Ururimi rwawe ntiruzohengeshanye kuguma ruremvye mu kuninahaza no gutazira Imana Allah
Choose an available translation of this Hadeeth
Hadeeth text
Mu vyakiriwe na Abdullahi mwene Busri (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko hari umugabo yigeze kubwira Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ati: "Ewe Ntumwa y'Imana! Mu vy'ukuri amabwirizwa y'ubwislamu, ni ukuri yambanye menshi, enda rero mbwira umuce umwe gusa uhurikiyemwo vyose, mpeze ndawufate nkama ndawutsimbatareko! Ica imwishura iti: "Ururimi rwawe ntiruzohengeshanye kuguma ruremvye mu kuninahaza no gutazira Imana Allah". Mu bundi bwakirizi mu nyigisho yakiriwe na Mu'aadhi mwene Jabali (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Mu bintu vya nyuma naherukiyeko kubaza Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), navuze nti: "Ni ibihe bikorwa vyiza gusumba binatonesha ku Mana Allah kurusha, mu bikorwa vyiza bitegetswe?". Yanyishuye iti: "Ni uko wopfa, ururimi rwawe rukibomvye mu kuguma runinahaza rutazira Imana Allah Nyenintsinzi na Nyenicubahiro".
Explanation
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaciye amwereka ko ururimi rwiwe rutohengeshanya kwama rubomvye ku kwama rutazira runinahaza Imana Allah Nyenukuninahazwa, Nyenuguhabwicubahiro nta ngere, maze ivyo bigakorwa ku mwanya n'aho ari ho hose; nko kuyininahaza mu kuvuga ati: "SUB-HAANA LLAAH", "AL-HAMDU LILLAAH", "ASTAGH-FIRU LLAAH", hamwe rero no kuyisaba, n'ibindi nk'ivyo.
Benefits
Biri mu ngabirano z'Imana Allah ku biremwa, kworoherezwa imvo zo kuronka indishi.
Ubusumbasumbane buri hagati y'abaja b'Imana Allah, ufatiye ku mugabane w'umwe wese mu miryango y'ibikorwa vyiza bihimbaye.
Kugira kenshi itazira n'ininahazamana hakoreshejwe ururimi; nko kuninahaza Imana Allah mu kuvuga ati: "SUB-HAANA LLAAH", "AL-HAMDU LILLAAH", "LAA ILAAHA ILLA LLAAH", "ALLAAHU AKBAR", hamwe n'ibindi bitari ivyo bibangabanganwa n'ukuba umushaha uri hamwe mu nda igihe c'ininahaza n'itaziramana, ivyo bikaba bishikana umuntu ku ndishi mu kibanza c'ibikorwa nyegerezamana vy'inyongera adashoboye gukora.
Umwitwarariko w'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) mu kwishura abamubajije, maze umwe wese akamuha inyishu imukwiye kandi ibereye.
Attribution
Categories
Share hadeeth
Sharing options · 0 Total shares

