Ntimukarenze urugero mu kumpayagiza nka kurya abanaswara barengeje urugero mu guhayagiza Mwene Mariyamu. Ni ukuri, jewe ndi Umuja w'Imana Allah. Nimwashaka rero kunshimagiza, muraheza muvuge muti: "Umuja w'Imana Allah akaba n'Intumwa yayo
Choose an available translation of this Hadeeth
Hadeeth text
Mu vyakiriwe na Omari mwene Al-Khattwaabi (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Narumvise Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) avuga ati: "Ntimukarenze urugero mu kumpayagiza nka kurya abanaswara barengeje urugero mu guhayagiza Mwene Mariyamu. Ni ukuri, jewe ndi Umuja w'Imana Allah. Nimwashaka rero kunshimagiza, muraheza muvuge muti: "Umuja w'Imana Allah akaba n'Intumwa yayo".
Explanation
Benefits
Ivyo Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yihanije ko vyoshika, vyahavuye bishikira abo yarungitsweko, maze muri bo hibonekeza umugwi wakabije mu kurenza urugero rwo guhayagiza Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), n'uwundi warengeje urugero mu guhayagiza abanyamuryango wayo "ahlu l-bayt", n'uwundi mugwi rero warengeje urugero mu guhayagiza abatoni b'Imana Allah "awliyaa-i"; abo bose rero bakaba baraguye mw'ibangikanyamana.
Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yataziriwe ko ari Umuja yaremwe n'Imana Allah; kugira yerekane ko ari Umuja yitonesha koko ku Mana Allah, gutyo bikaba bitarekuwe ko yohabwa na kimwe mu biranga Imana Yonyene Rurema Allah.
Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yitaziriye kandi ko ari Intumwa y'Imana Allah, kugira yerekane neza na neza ko ari Intumwa koko yarungitswe n'Imana Allah, gutyo bikaba ari ngombwa ko yemerwa, yumvirwa igakurikirwa.
Attribution
Categories
Share hadeeth
Sharing options · 0 Total shares

