Hari ibintu bine, uwurangwa na vyo aba ari indyarya igaragara, uwuranzwe na kimwe muri vyo, aba aranzwe na kimwe mu bintu biranga indyarya gushika igihe avavanuye na co: iyo agize ngo araganiriye, arabesha; n'iyo agize ngo ariyemeje ikintu, arahemuka ntagishitsa; n'iyo agize ngo aratanze isezerano ntaryubahiriza; n'iyo hagize uwo batase, arerura mu kumucokora
Mu vyakiriwe na Abdullaahi mwene Amri (Imana Allah Ibishimire bompi) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira mahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti: "Hari ibintu bine, uwurangwa na vyo aba ari indyarya igaragara, uwuranzwe na kimwe muri vyo, aba aranzwe na kimwe mu bin…

