Mu vy'ukuri, Imana Allah Izofata umuntu umwe mu bantu narungitsweko, kugira Imuharurire ishengero ry'ibiremwa rikoraniye ng'aho ku musi w'izuka
Choose an available translation of this Hadeeth
Hadeeth text
Mu vyakiriwe na Abdu Llaahi mwene Amri mwene Al'Aaaswi (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti: "Mu vy'ukuri, Imana Allah Izofata umuntu umwe mu bantu narungitsweko, kugira Imuharurire ishengero ry'ibiremwa rikoraniye ng'aho ku musi w'izuka, aheze yugururirwe ibitabu mirongo icenda c'icenda vyanditswemwo ivyo yakoze vyose, kimwe cose muri vyo kizoba ari kirekire kireha n'ibuheramaso, hanyuma Imana Allah Ibwire nya muntu Iti: "Muri ibi vyose, hari na kimwe uhakana? Abanditsi banje babungabunga ibikorwa vy'ibiremwa, hari na kimwe bakurenganijeko!?". Wa muntu azoheza yishure ati: "Mana yanje Rurema! Habe namba". Imana Allah Izoca Imubaza Iti: "None hari ico wokwireguza ku vyo wakoze?". Wa muntu aheze yishure ati: "Mana yanje Rurema! Ihibambewe, nta co mfise nokwireguza". Maze Imana Allah Ice Imubwira Iti: "Ego cane, urafise ico wokwireguza, mu vy'ukuri urafise iciza twakuzigamiye, kukaba nkako kuri uno musi, nta na kimwe urenganywako". Hazoca herekanwa agatabu kanditsemwo gati: "ASH-HADU AN LAA ILAAHA ILLA LLAAH, WA-ASH-HADU ANNA MUHAMMADA ABDUHU WARASUULUH". Imana Allah Ishoke Ivuga Iti: "Genda rero upimirwe ku munzane ivyo wakoze". Wa muntu azokwitangaza maze avuga ati: "Mana yanje Rurema Allah! Agatabu nk'aka gapimwe hambavu y'ibitabu nk'ibi bingana amahanga!?". Imana Allah Izomwishura Imuhumuriza Iti: "Mu vy'ukuri, wewe nturenganywa na mba". Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze ati: "Ico gihe rero vya bitabu amahanga bizoshirwa kw'isahani y'umunzane, ka gatabu nako gashirwe kw'isanani y'urundi ruhande rw'umunzane, maze nya bitabu bice bihwahuka, ka gatabu na ko gace karemera ku munzane, kanatsinda nta kintu coza kiremereye namba gusumba izina ry'Imana Allah".
Explanation
Benefits
Ukuvuga gusa n'ururimi ko "ata mana ibwirijwe gusengwa vy'ukuri atari Imana Imwe Rudende Allah" ntibikwiye, ahubwo ni ngombwa ko uwuvuze iryo jambo ry'ukwemanga, aba azi neza ico risigura maze akarigendera.
Izirikanamana hamwe n'ukwemera koko Imana Imwe Rudende Allah, ni yo mvo ihambaye y'ukubabarirwa ivyaha.
Ukwemera Imana Imwe Rudende Allah, kugenda gusumbasumbana hisunzwe ubusumbasumbane bw'izirikamana riri mu mushaha w'umuntu, hari bamwe mu bantu usanga bishika bakavuga iryo jambo, ariko bakazohanwa hisunzwe urugero rw'ivyaha bakoze.
Attribution
Categories
Share hadeeth
Sharing options · 0 Total shares

