النساء

 

An-Nisa

 

The Women

1 - An-Nisa (The Women) - 001

يَـٰٓأَيُّهَا ٱلنَّاسُ ٱتَّقُواْ رَبَّكُمُ ٱلَّذِي خَلَقَكُم مِّن نَّفۡسٖ وَٰحِدَةٖ وَخَلَقَ مِنۡهَا زَوۡجَهَا وَبَثَّ مِنۡهُمَا رِجَالٗا كَثِيرٗا وَنِسَآءٗۚ وَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ ٱلَّذِي تَسَآءَلُونَ بِهِۦ وَٱلۡأَرۡحَامَۚ إِنَّ ٱللَّهَ كَانَ عَلَيۡكُمۡ رَقِيبٗا
Emwe bantu! Nimutinye Imana yanyu Rurema Allah mu kwubahiriza amabwiriza yayo, kuko ari Yo Yabaremye Ibakomoye ku muntu umwe ari we Adamu, Iraheza Imuremamwo umukenyezi wiwe Hawa, Inakwiragiza mu mihingo yose yo kw’isi uruvyaro rubakomotseko; abahungu n’abakobwa benshi. Nimutinye rero Imana Allah, Yo musabana hagati yanyu kw’Izina ryayo, mwongere mwiyubare guca ubuvandimwe buri hagati yanyu. Mu vy’ukuri, Imana Allah Yamye ari Mureretsiwavyose, Ibashinze ijisho ku vyo mukora vyose;

2 - An-Nisa (The Women) - 002

وَءَاتُواْ ٱلۡيَتَٰمَىٰٓ أَمۡوَٰلَهُمۡۖ وَلَا تَتَبَدَّلُواْ ٱلۡخَبِيثَ بِٱلطَّيِّبِۖ وَلَا تَأۡكُلُوٓاْ أَمۡوَٰلَهُمۡ إِلَىٰٓ أَمۡوَٰلِكُمۡۚ إِنَّهُۥ كَانَ حُوبٗا كَبِيرٗا
Impfuvyi musanzwe muhagarariye nizagera mu bigero, muraheza muzihe amatungo yazo, mu gihe mumaze kubona ko zishoboye kuyabungabunga; kandi ntimuzokwikike mu kiza mu kwihagira ivyiza muri nya matungo, ngo mubisubirize ibibi mukuye mu matungo yanyu. Ntimuzonavange amatungo yazo hamwe n’amatungo yanyu mu ntumbero yo gushaka kwigarurira (mu kurya) amatungo yazo. Mu vy’ukuri uwubahutse gukora ivyo, aba akoze icaha rutura.

3 - An-Nisa (The Women) - 003

وَإِنۡ خِفۡتُمۡ أَلَّا تُقۡسِطُواْ فِي ٱلۡيَتَٰمَىٰ فَٱنكِحُواْ مَا طَابَ لَكُم مِّنَ ٱلنِّسَآءِ مَثۡنَىٰ وَثُلَٰثَ وَرُبَٰعَۖ فَإِنۡ خِفۡتُمۡ أَلَّا تَعۡدِلُواْ فَوَٰحِدَةً أَوۡ مَا مَلَكَتۡ أَيۡمَٰنُكُمۡۚ ذَٰلِكَ أَدۡنَىٰٓ أَلَّا تَعُولُواْ
Nimwagira impungenge zo gutunganiriza impfuvyikazi musanzwe muhagarikiye mu kutaziha inkwano zazo zikwiye, murabira abo mugomwe mu bandi bakenyezi; babiribabiri, batatubatatu canke banebane. Nimwatinya naho ko mutobatunganiriza, muraheza mwabire umukenyezi umwe gusa canke mwikore ku ncoreke musanzwe mugaba. Ukwubahiriza izo ngingo zerekeye gutunganiriza impfuvyi no kwabira, ni kwo gutuma mutorenganya;

4 - An-Nisa (The Women) - 004

وَءَاتُواْ ٱلنِّسَآءَ صَدُقَٰتِهِنَّ نِحۡلَةٗۚ فَإِن طِبۡنَ لَكُمۡ عَن شَيۡءٖ مِّنۡهُ نَفۡسٗا فَكُلُوهُ هَنِيٓـٔٗا مَّرِيٓـٔٗا
Bagabo mwipfuza kwubaka izanyu! Murahereza abakenyezi inkwano zabo zitegetswe ata gahigihigi. Nibashimishwa n’ukubaha kuri nya nkwano ata gahato kagiyemwo, murakirana umutima ushima ico babahereje, mugifungurane akayabagu.

5 - An-Nisa (The Women) - 005

وَلَا تُؤۡتُواْ ٱلسُّفَهَآءَ أَمۡوَٰلَكُمُ ٱلَّتِي جَعَلَ ٱللَّهُ لَكُمۡ قِيَٰمٗا وَٱرۡزُقُوهُمۡ فِيهَا وَٱكۡسُوهُمۡ وَقُولُواْ لَهُمۡ قَوۡلٗا مَّعۡرُوفٗا
Ntimugahe amatungo musanzwe muhagarikiye abayasesagura bitewe n’uko bakiri bato canke batazi ikoreshwa ribereye ry’amatungo, ayo matungo ni yo Imana Allah Yagize ishingiro ry’ubuzima bw’abantu, muraheza rero mubaheko ibibabeshaho munabambike, mwongere mubayagishe neza.

6 - An-Nisa (The Women) - 006

وَٱبۡتَلُواْ ٱلۡيَتَٰمَىٰ حَتَّىٰٓ إِذَا بَلَغُواْ ٱلنِّكَاحَ فَإِنۡ ءَانَسۡتُم مِّنۡهُمۡ رُشۡدٗا فَٱدۡفَعُوٓاْ إِلَيۡهِمۡ أَمۡوَٰلَهُمۡۖ وَلَا تَأۡكُلُوهَآ إِسۡرَافٗا وَبِدَارًا أَن يَكۡبَرُواْۚ وَمَن كَانَ غَنِيّٗا فَلۡيَسۡتَعۡفِفۡۖ وَمَن كَانَ فَقِيرٗا فَلۡيَأۡكُلۡ بِٱلۡمَعۡرُوفِۚ فَإِذَا دَفَعۡتُمۡ إِلَيۡهِمۡ أَمۡوَٰلَهُمۡ فَأَشۡهِدُواْ عَلَيۡهِمۡۚ وَكَفَىٰ بِٱللَّهِ حَسِيبٗا
Murageza ubushobozi bw’impfuvyi muhagarariye zitaragera mu bigero, ko zishoboye gukoresha neza amatungo. Zimaze kugera mu bigero rero, mukamenya kandi ko zishoboye gukoresha neza amatungo yazo, mukanabona ko zigengwa n’ingeso nziza, zinashoboye kubungabunga amatungo yazo, muraheza muzishikirize nya matungo. Ntimuzorengere kuri nya matungo, ngo mushoke muyasesagura mu kuyafungura, nya mpfuvyi zitarakura. Uwuzozihagarikira asanzwe atunze, arabumbwa n’ivyo atunze, ntakomakome na kimwe mu matungo yazo. Uwuzoba na we akenye, arihako ibimubeshaho ku rugero rw’ibimukwiye ata gusesagura. Nivyashika ko muzishikiriza amatungo yazo zimaze kugera mu bigero, zikaba zinashoboye kuyabungabunga, muraheza musabe abababera ivyabona ko mushikirije amatungo yose akwiye. Burya Imana Allah Irakwiye kuba ari Yo Mureretsi Ibaharurira, Ikabahembera ivyo mwakoze.

7 - An-Nisa (The Women) - 007

لِّلرِّجَالِ نَصِيبٞ مِّمَّا تَرَكَ ٱلۡوَٰلِدَانِ وَٱلۡأَقۡرَبُونَ وَلِلنِّسَآءِ نَصِيبٞ مِّمَّا تَرَكَ ٱلۡوَٰلِدَانِ وَٱلۡأَقۡرَبُونَ مِمَّا قَلَّ مِنۡهُ أَوۡ كَثُرَۚ نَصِيبٗا مَّفۡرُوضٗا
Abahungu bakuze canke bakiri bato, barafise ico bagenewe n’Imana Allah mu bisigi vy’abavyeyi n’ivy’abavandimwe babo bapfuye. N’abakobwa bakuze canke bakiri bato, na bo nyene barafise ico bagenewe n’Imana Allah mu bisigi vy’abavyeyi n’ivy’abavandimwe babo bapfuye, uko bingana kwose, biba bike canke vyinshi, ni umugabane bagenewe n’ibwirizwa ry’Imana Allah.

8 - An-Nisa (The Women) - 008

وَإِذَا حَضَرَ ٱلۡقِسۡمَةَ أُوْلُواْ ٱلۡقُرۡبَىٰ وَٱلۡيَتَٰمَىٰ وَٱلۡمَسَٰكِينُ فَٱرۡزُقُوهُم مِّنۡهُ وَقُولُواْ لَهُمۡ قَوۡلٗا مَّعۡرُوفٗا
Nihagaburwa ibisigi, hakaba hari abavandimwe b’umuhisi batari ku rutonde rw’abatorana, impfuvyi hamwe n’abakene, murashobora kubaha ibibabeshaho kuri nya bisigi imbere yuko bigaburwa, muheze munabayagishe neza ata gashinyaguro.

9 - An-Nisa (The Women) - 009

وَلۡيَخۡشَ ٱلَّذِينَ لَوۡ تَرَكُواْ مِنۡ خَلۡفِهِمۡ ذُرِّيَّةٗ ضِعَٰفًا خَافُواْ عَلَيۡهِمۡ فَلۡيَتَّقُواْ ٱللَّهَ وَلۡيَقُولُواْ قَوۡلٗا سَدِيدًا
Abahagarikiye impfuvyi, bategerezwa gutinya kuzirenganya; nka kurya batinya kurenganywa no kwangazwa kw’abana babo mu gihe bobasiga ari impfuvyi. Baratinya rero Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, mu gucungera amatungo no kurera impfuvyi ata kuzibangamira, baheze banaziyagishe neza mu kuzihumuriza.

10 - An-Nisa (The Women) - 010

إِنَّ ٱلَّذِينَ يَأۡكُلُونَ أَمۡوَٰلَ ٱلۡيَتَٰمَىٰ ظُلۡمًا إِنَّمَا يَأۡكُلُونَ فِي بُطُونِهِمۡ نَارٗاۖ وَسَيَصۡلَوۡنَ سَعِيرٗا
Mu vy’ukuri, abatandukira mu kwihereza amatungo y’impfuvyi bakayarya, ni ukuri barya umuriro uzorurumba mu nda zabo ku musi w’izuka, kandi bazokwinjira mu muriro wama wegenyejwe.

11 - An-Nisa (The Women) - 011

يُوصِيكُمُ ٱللَّهُ فِيٓ أَوۡلَٰدِكُمۡۖ لِلذَّكَرِ مِثۡلُ حَظِّ ٱلۡأُنثَيَيۡنِۚ فَإِن كُنَّ نِسَآءٗ فَوۡقَ ٱثۡنَتَيۡنِ فَلَهُنَّ ثُلُثَا مَا تَرَكَۖ وَإِن كَانَتۡ وَٰحِدَةٗ فَلَهَا ٱلنِّصۡفُۚ وَلِأَبَوَيۡهِ لِكُلِّ وَٰحِدٖ مِّنۡهُمَا ٱلسُّدُسُ مِمَّا تَرَكَ إِن كَانَ لَهُۥ وَلَدٞۚ فَإِن لَّمۡ يَكُن لَّهُۥ وَلَدٞ وَوَرِثَهُۥٓ أَبَوَاهُ فَلِأُمِّهِ ٱلثُّلُثُۚ فَإِن كَانَ لَهُۥٓ إِخۡوَةٞ فَلِأُمِّهِ ٱلسُّدُسُۚ مِنۢ بَعۡدِ وَصِيَّةٖ يُوصِي بِهَآ أَوۡ دَيۡنٍۗ ءَابَآؤُكُمۡ وَأَبۡنَآؤُكُمۡ لَا تَدۡرُونَ أَيُّهُمۡ أَقۡرَبُ لَكُمۡ نَفۡعٗاۚ فَرِيضَةٗ مِّنَ ٱللَّهِۗ إِنَّ ٱللَّهَ كَانَ عَلِيمًا حَكِيمٗا
Imana Allah Ibabwirije kugaburira ibisigi abana banyu. Mu gihe rero umwe muri mwebwe yohwera agasiga abana b’abahungu n’abakobwa, baraheza bagatorana ibisigi vyose, maze umuhungu agatorana ibigwijwe kabiri vy’ivyo umukobwa atorana; mu gihe yosiga abana b’abakobwa gusa barenga babiri, baraheza bagatorana bibiri vya gatatu vy’ibisigi vyose; mu gihe yosiga umwana w’umukobwa umwe gusa, araheza agatorana igice c’ibisigi. Abavyeyi b’umuhisi, umwe wese muri bo atorana ica gatandatu c’ibisigi, mu gihe umuhisi yosiga umwana w’umuhungu canke w’umukobwa, umwe canke benshi. Mu gihe atosiga umwana, hagatorana abavyeyi biwe gusa, nyina araheza agatorana ica gatatu, se na we agatorana ibisigaye. Mu gihe umuhisi yosiga benewabo babiri canke barenga, abahungu canke abakobwa, nyina wiwe araheza agatorana ica gatandatu, se na we agatorana ibisigaye, benewabo na bo nta co batorana. Iri gaburwa ry’ibisigi riba inyuma y’ukwubahirizwa kw’iragi ry’umuhisi ryo gutanga ibitarenga ica gatatu c’ibisigi vyose, canke inyuma yo kuriha ingurane aheranye. Ba so hamwe n’abana banyu bagenewe gutorana, ntimuzi uwoba muri bo ari we kirumara kuruta kuri mwebwe. Iryo gaburwa ry’ibisigi rero, ni ibwirizwa kuri mwebwe, muhawe n’Imana Allah. Mu vy’ukuri, Imana Allah Yamye Izi neza ibiremwa vyayo, ni Intungane mu vyo Ikora;

12 - An-Nisa (The Women) - 012

۞وَلَكُمۡ نِصۡفُ مَا تَرَكَ أَزۡوَٰجُكُمۡ إِن لَّمۡ يَكُن لَّهُنَّ وَلَدٞۚ فَإِن كَانَ لَهُنَّ وَلَدٞ فَلَكُمُ ٱلرُّبُعُ مِمَّا تَرَكۡنَۚ مِنۢ بَعۡدِ وَصِيَّةٖ يُوصِينَ بِهَآ أَوۡ دَيۡنٖۚ وَلَهُنَّ ٱلرُّبُعُ مِمَّا تَرَكۡتُمۡ إِن لَّمۡ يَكُن لَّكُمۡ وَلَدٞۚ فَإِن كَانَ لَكُمۡ وَلَدٞ فَلَهُنَّ ٱلثُّمُنُ مِمَّا تَرَكۡتُمۚ مِّنۢ بَعۡدِ وَصِيَّةٖ تُوصُونَ بِهَآ أَوۡ دَيۡنٖۗ وَإِن كَانَ رَجُلٞ يُورَثُ كَلَٰلَةً أَوِ ٱمۡرَأَةٞ وَلَهُۥٓ أَخٌ أَوۡ أُخۡتٞ فَلِكُلِّ وَٰحِدٖ مِّنۡهُمَا ٱلسُّدُسُۚ فَإِن كَانُوٓاْ أَكۡثَرَ مِن ذَٰلِكَ فَهُمۡ شُرَكَآءُ فِي ٱلثُّلُثِۚ مِنۢ بَعۡدِ وَصِيَّةٖ يُوصَىٰ بِهَآ أَوۡ دَيۡنٍ غَيۡرَ مُضَآرّٖۚ وَصِيَّةٗ مِّنَ ٱللَّهِۗ وَٱللَّهُ عَلِيمٌ حَلِيمٞ
Na mwe abagabo murafise gutorana igice c’ibisigi vy’abakenyezi banyu, mu gihe badasize umwana w’umuhungu canke w’umukobwa. Mu gihe bosiga umwana, naho nyene murafise gutorana ica kane c’ibisigi vyabo. Iri gaburwa ry’ibisigi riba inyuma yo kwubahiriza iragi ry’umuhisi ryo gutanga ibitarenga ica gatatu c’ibisigi vyose, canke inyuma yo kuriha ingurane aheranye. Abakenyezi banyu na bo barafise gutorana ica kane c’ibisigi vyanyu, mu gihe mwoba mutasize umwana w’umuhungu canke w’umukobwa; mu gihe mwosiga umwana naho, barafise gutorana ic’umunani c’ibisigi vyanyu[1]. Iri gaburwa ry’ibisigi riba inyuma yo kwubahiriza iragi ryanyu ryo gutanga ibitarenga ica gatatu c’ibisigi vyose, canke inyuma yo kuriha ingurane muheranye. Iyo umugabo canke umugore ahwereye ntasige umwana n’umwe canke umuvyeyi, akaba afise musazawe canke mushikiwe basangiye nyina, umwe wese muri bo araheza agatorana ica gatandatu; mu gihe yoba naho afise basazawe canke bashikiwe barenze umwe basangiye nyina, baraheza bagatorana ica gatatu c’ibisigi, maze bakakigabura bakanganya bataravye igitsina-gabo canke igitsina-gore. Iri gaburwa ry’ibisigi riba inyuma yo kwubahiriza iragi ry’umuhisi ryo gutanga ibitarenga ica gatatu c’ibisigi vyose, canke inyuma yo kuriha ingurane aheranye mu buryo budatera intambamyi[2] abatorana. Iryo ni ryo ragi murazwe n’Imana Allah. Burya rero Imana Allah ni Nyenubumenyikurivyose, Irazi ibitunganye ku baja bayo, Nyenubwitonzi-ntangere.
[1] Ica kane canke ic’umunani c’ibisigi, umukenyezi agitorana ari umwe, iyo barenga umwe naho barakigabura bakanganya. [2] Nko kuriha ingurane umuhisi atigeze arya canke gusiga iragi ryo gutanga ibirenga ica gatatu c’ibisigi.

13 - An-Nisa (The Women) - 013

تِلۡكَ حُدُودُ ٱللَّهِۚ وَمَن يُطِعِ ٱللَّهَ وَرَسُولَهُۥ يُدۡخِلۡهُ جَنَّـٰتٖ تَجۡرِي مِن تَحۡتِهَا ٱلۡأَنۡهَٰرُ خَٰلِدِينَ فِيهَاۚ وَذَٰلِكَ ٱلۡفَوۡزُ ٱلۡعَظِيمُ
Izo ngingo zerekeye ugutunganiriza impfuvyi, ukwabira abakenyezi no gutorana ibisigi, ni imbibe z’ibitegetswe n’Imana Allah, mutegetswe kutazirengako. Uwo wese rero azokwumvira Imana Allah n’Intumwa yayo akubahiriza izo ngingo n’ayandi mabwirizwa, Imana Allah Izomwinjiza mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi, bazobamwo ibihe bidahera. Iyo ni na yo ntsinzi ihambaye.

14 - An-Nisa (The Women) - 014

وَمَن يَعۡصِ ٱللَّهَ وَرَسُولَهُۥ وَيَتَعَدَّ حُدُودَهُۥ يُدۡخِلۡهُ نَارًا خَٰلِدٗا فِيهَا وَلَهُۥ عَذَابٞ مُّهِينٞ
Uwo wese azogabitaniriza Imana Allah n’Intumwa yayo mu guhakana yivuye inyuma amabwirizwa yayo, maze akayarengako canke akayahindura, Imana Allah Izomwinjiza mu muriro, awubemwo ibihe bidahera, aranategekanirijwe n’ibihano bisuzuguza.

15 - An-Nisa (The Women) - 015

وَٱلَّـٰتِي يَأۡتِينَ ٱلۡفَٰحِشَةَ مِن نِّسَآئِكُمۡ فَٱسۡتَشۡهِدُواْ عَلَيۡهِنَّ أَرۡبَعَةٗ مِّنكُمۡۖ فَإِن شَهِدُواْ فَأَمۡسِكُوهُنَّ فِي ٱلۡبُيُوتِ حَتَّىٰ يَتَوَفَّىٰهُنَّ ٱلۡمَوۡتُ أَوۡ يَجۡعَلَ ٱللَّهُ لَهُنَّ سَبِيلٗا
Abasambanye mu bakenyezi banyu murasaba ivyabona vy’abagabo bine vy’intungane muri mwebwe abislamu bibagirize; nivyabagiriza ico caha, murabahanisha ukwugaranirwa mu nzu gushika gupfa canke gushika Imana Allah Ibaciriye inzira yo kubeza ico gihano;

16 - An-Nisa (The Women) - 016

وَٱلَّذَانِ يَأۡتِيَٰنِهَا مِنكُمۡ فَـَٔاذُوهُمَاۖ فَإِن تَابَا وَأَصۡلَحَا فَأَعۡرِضُواْ عَنۡهُمَآۗ إِنَّ ٱللَّهَ كَانَ تَوَّابٗا رَّحِيمًا
Nayo abasambana muri mwebwe abagabo, murabahanisha ugukubitwa, kubomora no kubanebagura. Nibaramuka bihanye bagakora ivyiza bitegetswe, murashoka mwirengagiza ukubahana. Mu vy’ukuri, Imana Allah Yamye ari Nyenukwumvirabigaya, Nyenimpuhwe ku batoni bayo[2].
[2] Iyi Aayah n’iyiri haruguru yayo, zirerekana ko abagabo basambanye babangamirwa gushika bigaye. Abagore na bo basambanye bakugaranirwa mu nzu, bagacibwa mu bandi mu gukumirwa gushika bapfe. Iyi ngingo yarubahirijwe mu ntango y’ubwislamu, hanyuma iza guhagarikwa n’ingingo iri mu gisomwa An-Nuuri, Aayah ya 2 ivuga ku gihano co gutera amabuye abasambanye bubatse izabo, mu gihe bigenga, bageze mu bigero, bakwije ubwenge, bakaba kandi barahuje koko ibitsina. Abatubatse bahanishwa ugukubitwa inkoni ijana n’ukwomorwa umwaka umwe.

17 - An-Nisa (The Women) - 017

إِنَّمَا ٱلتَّوۡبَةُ عَلَى ٱللَّهِ لِلَّذِينَ يَعۡمَلُونَ ٱلسُّوٓءَ بِجَهَٰلَةٖ ثُمَّ يَتُوبُونَ مِن قَرِيبٖ فَأُوْلَـٰٓئِكَ يَتُوبُ ٱللَّهُ عَلَيۡهِمۡۗ وَكَانَ ٱللَّهُ عَلِيمًا حَكِيمٗا
Ni ukuri, ukwigaya kwemewe ku Mana Allah, ni ukw’abakora ibicumuro n’ivyaha ku bujuju bwo kutamenya ingaruka yavyo, hanyuma bakagaruka ku Mana Allah bakayumvira batarashika ku mpfiro, abo rero ni bo Imana Allah Yemerera ukwigaya kwabo. Burya Imana Allah Yamye ari Nyenubumenyikurivyose, Intungane mu vyo Ikora.

18 - An-Nisa (The Women) - 018

وَلَيۡسَتِ ٱلتَّوۡبَةُ لِلَّذِينَ يَعۡمَلُونَ ٱلسَّيِّـَٔاتِ حَتَّىٰٓ إِذَا حَضَرَ أَحَدَهُمُ ٱلۡمَوۡتُ قَالَ إِنِّي تُبۡتُ ٱلۡـَٰٔنَ وَلَا ٱلَّذِينَ يَمُوتُونَ وَهُمۡ كُفَّارٌۚ أُوْلَـٰٓئِكَ أَعۡتَدۡنَا لَهُمۡ عَذَابًا أَلِيمٗا
Ukwigaya kwemewe rero, si ukw’abatsimbatara ku vyaha n’ibicumuro, ntibaheze ngo bagaruke ku Mana Allah gushika bagere ku mpfiro, ahasigaye umwe muri bo akavuga ati: “Jewe mu vy’ukuri, ubu ndigaye ku Mana Allah”, ni nk’uko nyene ukwigaya kw’abapfa bakigarariza Imana Allah n’Intumwa yayo, ntikwemerwa. Abo ni bo rero Twebwe Allah Twategekanirije ibihano bibabaza.

19 - An-Nisa (The Women) - 019

يَـٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ لَا يَحِلُّ لَكُمۡ أَن تَرِثُواْ ٱلنِّسَآءَ كَرۡهٗاۖ وَلَا تَعۡضُلُوهُنَّ لِتَذۡهَبُواْ بِبَعۡضِ مَآ ءَاتَيۡتُمُوهُنَّ إِلَّآ أَن يَأۡتِينَ بِفَٰحِشَةٖ مُّبَيِّنَةٖۚ وَعَاشِرُوهُنَّ بِٱلۡمَعۡرُوفِۚ فَإِن كَرِهۡتُمُوهُنَّ فَعَسَىٰٓ أَن تَكۡرَهُواْ شَيۡـٔٗا وَيَجۡعَلَ ٱللَّهُ فِيهِ خَيۡرٗا كَثِيرٗا
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ntimurekuriwe kwihagira abakenyezi basigwa na ba so ku gahato, mukabafata nk’aho boba ari ibisigi, mu kubabira canke kubabuza kwabirwa, kubashingira ku bandi bagabo ku gahato. Ntimunarekuriwe kubangamira abakenyezi banyu kugira babahebere ku gahato zimwe mu nkwano mwabahaye, n’ibindi, kiretse mu gihe bokora icaha c’agahomerabunwa (nk’ugusambana), muri ico gihe rero, murekuriwe kubagumya gushika babiyambuye mu kubasubiza inkwano mwabahaye. Muraheza rero mubane n’abakenyezi banyu ku neza, mu rukundo n’iteka nta ngere mu mvugo n’ingiro. Nimwaramuka mubanse ku mvo iyi canke iriya ishingiye ku vy’isi, murabihanganira, kuko hari n’aho mwokwanka ikintu, maze Imana Allah Ikagishiramwo ivyiza vyinshi.

20 - An-Nisa (The Women) - 020

وَإِنۡ أَرَدتُّمُ ٱسۡتِبۡدَالَ زَوۡجٖ مَّكَانَ زَوۡجٖ وَءَاتَيۡتُمۡ إِحۡدَىٰهُنَّ قِنطَارٗا فَلَا تَأۡخُذُواْ مِنۡهُ شَيۡـًٔاۚ أَتَأۡخُذُونَهُۥ بُهۡتَٰنٗا وَإِثۡمٗا مُّبِينٗا
Nimwashaka kwabira umugore asubirira uwundi mwipfuza kwahukana, mukaba mwari mwaramaze guha uwo mwipfuza kwahukana inkwano nyinshi, ntimurekuriwe namba kwiha na kimwe kuri nya nkwano. Mbega none muyihako mukoresheje ikinyoma kigaragara, kandi mutanayifiseko uburenganzira!

21 - An-Nisa (The Women) - 021

وَكَيۡفَ تَأۡخُذُونَهُۥ وَقَدۡ أَفۡضَىٰ بَعۡضُكُمۡ إِلَىٰ بَعۡضٖ وَأَخَذۡنَ مِنكُم مِّيثَٰقًا غَلِيظٗا
Ni gute mworekurirwa kuyihako kandi mwaramaze kwihererana na bo mu kurangura amabanga y’abubatse, kandi na bo nyene bakaba baramaze kubaha isezerano riremereye ryo kubana ku neza canke kwahukana ku neza!

22 - An-Nisa (The Women) - 022

وَلَا تَنكِحُواْ مَا نَكَحَ ءَابَآؤُكُم مِّنَ ٱلنِّسَآءِ إِلَّا مَا قَدۡ سَلَفَۚ إِنَّهُۥ كَانَ فَٰحِشَةٗ وَمَقۡتٗا وَسَآءَ سَبِيلًا
Kiranazira kuri mwebwe kwabira mu bakenyezi, uwigeze kwabirwa na ba so, kiretse ku vyabaye imbere yuko muba abislamu. Burya ukwabira abakenyezi bigeze kwabirwa na ba so, ni icaha kibi cane c’agahomerabunwa, kiranashavuza Imana Allah, ni n’inzira n’inyifato mbi.

23 - An-Nisa (The Women) - 023

حُرِّمَتۡ عَلَيۡكُمۡ أُمَّهَٰتُكُمۡ وَبَنَاتُكُمۡ وَأَخَوَٰتُكُمۡ وَعَمَّـٰتُكُمۡ وَخَٰلَٰتُكُمۡ وَبَنَاتُ ٱلۡأَخِ وَبَنَاتُ ٱلۡأُخۡتِ وَأُمَّهَٰتُكُمُ ٱلَّـٰتِيٓ أَرۡضَعۡنَكُمۡ وَأَخَوَٰتُكُم مِّنَ ٱلرَّضَٰعَةِ وَأُمَّهَٰتُ نِسَآئِكُمۡ وَرَبَـٰٓئِبُكُمُ ٱلَّـٰتِي فِي حُجُورِكُم مِّن نِّسَآئِكُمُ ٱلَّـٰتِي دَخَلۡتُم بِهِنَّ فَإِن لَّمۡ تَكُونُواْ دَخَلۡتُم بِهِنَّ فَلَا جُنَاحَ عَلَيۡكُمۡ وَحَلَـٰٓئِلُ أَبۡنَآئِكُمُ ٱلَّذِينَ مِنۡ أَصۡلَٰبِكُمۡ وَأَن تَجۡمَعُواْ بَيۡنَ ٱلۡأُخۡتَيۡنِ إِلَّا مَا قَدۡ سَلَفَۗ إِنَّ ٱللَّهَ كَانَ غَفُورٗا رَّحِيمٗا
Haraziririjwe kuri mwebwe kwabira mu bakenyezi, ba nyoko na ba nyokuru bo ku ruhande rwa ba so canke rwa ba nyoko; abakobwa banyu n’abuzukuru b’abakobwa b’abana banyu kubandanya umanuka; bashikanyu musangiye abavyeyi bompi canke umwe muri bo; ba senge na bashiki ba sokuru banyu; ba nyokwanyu na ba nyokuru banyu; abakobwanyu; abishwanyu n’abakobwa babo; ba nyoko b’ibere; bashikanyu b’ibere[3], ba nyokobukwe [4], abakobwa b’abakenyezi banyu bavutse ku bandi bagabo barererwa kenshi iwanyu[5], mu gihe mwoba mwaramaze guhuza ibitsina mu kurangurana na ba nyina babo amabanga y’abubatse, mu gihe mwoba mutari bwayarangurane hanyuma mukahukana na bo canke bagapfa, aho nta kabi kuri mwebwe kari mu kwabira nya bakobwa; abakazana banyu bashingiwe abahungu mwibarutse canke abonkejwe n’abakenyezi banyu, mu gihe boba barashingiwe gusa, n’aho boba bataranguranye amabanga y’abubatse; kwabira umugore hamwe n’uwo bavukana basangiye amaraso canke bonse rimwe[6], kiretse ku vyabaye imbere yuko muba abislamu. Mu vy’ukuri, Imana Allah Yamye ari Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
[3] Intumwa y’Imana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yaraziririje ku bonse rimwe ibisanzwe bizira ku bavukana basangiye amaraso. [4] Mwaba mumaze kurangurana amabanga y’abubatse n’abakobwa babo canke mutarayarangurana. [5] Kiranazira kubabira n’aho boba batarerewe iwanyu. [6] Kirazira kandi mu migenzo y’intumwa kwabira umugore hamwe na inasenge canke na nyinabo.

24 - An-Nisa (The Women) - 024

۞وَٱلۡمُحۡصَنَٰتُ مِنَ ٱلنِّسَآءِ إِلَّا مَا مَلَكَتۡ أَيۡمَٰنُكُمۡۖ كِتَٰبَ ٱللَّهِ عَلَيۡكُمۡۚ وَأُحِلَّ لَكُم مَّا وَرَآءَ ذَٰلِكُمۡ أَن تَبۡتَغُواْ بِأَمۡوَٰلِكُم مُّحۡصِنِينَ غَيۡرَ مُسَٰفِحِينَۚ فَمَا ٱسۡتَمۡتَعۡتُم بِهِۦ مِنۡهُنَّ فَـَٔاتُوهُنَّ أُجُورَهُنَّ فَرِيضَةٗۚ وَلَا جُنَاحَ عَلَيۡكُمۡ فِيمَا تَرَٰضَيۡتُم بِهِۦ مِنۢ بَعۡدِ ٱلۡفَرِيضَةِۚ إِنَّ ٱللَّهَ كَانَ عَلِيمًا حَكِيمٗا
Kiranazira kwabira abakenyezi basanzwe bubatse izabo, kiretse inyuma yo kwarama kw’uwapfakaye canke kw’uwahukanye, canke mu gihe bagizwe imbohe mu ndwano inyuma yuko bavuye mu butinyanka rimwe. Abo rero ni bo bakenyezi Imana Allah Yaziririje ko mwobabira, Iraheza Ibarekurira kwabira abatari abo, mu bo mwipfuza kwubakana bidaciye mu busambanyi, mumaze gutanga inkwano zanyu. Abo muzorangurana amabanga y’abubatse muri bo inyuma yo kuragana, muraheza mubahereze inkwano zabo mwategetswe n’Imana Allah, nta n’icaha kuri mwebwe mu gihe mwokwumvikana kurenza, canke kugabanya ku nkwano zitegetswe mwamaze kwumvikanako. Mu vy’ukuri, Imana Allah Yamye ari Nyenubumenyikurivyose, Intungane mu vyo Ikora.

25 - An-Nisa (The Women) - 025

وَمَن لَّمۡ يَسۡتَطِعۡ مِنكُمۡ طَوۡلًا أَن يَنكِحَ ٱلۡمُحۡصَنَٰتِ ٱلۡمُؤۡمِنَٰتِ فَمِن مَّا مَلَكَتۡ أَيۡمَٰنُكُم مِّن فَتَيَٰتِكُمُ ٱلۡمُؤۡمِنَٰتِۚ وَٱللَّهُ أَعۡلَمُ بِإِيمَٰنِكُمۚ بَعۡضُكُم مِّنۢ بَعۡضٖۚ فَٱنكِحُوهُنَّ بِإِذۡنِ أَهۡلِهِنَّ وَءَاتُوهُنَّ أُجُورَهُنَّ بِٱلۡمَعۡرُوفِ مُحۡصَنَٰتٍ غَيۡرَ مُسَٰفِحَٰتٖ وَلَا مُتَّخِذَٰتِ أَخۡدَانٖۚ فَإِذَآ أُحۡصِنَّ فَإِنۡ أَتَيۡنَ بِفَٰحِشَةٖ فَعَلَيۡهِنَّ نِصۡفُ مَا عَلَى ٱلۡمُحۡصَنَٰتِ مِنَ ٱلۡعَذَابِۚ ذَٰلِكَ لِمَنۡ خَشِيَ ٱلۡعَنَتَ مِنكُمۡۚ وَأَن تَصۡبِرُواْ خَيۡرٞ لَّكُمۡۗ وَٱللَّهُ غَفُورٞ رَّحِيمٞ
Uwudashoboye muri mwebwe gutanga inkwano z’abakenyezi bigenga b’abemeramanakazi, araheza yabire mu bigeme banyu b’abagurano b’abemeramanakazi. Burya Imana Allah ni Yo Izi neza ukwemera kwanyu, ntimuzogire isoni rero zo kwabira abagurano, kuko mwese musangiye inkomoko-muntu, murababira rero ku burenganzira bw’abavandimwe babo, munabahereze inkwano zabo mwumvikanye ku neza, maze bubake rugume badasambana, batanagira abahabara. Nibamara kwabirwa bagakora icaha c’agahomerabunwa c’ubusambanyi, murabahanisha igice c’igihano c’ubusambanyi gihabwa abakenyezi bigenga. Ukwabira abakenyezi b’abagurano rero, kurekuriwe uwutinya ko yohava agwa mu caha c’ubusambanyi kuko adashoboye kwihangana. Mushoboye kutabira abagurano mukihanganira kudasambana, ni vyiza cane kuri mwebwe kurusha. Burya Imana Allah ni Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.

26 - An-Nisa (The Women) - 026

يُرِيدُ ٱللَّهُ لِيُبَيِّنَ لَكُمۡ وَيَهۡدِيَكُمۡ سُنَنَ ٱلَّذِينَ مِن قَبۡلِكُمۡ وَيَتُوبَ عَلَيۡكُمۡۗ وَٱللَّهُ عَلِيمٌ حَكِيمٞ
Imana Allah mu kubashingira izo ngingo, Ishaka kubatomorera ibiranga idini ryayo ritomoye, Inabereke inzira igororotse y’Abavugishwamana n’aberanda b’aho hambere yanyu, kugira mubigane, Iheze Ibumvire ukwigaya kwanyu, burya Imana Allah ni Nyenubumenyikurivyose, Intungane mu vyo Ikora;

27 - An-Nisa (The Women) - 027

وَٱللَّهُ يُرِيدُ أَن يَتُوبَ عَلَيۡكُمۡ وَيُرِيدُ ٱلَّذِينَ يَتَّبِعُونَ ٱلشَّهَوَٰتِ أَن تَمِيلُواْ مَيۡلًا عَظِيمٗا
Imana Allah Ishaka kubumvira ukwigaya kwanyu Iheze Ibababarire, mu gihe abatwarwa n’ivyipfuzo vyabo bashaka ko muhengama cane mugata inzira y’idini;

28 - An-Nisa (The Women) - 028

يُرِيدُ ٱللَّهُ أَن يُخَفِّفَ عَنكُمۡۚ وَخُلِقَ ٱلۡإِنسَٰنُ ضَعِيفٗا
Imana Allah Ishaka kuborohereza mu vyo Ibategeka kuko kiremwa-muntu caremanwe ingoga nke zo kurwanya ivyipfuzo vyaco.

29 - An-Nisa (The Women) - 029

يَـٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ لَا تَأۡكُلُوٓاْ أَمۡوَٰلَكُم بَيۡنَكُم بِٱلۡبَٰطِلِ إِلَّآ أَن تَكُونَ تِجَٰرَةً عَن تَرَاضٖ مِّنكُمۡۚ وَلَا تَقۡتُلُوٓاْ أَنفُسَكُمۡۚ إِنَّ ٱللَّهَ كَانَ بِكُمۡ رَحِيمٗا
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nta n’umwe muri mwebwe arekuriwe kwihagira amatungo y’abandi ata burenganzira ayafiseko, kiretse mu gihe yubahirije ingingo zerekeye urudandazwa mu mwumvikano hagati yanyu; kandi ntimukihekure mu kwicana hagati yanyu kuko vyotuma muhona. Mu vy’ukuri, Imana Allah Yamye ari Nyenimbabazi, Ibafitiye impuhwe mu vyo Ibabwiriza vyose.

30 - An-Nisa (The Women) - 030

وَمَن يَفۡعَلۡ ذَٰلِكَ عُدۡوَٰنٗا وَظُلۡمٗا فَسَوۡفَ نُصۡلِيهِ نَارٗاۚ وَكَانَ ذَٰلِكَ عَلَى ٱللَّهِ يَسِيرًا
Uwo wese rero azorenga ku vyabujijwe n’Imana Allah, akihagira amatungo y’abandi ku karenganyo[7], aramenya ko Twebwe Allah Tuzomwinjiza mu muriro, kandi ukumuhanisha umuriro biroroshe ku Mana Allah.
[7] Nko kwiba, kwambura utwa murundi no guhangika.

31 - An-Nisa (The Women) - 031

إِن تَجۡتَنِبُواْ كَبَآئِرَ مَا تُنۡهَوۡنَ عَنۡهُ نُكَفِّرۡ عَنكُمۡ سَيِّـَٔاتِكُمۡ وَنُدۡخِلۡكُم مُّدۡخَلٗا كَرِيمٗا
Bemeramana! Nimwirinda gukora ivyaha rutura[8] mu vyo mubuzwa, Tuzoheza Tubababarire ibicumuro n’ivyaha vyanyu bitobito, maze Tubinjize ubwinjiriro bwiza kandi bwubashwe bugana mu Bwami bw’ijuru;
[8] Nk’ibangikanyamana, kutubaha no kutubahiriza agateka k’abavyeyi, no kwicira umuntu ubusa, n’ibindi.

32 - An-Nisa (The Women) - 032

وَلَا تَتَمَنَّوۡاْ مَا فَضَّلَ ٱللَّهُ بِهِۦ بَعۡضَكُمۡ عَلَىٰ بَعۡضٖۚ لِّلرِّجَالِ نَصِيبٞ مِّمَّا ٱكۡتَسَبُواْۖ وَلِلنِّسَآءِ نَصِيبٞ مِّمَّا ٱكۡتَسَبۡنَۚ وَسۡـَٔلُواْ ٱللَّهَ مِن فَضۡلِهِۦٓۚ إِنَّ ٱللَّهَ كَانَ بِكُلِّ شَيۡءٍ عَلِيمٗا
Ntimukipfuze ivyo Imana Allah Yateje iteka bamwe muri mwebwe; nko guhabwa ubuhinga n’ibibabeshaho, n’ibindi. Burya Imana Allah Yageneye abagabo kuronka umugabane w’impembo hisunzwe ivyo barondeye; n’abagore nyene Yabageneye kuronka umugabane w’impembo hisunzwe ivyo barondeye. Muraheza rero musabe Imana Allah, Izobaronsa mu mpano zayo, ha kwipfuza ivy’abandi. Mu vy’ukuri, Imana Allah Yamye Izi ibikwiye bitunganye mu vyo Igenera ibiremwa vyayo, ni Nyenubumenyikurivyose.

33 - An-Nisa (The Women) - 033

وَلِكُلّٖ جَعَلۡنَا مَوَٰلِيَ مِمَّا تَرَكَ ٱلۡوَٰلِدَانِ وَٱلۡأَقۡرَبُونَۚ وَٱلَّذِينَ عَقَدَتۡ أَيۡمَٰنُكُمۡ فَـَٔاتُوهُمۡ نَصِيبَهُمۡۚ إِنَّ ٱللَّهَ كَانَ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٖ شَهِيدًا
Umwe wese muri mwebwe rero, Twaramugeneye abatorana ibisigi vy’abavyeyi n’ivy’abavandimwe biwe, hamwe rero n’abo mwanywanye mu kurahira ko mutegerezwa gutabarana no guhana ku bisigi, abo rero murabaha ico bagenewe mu bisigi[9]. Mu vy’ukuri, Imana Allah Yamye Ibona neza ibikorwa vyose vy’ibiremwa, ni Yo Cabonamurivyose.
[9] Ugutorana hisunzwe ukunywana kwarubahirizwa mu ntango y’ubwislamu, ariko mu nyuma iyo ngingo yahavuye isubirirwa n’ingingo zo gutorana. Raba Aayah ya 11 n’iya 12 muri iki gisomwa c’Abakenyezi.

34 - An-Nisa (The Women) - 034

ٱلرِّجَالُ قَوَّـٰمُونَ عَلَى ٱلنِّسَآءِ بِمَا فَضَّلَ ٱللَّهُ بَعۡضَهُمۡ عَلَىٰ بَعۡضٖ وَبِمَآ أَنفَقُواْ مِنۡ أَمۡوَٰلِهِمۡۚ فَٱلصَّـٰلِحَٰتُ قَٰنِتَٰتٌ حَٰفِظَٰتٞ لِّلۡغَيۡبِ بِمَا حَفِظَ ٱللَّهُۚ وَٱلَّـٰتِي تَخَافُونَ نُشُوزَهُنَّ فَعِظُوهُنَّ وَٱهۡجُرُوهُنَّ فِي ٱلۡمَضَاجِعِ وَٱضۡرِبُوهُنَّۖ فَإِنۡ أَطَعۡنَكُمۡ فَلَا تَبۡغُواْ عَلَيۡهِنَّ سَبِيلًاۗ إِنَّ ٱللَّهَ كَانَ عَلِيّٗا كَبِيرٗا
Abagabo ni bo bahagarikizi batunganiriza abakenyezi, ku kubera ivyo Imana Allah Yabateje iteka mu ngimba n’ubukerebutsi, gutanga inkwano hamwe rero no kubeshaho umuryango. Aberanda mu bakenyezi rero, ni barya bicisha bugufi ku Mana Allah, bumvira abo bubakanye, bakanabungabunga n’ivyo baragijwe n’Imana Allah ku bushobozi bwayo, batarinze gushingwa ijisho n’abo bubakanye[10]. Nayo abakenyezi mutinya ko bokwiganza mu kutabubaha, murabahanura mu rupfasoni; nibatihana, murabahunga ku buriri ntimubegere; nibatihana, murabakubita mutavuna igufa. Nibaramuka babumviye rero bakihana, ntimuzohirahire ngo mubarenganye na gato mu mvugo canke mu ngiro. Mu vy’ukuri, Imana Allah Yamye ari Nyenicubahiro-ntangere, Nyenubukuru.
[10] Ivyo na vyo, ni icubahiro c’abubakanye mu kudasambana, bakabungabunga n’amatungo yabo mu kudasesagura, bakitwararika n’indero y’ibibondo vyabo.

35 - An-Nisa (The Women) - 035

وَإِنۡ خِفۡتُمۡ شِقَاقَ بَيۡنِهِمَا فَٱبۡعَثُواْ حَكَمٗا مِّنۡ أَهۡلِهِۦ وَحَكَمٗا مِّنۡ أَهۡلِهَآ إِن يُرِيدَآ إِصۡلَٰحٗا يُوَفِّقِ ٱللَّهُ بَيۡنَهُمَآۗ إِنَّ ٱللَّهَ كَانَ عَلِيمًا خَبِيرٗا
Emwe muserukira imiryango! Nimwamenya ko hagati y’abubatse hari ukutumvikana kwotuma bahukana, muraheza murungike umuhanuzi w’intungane avuye ku ruhande rw’umukenyezi n’umuhanuzi w’intungane avuye ku ruhande rw’umugabo, baheze barabire hamwe ingingo yokwubahirizwa ku neza y’abubakanye. Abo bahanuzi rero, nibashira imbere ukubasubiza hamwe, Imana Allah Izokworosha imitima yabo, maze basubize hamwe babane. Mu vy’ukuri, Imana Allah Yamye ari Nyenubumenyikurivyose, Muhetuziwavyose.

36 - An-Nisa (The Women) - 036

۞وَٱعۡبُدُواْ ٱللَّهَ وَلَا تُشۡرِكُواْ بِهِۦ شَيۡـٔٗاۖ وَبِٱلۡوَٰلِدَيۡنِ إِحۡسَٰنٗا وَبِذِي ٱلۡقُرۡبَىٰ وَٱلۡيَتَٰمَىٰ وَٱلۡمَسَٰكِينِ وَٱلۡجَارِ ذِي ٱلۡقُرۡبَىٰ وَٱلۡجَارِ ٱلۡجُنُبِ وَٱلصَّاحِبِ بِٱلۡجَنۢبِ وَٱبۡنِ ٱلسَّبِيلِ وَمَا مَلَكَتۡ أَيۡمَٰنُكُمۡۗ إِنَّ ٱللَّهَ لَا يُحِبُّ مَن كَانَ مُخۡتَالٗا فَخُورًا
Nimwiyegereze Imana Allah mu vyo mukora vyose munayisenge ari Imwe Rudende, ntimukanayibangikanye n’ikintu na kimwe, muheze mwubahe mwubahirize n’agateka k’abavyeyi ku bugwaneza, mube n’abagwaneza ku bavandimwe, ku mpfuvyi, ku bakene, ku mubanyi wa hafi n’uwa kure, ku mugenzi musanganwe canke muri kumwe ku rugendo, ku wakehaniwe ku rugendo no ku bagurano mugaba. Mu vy’ukuri, Imana Allah ntikunda namba abishima, birata ku bantu;

37 - An-Nisa (The Women) - 037

ٱلَّذِينَ يَبۡخَلُونَ وَيَأۡمُرُونَ ٱلنَّاسَ بِٱلۡبُخۡلِ وَيَكۡتُمُونَ مَآ ءَاتَىٰهُمُ ٱللَّهُ مِن فَضۡلِهِۦۗ وَأَعۡتَدۡنَا لِلۡكَٰفِرِينَ عَذَابٗا مُّهِينٗا
Ingumyi zidatanga mu vyo zahawe n’Imana Allah, zikanabwiriza abandi kuba ingumyi, zikanihakana inema zahawe n’Imana Allah, zikananyegeza ivyo zahawe mu mpano zayo. Burya Twebwe Allah Twarategekanirije abagarariji ibihano bisuzuguza;

38 - An-Nisa (The Women) - 038

وَٱلَّذِينَ يُنفِقُونَ أَمۡوَٰلَهُمۡ رِئَآءَ ٱلنَّاسِ وَلَا يُؤۡمِنُونَ بِٱللَّهِ وَلَا بِٱلۡيَوۡمِ ٱلۡأٓخِرِۗ وَمَن يَكُنِ ٱلشَّيۡطَٰنُ لَهُۥ قَرِينٗا فَسَآءَ قَرِينٗا
Twaranategekanirije ibihano barya batanga mu matungo yabo ku kwiyerekana ku bantu, batanemera Imana Allah n’umusi w’iherezo. Ivyo rero, ni ibikorwa bibi shetani irarikira abantu. Uwo wese rero shetani izogira umugenzi, azoba agize umugenzi mubi;

39 - An-Nisa (The Women) - 039

وَمَاذَا عَلَيۡهِمۡ لَوۡ ءَامَنُواْ بِٱللَّهِ وَٱلۡيَوۡمِ ٱلۡأٓخِرِ وَأَنفَقُواْ مِمَّا رَزَقَهُمُ ٱللَّهُۚ وَكَانَ ٱللَّهُ بِهِمۡ عَلِيمًا
Hari ico vyari kubatwara iyo bemera Imana Allah n’umusi w’iherezo, bakanatanga mu vyo Imana Allah Yabahaye bazirikana indishi kuri Yo! Burya Imana Allah Yamye Ibazi, Izi n’ivyo bakora, Izonabibahembera, ni Nyenubumenyikurivyose.

40 - An-Nisa (The Women) - 040

Scroll to Top