الإسراء

 

Al-Isra

 

The Night Journey

1 - Al-Isra (The Night Journey) - 001

سُبۡحَٰنَ ٱلَّذِيٓ أَسۡرَىٰ بِعَبۡدِهِۦ لَيۡلٗا مِّنَ ٱلۡمَسۡجِدِ ٱلۡحَرَامِ إِلَى ٱلۡمَسۡجِدِ ٱلۡأَقۡصَا ٱلَّذِي بَٰرَكۡنَا حَوۡلَهُۥ لِنُرِيَهُۥ مِنۡ ءَايَٰتِنَآۚ إِنَّهُۥ هُوَ ٱلسَّمِيعُ ٱلۡبَصِيرُ
Nihaninahazwe Imana Allah Yateye iteka Umuja wayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), Ikamujana ku rugendo rw’ijoro, Imukuye ku musigiti mutagatifu uri i Makka Ikamushikana ku musigiti Al-Aqswa uri mu gisagara ca Bayti l-Maqdis, ahantu Twebwe Allah Twahezagije imirima y’ibiterwa n’ivyamwa bihakikuje, no kuba amamuko ya benshi mu Bavugishwamana, n’ibindi. Twamujanyeyo rero kugira yibonere ukuri kwamye ivyemezo n’ibitangaro vyerekana ko Imana Allah ari Imwe Rudende. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Yo Nyenukwumva, Irumva ivyo muvuga; Nyenukubona, Irabona neza ivyo mukora.

2 - Al-Isra (The Night Journey) - 002

وَءَاتَيۡنَا مُوسَى ٱلۡكِتَٰبَ وَجَعَلۡنَٰهُ هُدٗى لِّبَنِيٓ إِسۡرَـٰٓءِيلَ أَلَّا تَتَّخِذُواْ مِن دُونِي وَكِيلٗا
Musa na we nyene Twamuteye iteka ryo kumuha Igitabu ca Tawurati, maze nya Gitabu Tukigira uburongozi kuri Bene Israyeli, aho Twababwirije Duti: “Ntimukagire umuntu n’umwe umuhagarikizi wanyu mu gishingo canje Jewe Allah”.

3 - Al-Isra (The Night Journey) - 003

ذُرِّيَّةَ مَنۡ حَمَلۡنَا مَعَ نُوحٍۚ إِنَّهُۥ كَانَ عَبۡدٗا شَكُورٗا
Bantu mukomoka ku bo Twarokoye Tukabatwara mu bwato hamwe na Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah)! Nimwisunge rero akarorero ka Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) mu gushimira Imana Allah no mu kutayibangikanya n’ikintu na kimwe. Mu vy’ukuri Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), yari Umuja w’Imana Allah ashima koko inema zayo.

4 - Al-Isra (The Night Journey) - 004

وَقَضَيۡنَآ إِلَىٰ بَنِيٓ إِسۡرَـٰٓءِيلَ فِي ٱلۡكِتَٰبِ لَتُفۡسِدُنَّ فِي ٱلۡأَرۡضِ مَرَّتَيۡنِ وَلَتَعۡلُنَّ عُلُوّٗا كَبِيرٗا
Muri nya Gitabu ca Tawurati, Twarabwiye Bene Israyeli Duti: “Bitebe bitebuke muzogenzwa n’ubwononyi mu gisagara ca Bayti l-Maqdis incuro zibiri, kandi muzokwiganza mube iciro ry’umugani mu kurenganya no kwica Abavugishwamana;

5 - Al-Isra (The Night Journey) - 005

فَإِذَا جَآءَ وَعۡدُ أُولَىٰهُمَا بَعَثۡنَا عَلَيۡكُمۡ عِبَادٗا لَّنَآ أُوْلِي بَأۡسٖ شَدِيدٖ فَجَاسُواْ خِلَٰلَ ٱلدِّيَارِۚ وَكَانَ وَعۡدٗا مَّفۡعُولٗا
Igihe rero mwagenjejwe n’ubwononyi ku ncuro ya mbere, Tuzobateza abaja bacu b’intwari ku rugamba, badatinya rukamvye, baheze babice, babangaze. Iryo sango rero ritegerezwa gushika nta kibuza;

6 - Al-Isra (The Night Journey) - 006

ثُمَّ رَدَدۡنَا لَكُمُ ٱلۡكَرَّةَ عَلَيۡهِمۡ وَأَمۡدَدۡنَٰكُم بِأَمۡوَٰلٖ وَبَنِينَ وَجَعَلۡنَٰكُمۡ أَكۡثَرَ نَفِيرًا
Hanyuma nimwicisha bugufi, Tuzosubira Tubahe intsinzi mwiganzure, Duheze Tubahe ibibondo n’amatungo, Tubahe no kurondoka cane mugwirirane gusumba abandi bantu;

7 - Al-Isra (The Night Journey) - 007

إِنۡ أَحۡسَنتُمۡ أَحۡسَنتُمۡ لِأَنفُسِكُمۡۖ وَإِنۡ أَسَأۡتُمۡ فَلَهَاۚ فَإِذَا جَآءَ وَعۡدُ ٱلۡأٓخِرَةِ لِيَسُـُٔواْ وُجُوهَكُمۡ وَلِيَدۡخُلُواْ ٱلۡمَسۡجِدَ كَمَا دَخَلُوهُ أَوَّلَ مَرَّةٖ وَلِيُتَبِّرُواْ مَا عَلَوۡاْ تَتۡبِيرًا
Nimwarangwa n’ubugwaneza mu vyo mukora no mu vyo muvuga, ubwo bugwaneza buzoba ari ku neza yanyu, muzobuhemberwa. Nimwagenzwa n’ubwononyi naho, inkurikizi za nya bwononyi zizobagarukako, mubihanirwe. Igihe rero mwagenjejwe n’ubwononyi ku ncuro ya kabiri, Tuzobateza kandi abansi banyu kugira babaneshe bongere banabasuzuguze, baheze binjire no mu gisagara ca Bayti l-Maqdis bagisambure nk’uko bagisambuye ubwa mbere, banasenyure n’ico bahuye cose;

8 - Al-Isra (The Night Journey) - 008

عَسَىٰ رَبُّكُمۡ أَن يَرۡحَمَكُمۡۚ وَإِنۡ عُدتُّمۡ عُدۡنَاۚ وَجَعَلۡنَا جَهَنَّمَ لِلۡكَٰفِرِينَ حَصِيرًا
Hari n’aho rero Imana yanyu Rurema Allah Yobagirira impuhwe mu gihe mwokwigaya mukisubirako. Nimwaramuka musubiriye kandi kugenzwa n’ubwononyi n’akarenganyo, na Twebwe Allah Tuzosubira Tubahane, Tubasuzuguze. Burya umuriro wa Jahannamu, Twawugeneye kuba ibohero ry’abagarariji[349]”.
[349] Muri Aayah ya 5 gushika ku ya 8, Imana Allah Irihaniza abantu barungikiwe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ko bogenzwa n’akarenganyo n’ubwononyi, kuko mu gihe bogenzwa n’akarenganyo n’ubwononyi bohanwa nk’uko Bene Israyeli bahanwe.

9 - Al-Isra (The Night Journey) - 009

إِنَّ هَٰذَا ٱلۡقُرۡءَانَ يَهۡدِي لِلَّتِي هِيَ أَقۡوَمُ وَيُبَشِّرُ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ ٱلَّذِينَ يَعۡمَلُونَ ٱلصَّـٰلِحَٰتِ أَنَّ لَهُمۡ أَجۡرٗا كَبِيرٗا
Mu vy’ukuri iyi Qor’ani, irongora abantu mu nzira igororotse koko y’ubwislamu, igaha inkuru nziza ihumuriza abemeramana bakora ivyiza bitegetswe, ko bategekanirijwe impera nta ngere;

10 - Al-Isra (The Night Journey) - 010

وَأَنَّ ٱلَّذِينَ لَا يُؤۡمِنُونَ بِٱلۡأٓخِرَةِ أَعۡتَدۡنَا لَهُمۡ عَذَابًا أَلِيمٗا
Ikanagabisha abatemera ko hariho ubuzima bw'inyuma yo gupfa, ko bategekanirijwe ibihano bibabaza.

11 - Al-Isra (The Night Journey) - 011

وَيَدۡعُ ٱلۡإِنسَٰنُ بِٱلشَّرِّ دُعَآءَهُۥ بِٱلۡخَيۡرِۖ وَكَانَ ٱلۡإِنسَٰنُ عَجُولٗا
Umuntu iyo atwawe n’agashavu, hari igihe yihutira kwisabira inabi, agasabira inabi n’abana hamwe n’amatungo vyiwe, nka kurya yisabira iciza, maze Imana Allah ku mpuhwe zayo, Igaheza Ikamwakirira gusa igisabisho yisabiramwo iciza, kuko burya umuntu yama yisabira inabi ku kwihuta no ku kutamenya.

12 - Al-Isra (The Night Journey) - 012

وَجَعَلۡنَا ٱلَّيۡلَ وَٱلنَّهَارَ ءَايَتَيۡنِۖ فَمَحَوۡنَآ ءَايَةَ ٱلَّيۡلِ وَجَعَلۡنَآ ءَايَةَ ٱلنَّهَارِ مُبۡصِرَةٗ لِّتَبۡتَغُواْ فَضۡلٗا مِّن رَّبِّكُمۡ وَلِتَعۡلَمُواْ عَدَدَ ٱلسِّنِينَ وَٱلۡحِسَابَۚ وَكُلَّ شَيۡءٖ فَصَّلۡنَٰهُ تَفۡصِيلٗا
Ijoro n’umurango Twabigize ibimenyetso bibiri vyerekana ko Imana Allah ari Imwe Rudende, Turaheza Tuzimya ku murango ikimenyetso c’ijoro c’ukwezi kwaka mw’ijoro, maze Dutuma ikimenyetso c’umurango c’izuba, kimurika ku murango kugira murondere icorirenza mu mpano z’Imana yanyu Rurema Allah, mw’ijoro naho muheze muruhuke, no kugira kandi mushobore kumenya igena ry’imyaka n’igitigiri c’amezi n’imisi[350]. Burya ikintu ico ari co cose Twaragitomoye bikwiye.
[350] Mwisunze ibisikanya n'ikurakuranwa ry’ijoro n’umurango.

13 - Al-Isra (The Night Journey) - 013

وَكُلَّ إِنسَٰنٍ أَلۡزَمۡنَٰهُ طَـٰٓئِرَهُۥ فِي عُنُقِهِۦۖ وَنُخۡرِجُ لَهُۥ يَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ كِتَٰبٗا يَلۡقَىٰهُ مَنشُورًا
Umuntu uwo ari we wese rero, ivyo akora biri ku gatwe kiwe[351]. Ku musi w’izuka Twebwe Allah, Tuzomuhereza igitabu canditswemwo ivyo yakoze vyose, avyirabire;
[351] Umuntu ntazohanirwa ibikorwa vya mugenziwe, eka nta n’uwuzohemberwa ibikorwa vya mugenziwe.

14 - Al-Isra (The Night Journey) - 014

ٱقۡرَأۡ كِتَٰبَكَ كَفَىٰ بِنَفۡسِكَ ٱلۡيَوۡمَ عَلَيۡكَ حَسِيبٗا
Azobwirwa ati: “Isomere igitabu canditswemwo ibikorwa vyawe[352], uno musi ni wewe nyene ukwiye kwimenyera ido n’ido ivyo wakoze, uheze umenye n’impembo yawe ubwawe nyene”.
[352] Umuntu rero azoshobora kwisomera ivyanditswe mu gitabu ciwe, n’aho yoba atigeze amenya gusoma no kwandika akiri kw’isi.

15 - Al-Isra (The Night Journey) - 015

مَّنِ ٱهۡتَدَىٰ فَإِنَّمَا يَهۡتَدِي لِنَفۡسِهِۦۖ وَمَن ضَلَّ فَإِنَّمَا يَضِلُّ عَلَيۡهَاۚ وَلَا تَزِرُ وَازِرَةٞ وِزۡرَ أُخۡرَىٰۗ وَمَا كُنَّا مُعَذِّبِينَ حَتَّىٰ نَبۡعَثَ رَسُولٗا
Uwuzoba rero umugororotsi yaragamburukiye Imana Allah, azoheza ahembwe ivyiza ku bugororotsi bwiwe. Nayo uwuzohuba, akagabitaniriza Imana Allah, azoheza ahembwe ibibi ku buhuvyi bwiwe. Nta muntu n’umwe rero azohanirwa icaha ca mugenziwe. Kandi Twebwe Allah, ntitwigeze Duhanira abantu ivyaha bakoze, Tutabanje kubarungikira Intumwa ibashikiriza ubutumwa bwacu.

16 - Al-Isra (The Night Journey) - 016

وَإِذَآ أَرَدۡنَآ أَن نُّهۡلِكَ قَرۡيَةً أَمَرۡنَا مُتۡرَفِيهَا فَفَسَقُواْ فِيهَا فَحَقَّ عَلَيۡهَا ٱلۡقَوۡلُ فَدَمَّرۡنَٰهَا تَدۡمِيرٗا
Iyo rero Twebwe Allah Dushatse guhonya abantu bo mu gacimbiri ako ari ko kose ku kwirenganya kwabo, Tubanza kubwiriza na canecane abatewe iteka muri bo, ko bogamburuka bakanemera Imana Allah n’Intumwa yayo, maze bakarenga ku mabwirizwa yacu bayazi, gutyo bikaba ngombwa ko bahanwa ata gisivya, Tugaca Tubahonya nya guhonya.

17 - Al-Isra (The Night Journey) - 017

وَكَمۡ أَهۡلَكۡنَا مِنَ ٱلۡقُرُونِ مِنۢ بَعۡدِ نُوحٖۗ وَكَفَىٰ بِرَبِّكَ بِذُنُوبِ عِبَادِهِۦ خَبِيرَۢا بَصِيرٗا
Hariho imigwi myinshi y’abantu Twahoneje rero, kuko yagararije Intumwa yarungikiwe inyuma y’irungikwa rya Nuhu. Burya Imana yawe Rurema Allah, Irakwiye kuba Muhetuziwavyose, Nyenukubona, Irazi neza ivyaha bikorwa n’abaja bayo, nta na kimwe Iyobewe.

18 - Al-Isra (The Night Journey) - 018

مَّن كَانَ يُرِيدُ ٱلۡعَاجِلَةَ عَجَّلۡنَا لَهُۥ فِيهَا مَا نَشَآءُ لِمَن نُّرِيدُ ثُمَّ جَعَلۡنَا لَهُۥ جَهَنَّمَ يَصۡلَىٰهَا مَذۡمُومٗا مَّدۡحُورٗا
Uwo wese rero yipfuza kuronka ibihendamaso vy’isi akabihurumbira, ha guhurumbira ibizomufasha mu buzima bw’inyuma yo gupfa, Tuzoheza Turonse Twebwe Allah uwo Dushatse mu biremwa akiri kw’isi, ivyo Dushaka mu vyo Twamugeneye mu vyagezwe, hanyuma Tumutegekanirize umuriro wa Jahannamu azokwinjiramwo afitiwe umwikomo, akwiye ivumwe ry’Imana Allah.

19 - Al-Isra (The Night Journey) - 019

وَمَنۡ أَرَادَ ٱلۡأٓخِرَةَ وَسَعَىٰ لَهَا سَعۡيَهَا وَهُوَ مُؤۡمِنٞ فَأُوْلَـٰٓئِكَ كَانَ سَعۡيُهُم مَّشۡكُورٗا
Nayo uwushaka guhemberwa ivyo yakoze mu buzima bw’inyuma yo gupfa, maze agahurumbira igamburukiramana, yemera Imana Allah, yizeye n’indishi kuri Yo, uyo ari mu bakirirwa ibikorwa vyabo, bakazonashimirwa n’Imana Allah.

20 - Al-Isra (The Night Journey) - 020

كُلّٗا نُّمِدُّ هَـٰٓؤُلَآءِ وَهَـٰٓؤُلَآءِ مِنۡ عَطَآءِ رَبِّكَۚ وَمَا كَانَ عَطَآءُ رَبِّكَ مَحۡظُورًا
Umugwi umwe wose rero muri iyo migwi ibiri; waba uw’abipfuza bagahurumbira ibihendamaso vy’isi, canke uw’abahurumbira indishi yo mu buzima bw’inyuma yo gupfa, Twebwe Allah Tuwuronsa ibiwubeshaho kw’isi mu mpano zacu, burya impano z’Imana yawe Rurema Allah, kw’isi nta n’umwe yimiriwe kuzironkako.

21 - Al-Isra (The Night Journey) - 021

ٱنظُرۡ كَيۡفَ فَضَّلۡنَا بَعۡضَهُمۡ عَلَىٰ بَعۡضٖۚ وَلَلۡأٓخِرَةُ أَكۡبَرُ دَرَجَٰتٖ وَأَكۡبَرُ تَفۡضِيلٗا
Ntumwa y’Imana! Ehe raba rero ukuntu Twebwe Allah, Twahaye bamwe mu bantu Tubasumbanisha mu bibabeshaho hamwe no mu bikorwa bashoboye. Ni ukuri, ubuzima bw’inyuma yo gupfa ku bemeramana, ni bwo bw’icubahiro muri vyose gusumba ubwo kw’isi.

22 - Al-Isra (The Night Journey) - 022

لَّا تَجۡعَلۡ مَعَ ٱللَّهِ إِلَٰهًا ءَاخَرَ فَتَقۡعُدَ مَذۡمُومٗا مَّخۡذُولٗا
Muntu! Ntukabangikanye Imana Allah n’iyindi mana, ngo wisange utewe ivyatsi n’Imana Allah, wongere unagirirwe n’umwikomo na Yo maze uteterwe.

23 - Al-Isra (The Night Journey) - 023

۞وَقَضَىٰ رَبُّكَ أَلَّا تَعۡبُدُوٓاْ إِلَّآ إِيَّاهُ وَبِٱلۡوَٰلِدَيۡنِ إِحۡسَٰنًاۚ إِمَّا يَبۡلُغَنَّ عِندَكَ ٱلۡكِبَرَ أَحَدُهُمَآ أَوۡ كِلَاهُمَا فَلَا تَقُل لَّهُمَآ أُفّٖ وَلَا تَنۡهَرۡهُمَا وَقُل لَّهُمَا قَوۡلٗا كَرِيمٗا
Muntu! Imana yawe Rurema Allah, Yabwirije ko hatokwiyegerezwa mu bikorwa no mu gusenga ikintu na kimwe kiretse Yo gusa, n'uko hubahwa hakubahirizwa n’abavyeyi mu bugwaneza, na canecane bageze mu za bukuru. Nihagira rero umwe muri bo ashika mu za bukuru canke bompi, ntukabashireko isoni mu ngiro canke mu mvugo, n’aho kwoba ari ukubimyoza gusa; ntukanabakankamire na rimwe, ahubwo uraheza ubabwire amajambo meza mu rupfasoni;

24 - Al-Isra (The Night Journey) - 024

وَٱخۡفِضۡ لَهُمَا جَنَاحَ ٱلذُّلِّ مِنَ ٱلرَّحۡمَةِ وَقُل رَّبِّ ٱرۡحَمۡهُمَا كَمَا رَبَّيَانِي صَغِيرٗا
Uheze wicishe bugufi kuri bo mu kubumvira impuhwe, wongere ubasabire uvuga uti: “Mana yanje Rurema Allah! Girira impuhwe nta ngere abavyeyi banje, nk’uko banyihanganiye bakandera nkiri muto”.

25 - Al-Isra (The Night Journey) - 025

رَّبُّكُمۡ أَعۡلَمُ بِمَا فِي نُفُوسِكُمۡۚ إِن تَكُونُواْ صَٰلِحِينَ فَإِنَّهُۥ كَانَ لِلۡأَوَّـٰبِينَ غَفُورٗا
Bantu! Burya Imana yanyu Rurema Allah, Irazi neza ivyo muhishije mu mishaha yanyu; vyaba ivyiza canke ibibi. Nimwaba aberanda rero mu vyo mukora mushaka gushimisha Imana Allah, mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya[353], Izobagirira ikigongwe.
[353] Iyo Imana Allah Iravye mu mushaha w’umuntu Ikabona ukwigaya vy’ukuri, Iraheza Ikamubabarira ibicumuro n'ivyaha vyiwe yakoze ku bubegito ndemanwa bwiwe.

26 - Al-Isra (The Night Journey) - 026

وَءَاتِ ذَا ٱلۡقُرۡبَىٰ حَقَّهُۥ وَٱلۡمِسۡكِينَ وَٱبۡنَ ٱلسَّبِيلِ وَلَا تُبَذِّرۡ تَبۡذِيرًا
Muntu! Urubaha wubahirize agateka k’umuvandimwe wawe mu kumuhereza imperezwa ku bugwaneza, wongere uhe n’umukene atagira shinge na rugero, n’uwuri ku rugendo yakehaniwe n’ikimushikana iyo aroye, kandi ntugatange mu bitarekuwe canke mu buryo bw’isesagura ry’ubutunzi;

27 - Al-Isra (The Night Journey) - 027

إِنَّ ٱلۡمُبَذِّرِينَ كَانُوٓاْ إِخۡوَٰنَ ٱلشَّيَٰطِينِۖ وَكَانَ ٱلشَّيۡطَٰنُ لِرَبِّهِۦ كَفُورٗا
Mu vy’ukuri, abatanga mu bitarekuwe canke mu buryo bw’isesagura ry’ubutunzi, ni incuti za shetani mu gukwiragiza ubwononyi n’ivyaha; burya shetani yamye ari umugarariji karuhariwe w’inema z’Imana yayo Rurema Allah;

28 - Al-Isra (The Night Journey) - 028

وَإِمَّا تُعۡرِضَنَّ عَنۡهُمُ ٱبۡتِغَآءَ رَحۡمَةٖ مِّن رَّبِّكَ تَرۡجُوهَا فَقُل لَّهُمۡ قَوۡلٗا مَّيۡسُورٗا
Niwirengagiza guha imperezwa abayigenewe, ku mvo zo kutagira ico wobaha, uzeye kuzoronka ico wobahako ku mpuhwe z’Imana yawe Rurema Allah, uraheza ubabwire akajambo keza k’ituze kabaremesha ko niwaronka uzobaha;

29 - Al-Isra (The Night Journey) - 029

وَلَا تَجۡعَلۡ يَدَكَ مَغۡلُولَةً إِلَىٰ عُنُقِكَ وَلَا تَبۡسُطۡهَا كُلَّ ٱلۡبَسۡطِ فَتَقۡعُدَ مَلُومٗا مَّحۡسُورًا
Ntukabe rero ingumyi mu kudatanga mu bikorwa vy’igamburukiramana[354]; kandi ntugasesagure mu gutanga gushika n’aho utanga ibirengeye ubushobozi bwawe, maze ugatangura gutanako imiragwe n’abantu bakakunebagura, ugatangura kwicuza kw’isesagurwa ry’ubutunzi bwawe.
[354] Nko gusumira umuryango no gufasha aboro n’abakene batagira shinge na rugero, n’ibindi.

30 - Al-Isra (The Night Journey) - 030

إِنَّ رَبَّكَ يَبۡسُطُ ٱلرِّزۡقَ لِمَن يَشَآءُ وَيَقۡدِرُۚ إِنَّهُۥ كَانَ بِعِبَادِهِۦ خَبِيرَۢا بَصِيرٗا
Mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah, Iha uwo Ishatse umusesekara gusumba abandi mu bibeshaho ibiremwa, Ikagerera muri vyo uwo Ishatse. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Muhetuziwavyose, Nyenukubona, Irazi neza ibikorwa vy’abaja bayo, nta na kimwe Iyobewe.

31 - Al-Isra (The Night Journey) - 031

وَلَا تَقۡتُلُوٓاْ أَوۡلَٰدَكُمۡ خَشۡيَةَ إِمۡلَٰقٖۖ نَّحۡنُ نَرۡزُقُهُمۡ وَإِيَّاكُمۡۚ إِنَّ قَتۡلَهُمۡ كَانَ خِطۡـٔٗا كَبِيرٗا
Bantu! Ntimukice abana banyu ku mvo zo gutinya ko mwokena. Ni Twebwe Allah Tuzobabeshaho nk’uko na mwe Tubabeshejeho. Mu vy’ukuri, ukwica abana ku mvo zo gutinya gukena, ni icaha rutura;

32 - Al-Isra (The Night Journey) - 032

وَلَا تَقۡرَبُواْ ٱلزِّنَىٰٓۖ إِنَّهُۥ كَانَ فَٰحِشَةٗ وَسَآءَ سَبِيلٗا
Ntimukegere na gato ivyotuma mugwa mu busambanyi. Mu vy’ukuri ugusambana, ni icaha c'agahomerabunwa, ni n’inzira mbi itabereye namba;

33 - Al-Isra (The Night Journey) - 033

وَلَا تَقۡتُلُواْ ٱلنَّفۡسَ ٱلَّتِي حَرَّمَ ٱللَّهُ إِلَّا بِٱلۡحَقِّۗ وَمَن قُتِلَ مَظۡلُومٗا فَقَدۡ جَعَلۡنَا لِوَلِيِّهِۦ سُلۡطَٰنٗا فَلَا يُسۡرِف فِّي ٱلۡقَتۡلِۖ إِنَّهُۥ كَانَ مَنصُورٗا
Kandi ntimukice umuntu Imana Allah Yaziririje ko yicwa, kiretse mu gihe hubahirijwe vy’ukuri ingingo yo kwica[355]. Uwishwe rero ku karenganyo, umuhagarikizi wiwe[356] Twebwe Allah Twaramuhaye ububasha bwo gusaba ubutungane ko uwamwiciye yokwicwa canke agatanga inshumbusho, kandi rero ntarekuriwe na gato kurenga ku ngingo yo kwihora ngo hicwe babiri canke barenga ku kwihorera iyicwa ry’umuntu umwe, canke ngo uwishe yicwe urw’agashinyaguro; mu vy’ukuri umuhagarikizi w’uwishwe, Imana Allah Izomutera intege gushika yihorere uwishwe;
[355] Nk’ingingo yo kwica uwishe, canke uwudohotse ku kwemera akava mu bwislamu “murtaddi”, canke uwusambanye yari yubatse urwiwe agaterwa amabuye gushika apfe. [356] Umuhagarikizi arekuriwe gusaba ubutungane ko bwubahiriza ingingo yo kwihorera uwishwe. Umuhagarikizi arashobora kuba ari umwe mu basigwa biwe batorana, canke akaba mu ndongozi.

34 - Al-Isra (The Night Journey) - 034

وَلَا تَقۡرَبُواْ مَالَ ٱلۡيَتِيمِ إِلَّا بِٱلَّتِي هِيَ أَحۡسَنُ حَتَّىٰ يَبۡلُغَ أَشُدَّهُۥۚ وَأَوۡفُواْ بِٱلۡعَهۡدِۖ إِنَّ ٱلۡعَهۡدَ كَانَ مَسۡـُٔولٗا
Vyongeye, ntimugatandukire amatungo y’impfuvyi mureze ngo muyakoreshe mu kuyigurana, kiretse mu bintu nkenerwa ku neza[357] ya nya mpfuvyi gushika igere mu bigero, ishobore no kumenya gukoresha nya matungo. Muraheza mwubahirize kandi n’isezerano mwemeye ryo kurera nya mpfuvyi no kuyicungerera amatungo yayo. Mu vy’ukuri, umuntu azobazwa n’Imana Allah ku musi w’izuka ko yubahirije isezerano, Iheze Imuhere niyaryubahiriza, canke Imuhane niyahemuka akaridohokako.
[357] Nko kuyakoresha mu bikorwa vyo kugwiza ubutunzi.

35 - Al-Isra (The Night Journey) - 035

وَأَوۡفُواْ ٱلۡكَيۡلَ إِذَا كِلۡتُمۡ وَزِنُواْ بِٱلۡقِسۡطَاسِ ٱلۡمُسۡتَقِيمِۚ ذَٰلِكَ خَيۡرٞ وَأَحۡسَنُ تَأۡوِيلٗا
Nimukwize ingero nimwagerera abantu, mukwize neza n’ivyo mubagerera ku munzani. Ugutunganiriza abantu ku ngero canke ku munzani, ni vyo vyiza kuri mwebwe kw’isi, ni na vyo muzohemberwa indishi ishemeye mu buzima bw’inyuma yo gupfa.

36 - Al-Isra (The Night Journey) - 036

وَلَا تَقۡفُ مَا لَيۡسَ لَكَ بِهِۦ عِلۡمٌۚ إِنَّ ٱلسَّمۡعَ وَٱلۡبَصَرَ وَٱلۡفُؤَادَ كُلُّ أُوْلَـٰٓئِكَ كَانَ عَنۡهُ مَسۡـُٔولٗا
Muntu! Ntukihe gushira mu ngiro canke guhagarikira ivyo udafitiye ubumenyi. Mu vy’ukuri, umuntu azobazwa kw’ikoreshwa ry’amatwi, amaso n’umushaha. Niyakoresha rero ivyo bihimba ku neza, azoheza abihemberwe iciza; niyabikoresha naho ku nabi, azoheza abihemberwe ikibi;

37 - Al-Isra (The Night Journey) - 037

وَلَا تَمۡشِ فِي ٱلۡأَرۡضِ مَرَحًاۖ إِنَّكَ لَن تَخۡرِقَ ٱلۡأَرۡضَ وَلَن تَبۡلُغَ ٱلۡجِبَالَ طُولٗا
Ntukagendagende n’amanyama n’ubwishime kw’isi, wewe mu vy’ukuri ntuzopfa utoboye isi ku manyama yawe; n’ubwishime bwawe kandi ntibuzotuma ungana n’umusozi mu burebure.

38 - Al-Isra (The Night Journey) - 038

كُلُّ ذَٰلِكَ كَانَ سَيِّئُهُۥ عِندَ رَبِّكَ مَكۡرُوهٗا
Izo ngingo n’amabwirizwa y’ibiziririjwe vyadondaguwe ng’aho hejuru, ibibi bibikomokako, Imana yawe Rurema Allah ntibikunda namba.

39 - Al-Isra (The Night Journey) - 039

ذَٰلِكَ مِمَّآ أَوۡحَىٰٓ إِلَيۡكَ رَبُّكَ مِنَ ٱلۡحِكۡمَةِۗ وَلَا تَجۡعَلۡ مَعَ ٱللَّهِ إِلَٰهًا ءَاخَرَ فَتُلۡقَىٰ فِي جَهَنَّمَ مَلُومٗا مَّدۡحُورًا
Muvugishwamana! Izo ngingo n’amabwirizwa rero, ni bimwe mu vyo Imana yawe Rurema Allah Yaguhishuriye. Muntu! Ntukanabangikanye Imana Allah n’iyindi mana mu gusenga, wohava utabwa mu muriro wa Jahannamu, abantu bagatangura kugutako imiragwe, na we ubwawe ukicuza ukayitako, ukisanga ata ciza na kimwe ufise kiretse ivumwe.

40 - Al-Isra (The Night Journey) - 040

أَفَأَصۡفَىٰكُمۡ رَبُّكُم بِٱلۡبَنِينَ وَٱتَّخَذَ مِنَ ٱلۡمَلَـٰٓئِكَةِ إِنَٰثًاۚ إِنَّكُمۡ لَتَقُولُونَ قَوۡلًا عَظِيمٗا
Babangikanyamana! Mbega Imana yanyu Rurema Allah Yabahitiyemwo kubaha abana b’abahungu, Iraheza Yigenera mu bamalayika abana b’abakobwa! Mu vy’ukuri, mwebwe muvuga ijambo ribi cane ryo kwomekera abana b’abakobwa ku Mana Allah.

41 - Al-Isra (The Night Journey) - 041

وَلَقَدۡ صَرَّفۡنَا فِي هَٰذَا ٱلۡقُرۡءَانِ لِيَذَّكَّرُواْ وَمَا يَزِيدُهُمۡ إِلَّا نُفُورٗا
Ni ukuri Twebwe Allah, Twaratomoye bikwiye muri Qor’ani, ingingo, amabwirizwa n’inyigisho zitandukanye, kugira abantu banyurwe baheze bikebuke. Iryo tomora ry’ingingo n’amabwirizwa, nta co ryigeze ryongereza abirenganya mu bantu, kiretse ubugaba bwo guhunga ukuri no kutikebuka.

42 - Al-Isra (The Night Journey) - 042

قُل لَّوۡ كَانَ مَعَهُۥٓ ءَالِهَةٞ كَمَا يَقُولُونَ إِذٗا لَّٱبۡتَغَوۡاْ إِلَىٰ ذِي ٱلۡعَرۡشِ سَبِيلٗا
Ntumwa y’Imana! Vuga ushimangira isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah, uti: “Imana Allah, iyo Iba Ifise izindi mana biri kumwe nk’uko ababangikanyamana bavuga, nya mana zari kurondera inzira izishikana kw’iganza ry’Imana Allah Nyenubuhangamo”.

43 - Al-Isra (The Night Journey) - 043

سُبۡحَٰنَهُۥ وَتَعَٰلَىٰ عَمَّا يَقُولُونَ عُلُوّٗا كَبِيرٗا
Nihaninahazwe Imana Allah, Ihabwe n’icubahiro nta ngere mu buryo burengeye cane ivyo ababangikanyamana bavuga.

44 - Al-Isra (The Night Journey) - 044

تُسَبِّحُ لَهُ ٱلسَّمَٰوَٰتُ ٱلسَّبۡعُ وَٱلۡأَرۡضُ وَمَن فِيهِنَّۚ وَإِن مِّن شَيۡءٍ إِلَّا يُسَبِّحُ بِحَمۡدِهِۦ وَلَٰكِن لَّا تَفۡقَهُونَ تَسۡبِيحَهُمۡۚ إِنَّهُۥ كَانَ حَلِيمًا غَفُورٗا
Amajuru indwi n’isi hamwe n’ibiri muri vyo, vyose biraninahaza Imana Allah, nta n’ikintu na kimwe rero caremwe, kiretse ko kininahaza Imana Allah mu kuyishimagiza, ariko mwebwe abantu ntimutahura ininahazamana ryavyo. Mu vy’ukuri Imana Allah, Yamye ari Nyenubwitonzi-ntangere, ntiyihutira guhana ibigaba, Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya.

45 - Al-Isra (The Night Journey) - 045

وَإِذَا قَرَأۡتَ ٱلۡقُرۡءَانَ جَعَلۡنَا بَيۡنَكَ وَبَيۡنَ ٱلَّذِينَ لَا يُؤۡمِنُونَ بِٱلۡأٓخِرَةِ حِجَابٗا مَّسۡتُورٗا
Ntumwa y'Imana! Iyo usomye Qor’ani, maze ababangikanyamana bakayumva, mu kubahanira ubutumva bwabo, Duca Dushira ipaziya hagati yawe n’abatemera ubuzima bw’inyuma yo gupfa, maze nya paziya igatuma badatahura Qor’ani;

46 - Al-Isra (The Night Journey) - 046

وَجَعَلۡنَا عَلَىٰ قُلُوبِهِمۡ أَكِنَّةً أَن يَفۡقَهُوهُ وَفِيٓ ءَاذَانِهِمۡ وَقۡرٗاۚ وَإِذَا ذَكَرۡتَ رَبَّكَ فِي ٱلۡقُرۡءَانِ وَحۡدَهُۥ وَلَّوۡاْ عَلَىٰٓ أَدۡبَٰرِهِمۡ نُفُورٗا
Tugaheza Tugasibanganya n'imitima yabo igacika agatimatare biturutse ku bugaba bwabo, ntibaheze ngo banyurwe na Qor’ani, Tukaziba n’amatwi yabo maze ntibumvirize Qor’ani ngo igire ico ibunguye; n’iyo uyaze Imana yawe Rurema muri Qor’ani, urarikira ko Yosengwa ari Imwe Rudende Itabangikanywa, baca birabira hirya bakagenza umugongo bahunga iryo rarikwa ryo gusenga batabangikanya Imana Imwe Rudende Allah.

47 - Al-Isra (The Night Journey) - 047

نَّحۡنُ أَعۡلَمُ بِمَا يَسۡتَمِعُونَ بِهِۦٓ إِذۡ يَسۡتَمِعُونَ إِلَيۡكَ وَإِذۡ هُمۡ نَجۡوَىٰٓ إِذۡ يَقُولُ ٱلظَّـٰلِمُونَ إِن تَتَّبِعُونَ إِلَّا رَجُلٗا مَّسۡحُورًا
Burya rero Twebwe Allah, Turazi neza ihangiro ry’ivyo ababangikanyamana bumviriza iyo bariko bagutega amatwi. Ntibanakwumviriza ku mvo zo gutahura ngo banyurwe. Turazi n’ivyo bavuga mu bwongoshwe, maze abirenganije muri bo, bakavuga bati: “Emwe! Nta co mukurikira kiretse umugabo yarozwe agakeherwa n’ubwenge!”.

48 - Al-Isra (The Night Journey) - 048

ٱنظُرۡ كَيۡفَ ضَرَبُواْ لَكَ ٱلۡأَمۡثَالَ فَضَلُّواْ فَلَا يَسۡتَطِيعُونَ سَبِيلٗا
Ntumwa y’Imana! Ehe raba ukuntu ababangikanyamana bakugize iciro ry’umugani ko uri umurozi wakehewe n’ubwenge, maze barahuba, eka ntibashobora no gutumbera inzira igororotse y’ukuri.

49 - Al-Isra (The Night Journey) - 049

وَقَالُوٓاْ أَءِذَا كُنَّا عِظَٰمٗا وَرُفَٰتًا أَءِنَّا لَمَبۡعُوثُونَ خَلۡقٗا جَدِيدٗا
Ababangikanyamana bavuze bamirira kure izuka ry’ibiremwa, bati: “Aho rero nitwahwera tugacika amagufa yabunzwe akabora, burya tuzosubizwa ubuzima kandi, duheze tuzuke ku musi w’izuka!”.

50 - Al-Isra (The Night Journey) - 050

۞قُلۡ كُونُواْ حِجَارَةً أَوۡ حَدِيدًا
Ntumwa y’Imana! Bishure uti: “Murashaka muhinduke ibuye canke icuma nimwaba mubishoboye;

51 - Al-Isra (The Night Journey) - 051

أَوۡ خَلۡقٗا مِّمَّا يَكۡبُرُ فِي صُدُورِكُمۡۚ فَسَيَقُولُونَ مَن يُعِيدُنَاۖ قُلِ ٱلَّذِي فَطَرَكُمۡ أَوَّلَ مَرَّةٖۚ فَسَيُنۡغِضُونَ إِلَيۡكَ رُءُوسَهُمۡ وَيَقُولُونَ مَتَىٰ هُوَۖ قُلۡ عَسَىٰٓ أَن يَكُونَ قَرِيبٗا
Canke muhinduke ikindi kiremwa mubona ko gihambaye cane, nta kibuza ko muzozuka”. Umaze kubabwira ivyo, muri ico gihe bazokwinamura bahakana, bati: “Ni nde yodusubiza ubuzima twaramaze gupfa!”. Bakurire inkoni ku gishitsi ubabwire uti: “Imana Allah Yabaremye na mbere, ni Yo Izobazura Ikabasubiza ubuzima”. Nibumva iyo nyishu, bazozungagiza umutwe bitangaza, baheze bavuge bati: “None iryo zuka ry’ibiremwa, rizoba ryari!?”. Uraheza ubishure uti: “Mwobibwirwa n’iki ko kumbure iryo zuka ry’ibiremwa riri hafi kugera!”.

52 - Al-Isra (The Night Journey) - 052

يَوۡمَ يَدۡعُوكُمۡ فَتَسۡتَجِيبُونَ بِحَمۡدِهِۦ وَتَظُنُّونَ إِن لَّبِثۡتُمۡ إِلَّا قَلِيلٗا
Umusi Imana Allah, Iyabaremye Yabahamagaye ngo muzuke, maze mukitaba muyishimagiza, mugasokoroka mu kuzimu mwubahiriza itegeko ryayo, muzokwibaza ko mutigeze muba kw’isi kiretse akanya gato, bitewe n’intureka z’uwo musi.

53 - Al-Isra (The Night Journey) - 053

وَقُل لِّعِبَادِي يَقُولُواْ ٱلَّتِي هِيَ أَحۡسَنُۚ إِنَّ ٱلشَّيۡطَٰنَ يَنزَغُ بَيۡنَهُمۡۚ إِنَّ ٱلشَّيۡطَٰنَ كَانَ لِلۡإِنسَٰنِ عَدُوّٗا مُّبِينٗا
Ntumwa y’Imana! Bwira abaja banje b’abemeramana bavuge amajambo meza aroranye, abereye mu bihe vyose. Nibatabikora ukwo, bazokwibonerako. Mu vy’ukuri, shetani irateranya ikabiba urwanko hagati yabo; ni ukuri shetani, yamye ari umwansi agaragara kuri kiremwa-muntu.

54 - Al-Isra (The Night Journey) - 054

رَّبُّكُمۡ أَعۡلَمُ بِكُمۡۖ إِن يَشَأۡ يَرۡحَمۡكُمۡ أَوۡ إِن يَشَأۡ يُعَذِّبۡكُمۡۚ وَمَآ أَرۡسَلۡنَٰكَ عَلَيۡهِمۡ وَكِيلٗا
Bantu! Imana yanyu Rurema Allah Irabazi neza. Ishatse Yobagirira impuhwe Ikabashoboza kwemera; canke Ishatse Igatuma muhwerera mu bugarariji, Igaheza Ikabahana. Ntumwa y’Imana! Eka ntitwakurungitse ku bantu kugira ubabere umuhagarikizi ajejwe kubahembera ivyo bakoze;

55 - Al-Isra (The Night Journey) - 055

وَرَبُّكَ أَعۡلَمُ بِمَن فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۗ وَلَقَدۡ فَضَّلۡنَا بَعۡضَ ٱلنَّبِيِّـۧنَ عَلَىٰ بَعۡضٖۖ وَءَاتَيۡنَا دَاوُۥدَ زَبُورٗا
Imana yawe Rurema Allah, Irazi neza ibiremwa biri mu majuru no mw’isi. Ni ukuri Twebwe Allah, Twaradugije icubahiro bamwe mu Bavugishwamana gusumba abandi, mu guhabwa Ibitabu n’ubwinshi bw’ababakurikiye, Twaranahaye n’Intumwa Dawudi (nyakugira amahoro y’Imana Allah) Igitabu ca Zaburi.

56 - Al-Isra (The Night Journey) - 056

قُلِ ٱدۡعُواْ ٱلَّذِينَ زَعَمۡتُم مِّن دُونِهِۦ فَلَا يَمۡلِكُونَ كَشۡفَ ٱلضُّرِّ عَنكُمۡ وَلَا تَحۡوِيلًا
Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Nimusabe mutakambira ibigirwamana musenga mu gishingo c’Imana Allah, maze bibakureko ivyago! Ico mwomenya co, ni uko bidashoboye namba kubakurako nya vyago; kira noneho rero, ntibinashoboye no gutera ivyago n’uwundi atari mwebwe[358]”.
[358] Iyi Aayah irabuza gusenga no kwiyambaza ikintu na kimwe mu gishingo c’Imana Allah, caba ari umuzimu canke ikiri kizima, yaba Intumwa canke umweranda, n’ibindi.

57 - Al-Isra (The Night Journey) - 057

أُوْلَـٰٓئِكَ ٱلَّذِينَ يَدۡعُونَ يَبۡتَغُونَ إِلَىٰ رَبِّهِمُ ٱلۡوَسِيلَةَ أَيُّهُمۡ أَقۡرَبُ وَيَرۡجُونَ رَحۡمَتَهُۥ وَيَخَافُونَ عَذَابَهُۥٓۚ إِنَّ عَذَابَ رَبِّكَ كَانَ مَحۡذُورٗا
Ivyo bigirwamana musenga mutakambira mu biremwa, vyaba mu Bavugishwamana, mu beranda canke mu bamalayika, birahiganwa mu gukora ivyobishikana ku Mana yavyo Rurema Allah, bikizigira kuronka impuhwe zayo, bigatinya n’ibihano vyayo. Mu vy’ukuri ibihano vy’Imana yawe Rurema Allah, abantu barakwiye kubitinya bakavyigira kure.

58 - Al-Isra (The Night Journey) - 058

وَإِن مِّن قَرۡيَةٍ إِلَّا نَحۡنُ مُهۡلِكُوهَا قَبۡلَ يَوۡمِ ٱلۡقِيَٰمَةِ أَوۡ مُعَذِّبُوهَا عَذَابٗا شَدِيدٗاۚ كَانَ ذَٰلِكَ فِي ٱلۡكِتَٰبِ مَسۡطُورٗا
Nta gacimbiri na kamwe k’abagarariji gahakana Intumwa, kiretse ko Twebwe Allah Tuzogahonya imbere yuko umuhero w’isi ugera; canke Tukagahanisha ibihano bibabaza kw’isi. Iryo honywa n’ihanwa ryako, vyaramaze kwandikwa mu vyagezwe n’Imana Allah.

59 - Al-Isra (The Night Journey) - 059

وَمَا مَنَعَنَآ أَن نُّرۡسِلَ بِٱلۡأٓيَٰتِ إِلَّآ أَن كَذَّبَ بِهَا ٱلۡأَوَّلُونَۚ وَءَاتَيۡنَا ثَمُودَ ٱلنَّاقَةَ مُبۡصِرَةٗ فَظَلَمُواْ بِهَاۚ وَمَا نُرۡسِلُ بِٱلۡأٓيَٰتِ إِلَّا تَخۡوِيفٗا
Nta catumye Tutamanura ibitangaro vyasabwe n’ababangikanyamana, atari uko abo hambere y’abo Twabamanuriye nya bitangaro bakabihakana. Twarahaye Bene Thamuudi (barungikiwe Intumwa Swalehe) igitangaro gitomoye c’ingamiya, baraheza barirenganya bivuye inyuma mu guhakana nya gitangaro. Burya Twebwe Allah, ntitwigeze Turungikana Intumwa ibitangaro, atari ukugira ngo abantu batinye ibihano vyacu, baheze bikebuke.

60 - Al-Isra (The Night Journey) - 060

Scroll to Top