamwigisha kwandika, gutumbereza ukuri mu mvugo no mu ngiro, Yongere Imwigishe Tawurati yamanuriwe Intumwa Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) hamwe rero n’Injili azomanurirwa n’Imana Allah.
49 - Ali 'Imran (Family of Imran) - 049
وَرَسُولًا إِلَىٰ بَنِيٓ إِسۡرَـٰٓءِيلَ أَنِّي قَدۡ جِئۡتُكُم بِـَٔايَةٖ مِّن رَّبِّكُمۡ أَنِّيٓ أَخۡلُقُ لَكُم مِّنَ ٱلطِّينِ كَهَيۡـَٔةِ ٱلطَّيۡرِ فَأَنفُخُ فِيهِ فَيَكُونُ طَيۡرَۢا بِإِذۡنِ ٱللَّهِۖ وَأُبۡرِئُ ٱلۡأَكۡمَهَ وَٱلۡأَبۡرَصَ وَأُحۡيِ ٱلۡمَوۡتَىٰ بِإِذۡنِ ٱللَّهِۖ وَأُنَبِّئُكُم بِمَا تَأۡكُلُونَ وَمَا تَدَّخِرُونَ فِي بُيُوتِكُمۡۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَأٓيَةٗ لَّكُمۡ إِن كُنتُم مُّؤۡمِنِينَ
Izomugira n’Intumwa kuri Bene Israyeli, izobabwira iti: “Jewe mu vy’ukuri, narungitswe kuri mwebwe nibangikanije icemezo kivuye ku Mana yanyu Rurema Allah, na co kikaba ari uko nshoboye kubabumbira inyoni mu vyondo, hanyuma nkayihuhamwo igaca iba inyoni yigurukira ku bushobozi bw’Imana Allah; nkanavura uwavutse ari impumyi n’uwavukanye indwara y’ubukarabe[10], nsubize n’ubuzima uwapfuye ku bushobozi bw’Imana Allah; nkanababwira ivyo mufungura n’ivyo muziganirije kazoza mu mazu yanyu. Mu vy’ukuri, muri ivyo bitangaro vyose rero, ni ukuri harimwo icemezo kuri mwebwe ko ndi Intumwa y’Imana nimwaba mwemera Imana Allah hamwe na Aayah n’ivyemezo vyayo;
[10] Ubukarabe, ni indwara ifata irihu, ikiganzira uduce dutandukanye tw'umubiri, maze utwo duce tukagira ibara ryera rivanze n'iritukura.
50 - Ali 'Imran (Family of Imran) - 050
وَمُصَدِّقٗا لِّمَا بَيۡنَ يَدَيَّ مِنَ ٱلتَّوۡرَىٰةِ وَلِأُحِلَّ لَكُم بَعۡضَ ٱلَّذِي حُرِّمَ عَلَيۡكُمۡۚ وَجِئۡتُكُم بِـَٔايَةٖ مِّن رَّبِّكُمۡ فَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ وَأَطِيعُونِ
Naje nshimangira kandi ivyamanuwe hambere yanje muri Tawurati, no kugira ngo ndabarekurire bimwe mu vyo mwabujijwe. Nkaba rero naje ndabazaniye icemezo kivuye ku Mana yanyu Rurema Allah ku vyo ndababwira, ko ari ivy’ukuri, enda rero nimwikingire ibihano vy’Imana Allah mu kunyemera muheze munyumvire mu vyo ndabararikira bivuye ku Mana Allah.
51 - Ali 'Imran (Family of Imran) - 051
إِنَّ ٱللَّهَ رَبِّي وَرَبُّكُمۡ فَٱعۡبُدُوهُۚ هَٰذَا صِرَٰطٞ مُّسۡتَقِيمٞ
Mu vy’ukuri, Imana Allah ndabararikira kwemera, ni Yo Mana yanje Rurema, Ikaba ari na Yo Mana yanyu Rurema, enda rero nimuyiyegereze mu vyo mukora vyose munayisenge, iyi ni yo nzira igororotseˮ.
52 - Ali 'Imran (Family of Imran) - 052
۞فَلَمَّآ أَحَسَّ عِيسَىٰ مِنۡهُمُ ٱلۡكُفۡرَ قَالَ مَنۡ أَنصَارِيٓ إِلَى ٱللَّهِۖ قَالَ ٱلۡحَوَارِيُّونَ نَحۡنُ أَنصَارُ ٱللَّهِ ءَامَنَّا بِٱللَّهِ وَٱشۡهَدۡ بِأَنَّا مُسۡلِمُونَ
Intumwa y’Imana Isa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) imaze kwumva ukwimonogoza mu bugarariji kwa Bene Israyeli, yaratereye ijwi hejuru ibwira abigishwa bayo iti: “Ni nde yomba hafi tugaharanira idini ry’Imana Allah!”. Abigishwa bayo barishuye bati: “Twebwe twarishinze guharanira idini ry’Imana Allah, twaremeye Imana Imwe Rudende Allah, tukugize n’icabona ko twebwe turi abislamu twicisha bugufi mu kwumvira Imana Allah;
53 - Ali 'Imran (Family of Imran) - 053