Umuntu uwo ari we wese azobangamira umutoni wanje, ni ukuri, naramaze kumusezeranira indwano, burya nta muja wanje anyiyegereza mu gukora ivyo Nkunda kurusha, vyoza bisumba kunyiyegereza mu gukora ivyo Namubwirije
Choose an available translation of this Hadeeth
Hadeeth text
Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko: Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti: "Mu vy'ukuri, Imana Allah Yavuze Iti: "Umuntu uwo ari we wese azobangamira umutoni wanje, ni ukuri, naramaze kumusezeranira indwano, burya nta muja wanje anyiyegereza mu gukora ivyo Nkunda kurusha, vyoza bisumba kunyiyegereza mu gukora ivyo Namubwirije; kandi umuja wanje ntahengeshanya kuguma anyiyegereza mu gukora ibikorwa-nyongera, gushika n'aho Ndamukunda. Iyo Maze kumunda rero, Nca Ndamubera ugutwi kwiwe akoresha mu kwumva, n'amaso yiwe akoresha mu kubona, n'ukuboko kwiwe akoresha mu gufata, n'ukuguru kwiwe akoresha mu kugendagenda; n'iyo hagize ico ansaba, ni ukuri Ndakimuha. N'iyo anyiyambaje ngo Ndamukingire, ni ukuri Ndamukingira, kandi rero sinigera ngonanwa ku kintu nshatse gukora, n'uko ngonanwa ku mutima w'umwemeramana iyo nshatse ko ahwera, kandi na we rero yanka gupfa, nanje nkanka kumushavuza".
Explanation
Umutoni "al-waliyyu", ni umwemeramana w'umugamburukiramana, kandi rero urugero rw'ukwemera n'igamburukiramana ry'umuja, ni rwo rwisungwa mu kugena urugero rw'umugabane w'ubutoni bwiwe ku Mana Allah. Kandi burya umwislamu, ntahengeshanya kwiyegereza ku Mana yiwe Rurema Allah mu gukora ikintu Imana Allah Ikunda cane, coza gisumba ukuyiyegereza mu gukora ivyo Imana Allah Yamubwirije mu gukora ibikorwa nyumviramana no kureka ibibujijwe; eka ntanahengeshanya kuyiyegereza mu gukora hambavu ivyo Yamubwirije, ibikorwa-nyongera gushika n'aho ashika ku gukundwa n'Imana Allah. Iyo rero Imana Allah Ikunze umuja wayo, Ica Imurwanira mu gukoresha ibi bihimba bine:
Imurwanira mu gukoresha amatwi yiwe, ku buryo adaheza ngo yumve kiretse ibishimisha Imana Allah.
Ikamurwanira mu gukoresha amaso yiwe, ku buryo adaheza ngo arabe kiretse ivyo Imana Allah Ikunda ko araba bikayishimisha.
Ikamurwanira mu gukoresha ukuboko kwiwe, ku buryo ata co akora n'ukuboko kiretse kirya gishimisha Imana Allah.
Ikanamurwanira mu gukoresha ukuguru kwiwe, ku buryo adaheza ngo agende kiretse ahakundwa hakanashimwa n'Imana Allah, eka ntanagenda kiretse ahakorerwa ivyiza.
Hamwe n'ivyo rero, iyo hagize ikintu asaba Imana Allah, ni ukuri Iraheza Ikakimuronsa, akaba umuntu yumvirwa igisabisho. N'iyo asavye Imana Allah ko Imukingira, ni ukuri Iraheza Ikamukingira ibimutera ubwoba bimubangamiye.
Hanyuma Imana Allah Nyeniguhabwicubahiro nta ngere Ica Ivuga Iti: Sinigera Ngonanwa ku kintu nshatse kugira nk'uko Ngonanwa ku mutima w'umwemeramana ku mpuhwe Ndamwumvira iyo Nshatse ko ahwera, kuko yanka gupfa ngo ntababare, nanje Nkanka ikibabaza umwemeramana.
Benefits
Ibuzwa ry'ibangamira ry'abatoni b'Imana Allah, hamwe n'uguhimiriza kubakunda.
Ibwirizwa ryo kurwanya abansi b'Imana Allah no kuziririza kubagira abagenzi somambike.
Umuntu wese yiyitirira ubutoni ku Mana Allah kandi atagendera amabwirizwa yayo, aba ari umubeshi mu vyo yiyitirira.
Ubutoni ku Mana Allah bubonekera mu gukora ibitegetswe no kureka ibibujijwe.
Biri mu mvo zituma umuntu akundwa n'Imana Allah akanakirirwa igisabisho, ugukora ibikorwa vy'inyongera inyuma y'ugukora ibitegetswe no kureka ibibujijwe.
Vyerekana icubahiro nta ngere n'ikibanza co hejuru abatoni b'Imana Allah bafise.
Attribution
Categories
Share hadeeth
Sharing options · 0 Total shares

