Emwe bantu! Mu vy'ukuri Imana Allah, ni Nziza kandi Irakunda ivyiza, kanatsinda Imana Allah Yategetse abemeramana gukora nka birya nyene Yategetse Intumwa
Choose an available translation of this Hadeeth
Hadeeth text
Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti: "Emwe bantu! Mu vy'ukuri Imana Allah, ni Nziza kandi Irakunda ivyiza, kanatsinda Imana Allah Yategetse abemeramana gukora nka birya nyene Yategetse Intumwa, aho Yavuze Iti: ﴾Emwe Ntumwa z’Imana! Nimufungure mu vyiza bibaryoheye birekuwe, muheze mukore n’ibikorwa vyiza bitegetswe, mu vy’ukuri Jewe Allah, Ndazi neza ivyo mukora vyose, ndi Nyenubumenyikurivyose﴿ (Al-Mu-minuuna: 51), Yongera Ivuga Iti: ﴾Emwe bemeramana! Nimurye mu vyiza Twabafunguriye, muheze mushimire vy’ukuri Imana Allah ku nema zayo nimwaba koko ari Yo gusa mwiyegereza mu vyo mukora vyose mukanayisenga﴿ (Al-Baqara: 172); mu nyuma ica ivuga inkuru y'umuntu yagize urugendo rurerure, maze ntiyaba agisokoza umushatsi ari urushwigiri, yarenzwe n'intumo ntiworaba, aheza agatarika ibiganza hejuru asaba ati: "Ewe Mana yanje Rurema! Ewe Mana yanje Rurema! Kandi atunzwe n'ugufungura ibizira, ukunywa ibizira, yambara mu bizira, eka mbere we wese akaba atunzwe n'ibizira. None ga yemwe! Uyo muntu nk'uyo, ni gute yokwakirirwa igisabisho ciwe!".
Explanation
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yarihanije abantu ukurya ibizira "haraamu" kuko vyonona igikorwa bikanabuza ko cakirwa n'Imana Allah n'aho umuntu yokwita ku rutare mu kwubahiriza ibintu bigaragara vyotuma igikorwa cakirwa; muri vyo twovuga:
Ubwa mbere: umuntu gufata urugendo rurerure agiye mu bikorwa vy'iyumviramana; nko kuja gushengerera ingoro ntagatifu, guharanira idini ry'Imana Allah, kwunga ubuvandimwe, n'ibindi bitari ivyo.
Ubwa kabiri: ukugira umushatsi w'urushwigiri udasokoje, wahindutse ibara hamwe n'impuzu zahinduwe n'intumo, uyu rero aba ari ntamagiro kuko yabuze uko agira.
Ubwa gatatu: ugutarika ibiganza hejuru mu gusaba (igisabisho).
Ubwa kane: ukwifashisha amazina y'Imana Allah mu kuyisaba no mu kudahesha mu gusaba; nko kuvuga uti: Ewe Mana yanje Rurema! Ewe Mana yanje Rurema!
Hamwe rero n'ukwubahiriza izi mvo zituma igisabisho cakirwa, ntaheza ngo yumvirwe; kuko ibifungurwa, ibinyobwa hamwe n'inyambarwa vyiwe vyose biba ari mu bizira, akaba anabeshejweho n'ibizira, ukwakirwa igisabisho c'umuntu arangwa n'ibintu nk'ibi rero, biri kure cane nk'ukwezi!
Benefits
Ibwirizwa ry'izirikanamana rijana n'igikorwa gikozwe ku bw'Imana Allah Nyenukuganza na Nyenicubahiro nta ngere, hamwe n'ugukurikira ivyigishijwe n'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah).
Ugukoresha ibituma umuntu ashiruka ubute mu bikorwa, aho dusanga Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze ati: "Mu vy'ukuri Imana Allah, Yategetse abemeramana gukora nka birya nyene Yategetse Intumwa"; iyo rero umwemeramana amenye ko iki kiri mu vyategetswe Intumwa, biramuremesha bikanamutera intege mu gukurikiza akarorero kazo.
Ukurya ibizira, kiri mu bibuza igisabisho kwakirwa.
Mu bituma igisabisho cakirwa, ni ibintu bitanu. Ica mbere: ni ugufata urugendo rurerure kuko harimwo ukunanirwa gutuma haba ukwicisha bugufi, ico na co kikaba kiri mu bihambaye bituma igisabisho cakirwa; ica kabiri: ni umuntu kubura ico afata n'ico areka; ica gatatu: ni ugutarika ibiganza hejuru; ica kane: ugushimika mu gusaba Imana Allah ata guhesha, maze ugasubiramwo amazina aranga ibikorwa vyayo, ico na co kikaba kiri mu bintu bihambaye vyifashishwa mu kwakirirwa igisabisho; ica gatanu: ukuryohora imfungurwa n'ibinyobwa (mu kuraba ko ko bizanana bizanana inzira nziza kandi biziruye).
Kurya ibirekuwe vyiza, kiri mu mvo zifasha umuntu gukora ibikorwa vyiza bitegetswe.
Al-Qaadwi Yavuze ati: "Ijambo "ciza" ni igihushane ry'ijambo "kibi", iyo rero iryo jambo rikoreshejwe ku Mana Allah, rica risigura ubutore bw'Imana Allah mu kuba Yejejwe Izira akanenge, mu kuba ari Nyenubutagatifu Itigera Ishikirwa n'ibiza; nayo iyo rikoreshejwe neza na neza ku muja w'Imana Allah, rica risigura ukwirinda ingeso mbi mu ngiro, maze umuntu akarangwa n'ibihushane vy'izo ngeso mbi; iyo naho rikoreshejwe ku matungo, rica risigura ko ari ivyahiswemwo mu biziruye mu matungo".
Attribution
Categories
Share hadeeth
Sharing options · 0 Total shares

