العاديات

 

Al-'Adiyat

 

The Courser

1 - Al-'Adiyat (The Courser) - 001

وَٱلۡعَٰدِيَٰتِ ضَبۡحٗا
Jewe Allah, Ndarahiye kw’ifarasi zirukanga zihezuka mu gutera umwansi ku rugamba rwo guharanira Imana Allah!

2 - Al-'Adiyat (The Courser) - 002

فَٱلۡمُورِيَٰتِ قَدۡحٗا
N’iziruka ibinono bigacira amasase!

3 - Al-'Adiyat (The Courser) - 003

فَٱلۡمُغِيرَٰتِ صُبۡحٗا
N’izitera umwansi mu gitondo!

4 - Al-'Adiyat (The Courser) - 004

فَأَثَرۡنَ بِهِۦ نَقۡعٗا
Maze zigasura intumo mu kwiruka!

5 - Al-'Adiyat (The Courser) - 005

فَوَسَطۡنَ بِهِۦ جَمۡعًا
Zigana hagati y’abansi!

6 - Al-'Adiyat (The Courser) - 006

إِنَّ ٱلۡإِنسَٰنَ لِرَبِّهِۦ لَكَنُودٞ
Mu vy’ukuri, umuntu ni intashima y’inema z’Imana yiwe Rurema Allah.

7 - Al-'Adiyat (The Courser) - 007

وَإِنَّهُۥ عَلَىٰ ذَٰلِكَ لَشَهِيدٞ
Mu vy’ukuri na we nyene kuri ivyo, ni icabona.

8 - Al-'Adiyat (The Courser) - 008

وَإِنَّهُۥ لِحُبِّ ٱلۡخَيۡرِ لَشَدِيدٌ
Mu vy’ukuri, umuntu mu gukunda amatungo ararengeje.

9 - Al-'Adiyat (The Courser) - 009

۞أَفَلَا يَعۡلَمُ إِذَا بُعۡثِرَ مَا فِي ٱلۡقُبُورِ
Mbega umuntu ntazi ibizoba bimurindiriye, igihe Imana Allah Yazuye abapfuye bava mu mva zabo kugira baharurirwe;

10 - Al-'Adiyat (The Courser) - 010

وَحُصِّلَ مَا فِي ٱلصُّدُورِ
Hakanerekanwa n’ibiri mu mishaha (ivyiza canke ibibi)!

11 - Al-'Adiyat (The Courser) - 011

إِنَّ رَبَّهُم بِهِمۡ يَوۡمَئِذٖ لَّخَبِيرُۢ
Mu vy’ukuri Imana yabo Rurema, kuri uwo musi, Irazi neza ivyo bakoze, nta na kimwe Iyobewe.

[sc name="verse"][/sc]

Scroll to Top