Mu vy'ukuri, agateka k'Imana Allah Ifise ku baja bayo, ni uko bayiyegereza mu vyo bakora vyose bakanayisenga batayibangikanya na kimwe mu biremwa; nayo agateka k'abaja bayo bayifiseko, ni uko Itazohana uwutayibangikanya na kimwe mu biremwa
Choose an available translation of this Hadeeth
Hadeeth text
Mu vyakiriwe na Mu'aadhi (Imana Allah Imwishimire) ni uko yavuze ati: "Igihe kimwe Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yari ampetse ku ndogobwe yitwa Ufairu, aca avuga ati: "Ewe Mu'aadhi! Woba uzi agateka k'Imana Allah Ifise ku baja bayo, n'agateka k'abaja bayo bafise kuri Yo?". Naciye mvuga nti: "Imana Allah n'Intumwa yayo, ni bo bazi gusumba, nayo jewe nta nyishu mfise". Aca arishura ati: "Mu vy'ukuri, agateka k'Imana Allah Ifise ku baja bayo, ni uko bayiyegereza mu vyo bakora vyose bakanayisenga batayibangikanya na kimwe mu biremwa; nayo agateka k'abaja bayo bayifiseko, ni uko Itazohana uwutayibangikanya na kimwe mu biremwa". Naciye mvuga nti: "Ewe Ntumwa y'Imana! None ubwo sinomenyesha abantu iyi nkuru nziza!?". Yaciye ivuga iti: "Eka! Ntuyibamenyeshe ku kwanka ko bokwijajara bakayifatirako maze bagaca badebukirwa mu bikorwa nyegerezamana".
Explanation
Benefits
Kumenyesha agateka k'abaja b'Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere Yishinze ubwayo kukabubahiririza biturutse ku mpano no ku nema zayo. Ako gateka na ko, kukaba ari ukubinjiza mu Bwami bw'ijuru, Ikiyemeza no kutabahana .
Harimwo inkuru nziza ihambaye ihumuriza abasenga Imana Imwe Rudende Allah batayibangikanya na kimwe mu biremwa, ko iherezo ryabo ari mu Bwami bw'ijuru.
Iyi nyigisho y'intumwa, Mu'aadhi yayiganiye abantu imbere y'ugupfa kwiwe, ku kwanka kugwa mu caha c'ukunyegeza ubumenyi.
Ikebura ry'ukutamenyesha bamwe mu bantu zimwe mu nyigisho z'intumwa ku kwanka ko hari uwohava atazitahura neza, na canecane mu gihe izo nyigisho zoba zidahurikiyemwo igikorwa kanaka canke igihano mpanavyaha (bivugwamwo).
Abanyavyaha mu basenga Imana Imwe Rudende Allah, uguhanwa canke ukudahanwa kwabo kuzokwisunga ugushaka kw'Imana Allah; Ishatse Izobahana, Ishatse naho Ibababarire ivyaha vyabo hanyuma binjire mu Bwami bw'ijuru.
Attribution
Categories
Share hadeeth
Sharing options · 0 Total shares

