HadeethEnc · 1.7.0
Igihe umuntu aba ari hafi cane y'Imana yiwe Rurema Allah, ni igihe yubamye. Enda rero nyabuna, rushirizaho rero gusaba kenshi mu gihe mwubamye
Available translations
Choose an available translation of this Hadeeth
01
Hadeeth text
Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire), yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti: "Igihe umuntu aba ari hafi cane y'Imana yiwe Rurema Allah, ni igihe yubamye. Enda rero nyabuna, rushirizaho rero gusaba kenshi mu gihe mwubamye".
02
Explanation
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yaratomoye ko igihe umuntu aba ari hafi cane y'Imana yiwe Rurema Allah, ari igihe yubamye. Ivyo biri ukwo, kubera ko uwuriko arasenga ashira hasi igihimba ciwe cubashwe gusumba ibindi bihimba vy'umubiri wiwe (umutwe), maze akubama mu kwerekana ko yicishije bugufi kandi agayitse mu kuba ari umunyentegenke cane ku Mana Allah Nyenintsinzi na Nyenicubahiro.
Ni kuri iyo mvo rero, Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yategetse ko umuntu yorushirizaho gusaba kenshi mu gihe yubamye, gutyo agahuriza hamwe mu majambo no mu bikorwa ukwerekana intege nke afise.

03
Benefits
Iyumviramana ryongerereza umuntu ubutoni bwo kuba hafi cane y'Imana Allah Nyenukuninahazwa na Nyenuguhabwicubahiro nta ngere.
Birabereye cane kurushirizaho gusaba kenshi mu cubamo; kuko uwo mwanya ari mu myanya yo kwakirirwa ibisabisho.
Birabereye cane kurushirizaho gusaba kenshi mu cubamo; kuko uwo mwanya ari mu myanya yo kwakirirwa ibisabisho.
Attribution
[رواه مسلم]
Categories
Share
Share hadeeth
Sharing options · 0 Total shares