Irengagize ivy'isi mu kutabihurumbira, Imana Allah Izogukunda; uheze wirengagize n'ibiri mu minwe y'abantu mu kutabihahamukira, abantu na bo bazoheza bagukunde
Mu vyakiriwe na Abu Al'Abasi Sahli mwene Sa'di Al-Saa'idiy (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko higeze kuza umugabo umwe ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aca amubwira ati: "Ewe Ntumwa y'Imana! Nyereka ikintu mu gihe nogikora, Imana Allah Yoca…

