الضحى

 

Ad-Duhaa

 

The Morning Hours

1 - Ad-Duhaa (The Morning Hours) - 001

وَٱلضُّحَىٰ
Jewe Allah, Ndarahiye ku gihe c’umutaga!

2 - Ad-Duhaa (The Morning Hours) - 002

وَٱلَّيۡلِ إِذَا سَجَىٰ
No kw’ijoro iyo ripfutse ibiremwa bigaturura!

3 - Ad-Duhaa (The Morning Hours) - 003

مَا وَدَّعَكَ رَبُّكَ وَمَا قَلَىٰ
Ko Imana yawe Rurema Allah Itaguhevye Muvugishwamana; kandi ko Itanagushavuriye ku guteba kw’ihishurirwa rya Qor’ani.

4 - Ad-Duhaa (The Morning Hours) - 004

وَلَلۡأٓخِرَةُ خَيۡرٞ لَّكَ مِنَ ٱلۡأُولَىٰ
Nta nkeka rero ko ubuzima bwawe bw’inyuma yo gupfa, ari bwiza kurusha ubwo kw’isi.

5 - Ad-Duhaa (The Morning Hours) - 005

وَلَسَوۡفَ يُعۡطِيكَ رَبُّكَ فَتَرۡضَىٰٓ
Kandi nta nkeka ko Imana yawe Rurema Allah, Izoguha vyinshi uzoheza ugashima.

6 - Ad-Duhaa (The Morning Hours) - 006

أَلَمۡ يَجِدۡكَ يَتِيمٗا فَـَٔاوَىٰ
Muvugishwamana! Mbega, Imana Allah ntiyagusanze uri impfuvyi, Ikakubungabunga!

7 - Ad-Duhaa (The Morning Hours) - 007

وَوَجَدَكَ ضَآلّٗا فَهَدَىٰ
Igusanga utazi ico ari co Igitabu, n’ico ari co ukwemera! Iraheza Irakwigisha ivyo utari uzi, Inagushoboza gukora n'ivyiza bitegetswe!

8 - Ad-Duhaa (The Morning Hours) - 008

وَوَجَدَكَ عَآئِلٗا فَأَغۡنَىٰ
Igusanga ukenye maze Iragukenura, Iguha ukwihangana no kubumbwa n’ivyo ufise!

9 - Ad-Duhaa (The Morning Hours) - 009

فَأَمَّا ٱلۡيَتِيمَ فَلَا تَقۡهَرۡ
Kubera ivyo rero, ntukaryagumbe impfuvyi ngo uyihahaze.

10 - Ad-Duhaa (The Morning Hours) - 010

وَأَمَّا ٱلسَّآئِلَ فَلَا تَنۡهَرۡ
Nayo uwusavye gufashwa canke kwigishwa, ntukamuburabuze, ahubwo muhe unamutunganirize;

11 - Ad-Duhaa (The Morning Hours) - 011

وَأَمَّا بِنِعۡمَةِ رَبِّكَ فَحَدِّثۡ
Nayo inema z’Imana yawe Rurema Allah, ziyage ushima.

[sc name="verse"][/sc]

Scroll to Top