Ururimi rwawe ntiruzohengeshanye kuguma rubomvye mu kuninahaza no gutazira Imana Allah
Choose an available translation of this Hadeeth
Hadeeth text
Mu vyakiriwe na Abdullahi mwene Busri (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko hari umugabo umwe yigeze kubaza Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ati: "Ewe Ntumwa y'Imana! Mu vy'ukuri amabwirizwa y'ubwislamu, ni ukuri yambanye menshi, enda rero mbwira ikintu kimwe gusa nofata nkama, mpeze ndagitsimbatareko". Yamwishuye iti: "Ururimi rwawe ntiruzohengeshanye kuguma rubomvye mu kuninahaza no gutazira Imana Allah".
Explanation
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaciye amwereka ko ururimi rwiwe rutohengeshanya kwama rubomvye ku kwama rutazira runinahaza Imana Allah Nyenukuninahazwa, Nyenuguhabwicubahiro nta ngere, maze ivyo bigakorwa ku mwanya n'aho ari ho hose; nko kuyininahaza mu kuvuga ati: "SUB-HAANA LLAAH", "AL-HAMDU LILLAAH", "ASTAGH-FIRU LLAAH", hamwe rero no kuyisaba, n'ibindi nk'ivyo.
Benefits
Biri mu ngabirano z'Imana Allah ku biremwa, kworoherezwa imvo zo kuronka indishi.
Ubusumbasumbane buri hagati y'abaja b'Imana Allah, ufatiye ku mugabane w'umwe wese mu miryango y'ibikorwa vyiza bihimbaye.
Kugira kenshi itazira n'ininahazamana hakoreshejwe ururimi; nko kuninahaza Imana Allah mu kuvuga ati: "SUB-HAANA LLAAH", "AL-HAMDU LILLAAH", "LAA ILAAHA ILLA LLAAH", "ALLAAHU AKBAR", hamwe n'ibindi bitari ivyo bibangabanganwa n'ukuba umushaha uri hamwe mu nda igihe c'ininahaza n'itaziramana, ivyo bikaba bishikana umuntu ku ndishi mu kibanza c'ibikorwa nyegerezamana vy'inyongera adashoboye gukora.
Umwitwarariko w'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) mu kwishura abamubajije, maze umwe wese akamuha inyishu imukwiye kandi ibereye.
Attribution
Categories
Share hadeeth
Sharing options · 0 Total shares

