قريش

 

Quraysh

 

Quraysh

1 - Quraysh (Quraysh) - 001

لِإِيلَٰفِ قُرَيۡشٍ
Kubera akamenyero k’Abakorayishi;

2 - Quraysh (Quraysh) - 002

إِۦلَٰفِهِمۡ رِحۡلَةَ ٱلشِّتَآءِ وَٱلصَّيۡفِ
Akamenyero kabo ko kuja mu gihugu ca Yemeni kiri mu bumanuko mu rushana, no kuja mu bihugu vyo muri Shaamu biri mu buraruko mu ci, aho baja kurangura ibidandazwa, bakishira bakizana ata nkomanzi.

3 - Quraysh (Quraysh) - 003

فَلۡيَعۡبُدُواْ رَبَّ هَٰذَا ٱلۡبَيۡتِ
Kubera ivyo rero, nibashimire Imana Rurema Nyene iyi ngoro ntagatifu (Al-Ka’ba), babaye hambavu yayo batekaniwe; baheze bayiyegereze mu vyo bakora vyose banayisenge ari Imwe Rudende;

4 - Quraysh (Quraysh) - 004

ٱلَّذِيٓ أَطۡعَمَهُم مِّن جُوعٖ وَءَامَنَهُم مِّنۡ خَوۡفِۭ
Yo Yabafunguriye Ikabakiza inzara, Ikabaha n’umutekano, Ikanabakiza ubwoba.

[sc name="verse"][/sc]

Scroll to Top