Iciza, ni umuntu kurangwa n'imigenzo myiza; nayo igicumuro na co, ni kirya cose gitera amazinda mu gikiriza cawe, ukanka n'uko abantu bomenya ko wagikoze
Choose an available translation of this Hadeeth
Hadeeth text
Mu vyakiriwe na Al-Nawwaasi mwene Sim'aani (Imana Allah Imwishimire) ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze ati: "Iciza, ni umuntu kurangwa n'imigenzo myiza; nayo igicumuro na co, ni kirya cose gitera amazinda mu gikiriza cawe, ukanka n'uko abantu bomenya ko wagikoze". No mu vyakiriwe na Waabiswa mwene Ma'badi (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Naraje ku Ntumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ica imbwira iti: "Uje kubaza ku vyerekeye iciza n'ikibi, ivyo ari vyo?", nca mvuga nti: "Egome, ni co kinzanye!". Ica ivuga iti: "Enda nyabuna baza umutima wawe, burya iciza, ni kirya kintu cose umuntu atekanirwa iyo agikoze, maze akumva iteka n'itekane ku mushaha; nayo igicumuro, ni kirya kintu cose kiguteye amazinda mu kugikora, maze ukagumana akarigangamuhogo ku mushaha n'aho abantu bokubwira ngo kirarekuwe, bakongera bagasubira bakakubwira bati kirarekuwe".
Explanation
Benefits
Ukuri n'ikinyoma, ntivyigera vyitiranwa ngo umwemeramana ananirwe kubitandukanya, ahubwo araheza akamenya ukuri yisunze umuco uri mu mushaha wiwe, akanahunga ikinyoma akaciyamiriza.
Biri mu bimenyetso vyerekana ko ikintu ari igicumuro, kudatekanirwa ku mutima igihe c'ukugikora, hamwe n'ukwanka ko abantu bamenya ko wagikoze.
Al-Sindiy yavuze ati: "Iyi ngingo yerekeye ibintu biteye amazinda, ari na vyo abantu badaheza ngo bamenye ico bohitamwo muri vyo (ku kutamenya ikiziruye canke ikizira muri vyo); ahandi ho bitagenze ukwo, igitegetswe mu mabwirizwa ata cemezo kigaragara gifise, kikaba kitari no muri ivyo bizindanye, kiba ari iciza; ikibujijwe gukora na co, kiba ari igicumuro nk'uko nyene; ntibinakenewe rero (mu gukora igitegetswe no mu kureka ikibujijwe), kubanza kubaza umutima no kuronka ituze ryawo".
Ababwirwa muri iyi nyigisho y'intumwa, ni barya bantu bose barangwa n'ukuba bakigendera imigenzo-ndemanwa itaratituka, si barya bafise imitima yakebanye itazi iciza ngo igihurumbire, eka ntimenye n'ikibi ico ari co kiretse birya yonkejwe n'ivyipfuzo vy'umushaha wiwe.
Al-Twayyibiy yavuze ati: "Mu gusigura iciza "al-birru" kivugwa muri iyi nyigisho, haratanzwe insiguro zitandukanye, hari ahatanzwe insiguro yuko ari kirya kintu umuntu akora atekaniwe ku mutima; hari n'ahandi hatanzwe insiguro yuko ari ukwemera, hakaba n'ahandi casiguwe ko ari kirya kintu kikwegereza ku Mana Allah, ng'aha naho kikaba casiguwe ko ari umuntu kurangwa n'imigenzo myiza; imigenzo myiza ivugwa ng'aho, ni umuntu kwihanganira ibangamira ry'abantu, ugushavura gake gashoboka, gushwashwanuka mu maso hamwe n'ukuvuga amajambo meza. Izi nsiguro zose rero uziravye, ziregeranye mu co zishaka gushikako.
Attribution
Categories
Share hadeeth
Sharing options · 0 Total shares

