Mu vy'ukuri, ibikorwa vyose bihabwa impembo hisunzwe izirikana-gikorwa vyakoranwe; kandi burya mu vy'ukuri, umwe wese arafise ku mushaha wiwe ico yazirikanye
Choose an available translation of this Hadeeth
Hadeeth text
Mu vyakiriwe n'indongozi y'abemeramana Se wa Hafswa, Omari mwene Al-Khattwaabi (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Narumvise Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ivuga iti: "Mu vy'ukuri, ibikorwa vyose bihabwa impembo hisunzwe izirikana-gikorwa vyakoranwe; kandi burya mu vy'ukuri, umwe wese arafise ku mushaha wiwe ico yazirikanye, uwo wese rero ukwimuka kwiwe kuzoba ari ku bw'Imana Allah n'Intumwa yayo, ukwimuka kwiwe kuzokwakirwa ku bw'Imana Allah n'Intumwa yayo. Nayo uwuzoba ukwimuka kwiwe ari ku bw'isi n'ibihendamaso vyayo arondera, canke kukaba ari ku mvo z'ugukurikira umugore ashaka kwubakana nawe, ukwimuka kwiwe kuzokwakirwa ku mvo z'ivyatumye yimuka".
Explanation
Hanyuma (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaratanze akarorero mu kwerekana inkurikizi y'izirikana-gikorwa mu vyo abantu bakora n'aho boba babikoze mu buryo bumwe uravye ukungene babikoze, aho yerekanye ko uwazirikanye mu kwimuka ataye urwiwe arondera gushimwa n'Imana yiwe Rurema Allah, azoheza agahabwa impembo y'ukwimuka kwemewe ku bw'Imana Allah hisunzwe izirikana-gikorwa ryiwe; nayo uwazirikanye mu kwimuka kwiwe, guharanira inyungu z'ivy'isi (kurondera ibihendamaso vy'isi), mu matungo, canke mu vyubahiro, canke mu rudandazwa, canke umukenyezi, azoheza agahabwa impembo y'ukwimuka kwiwe, mu kuronswa ivyo yazirikanye bigatuma yimuka, nta n'umugabane w'impembo azoronka mu buzima bw'inyuma yo gupfa.
Benefits
Ibikorwa vyiza vyegereza umuntu ku Mana Allah, iyo umuntu abikoze nk'ibikorwa bisanzwe vyo mu buzima bwa misiyose (mu buryo bw'akamenyero), ntaheza ngo abihemberwe iyo atabikoze mu ntumbero y'ukurondera kwiyegereza Imana Allah.
Izirikana-gikorwa, ni ryo rituma haba itandukaniro hagati ya bimwe n'ibindi mu bikorwa nyegerezamana, hakaba n'itandukaniro hagati y'ibikorwa nyegerezamana n'ibimenyerewe gukorwa mu buzima bwa misi yose.
Attribution
Categories
Share hadeeth
Sharing options · 0 Total shares

