Nta n'umwe yemera bikwiye, atabanje gukundira mwenewabo mu bantu ko aronka nk'ivyo wenyene ubwiwe akunda ko yoronka
Choose an available translation of this Hadeeth
Hadeeth text
Mu vyakiriwe na Abu Hamza, Anasi mwene Maaliki (Imana Allah Imwishimire), akaba yahoze ari umukozi w'Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), maze avyakira ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aho avuga ko yavuze ati: "Nta n'umwe yemera bikwiye, atabanje gukundira mwenewabo mu bantu ko aronka nk'ivyo wenyene ubwiwe akunda ko yoronka".
Explanation
Benefits
Ubuvukanyi bwo guhurira ku Mana Allah, buri hejuru y'ubuvukanyi bw'abasangiye amaraso. Kuri ubwo rero, agateka kabwo gategetswe gusumba ak'ukubuvukanyi bw'amaraso.
Iziririzwa rya kirya cose giciye kubiri n'uru rukundo mu kurutosekaza, haba mu mvugo canke mu ngiro; nk'ugukoresha uruhendo (ubucacanya), ukwandagazanya, ugusharikana, hamwe rero n'urwanko umuntu agirira mugenziwe w'umwislamu, canke kwihereza amatungo yiwe, canke kutubahiriza icubahiro ciwe n'umuryango.
Ugukoresha amwe mu majambo atera ingoga mu kurangura ibikorwa; kuko muri iyi nyigisho y'intumwa hakoreshejwe ijambo "mugenziwe, mwenewabo".
Al-Kirmaaniy (nyakugirirwa impuhwe n'Imana Allah) yavuze ati: "Kandi biri mu bitsimbataza ukwemera, umuntu kwanka ko mugenziwe ashikirwa n'ikintu kibi, maze akavyanka nka kurya we nyene ubwiwe yanka ko comushikira. Ico nticatomowe mu nyigisho y'intumwa; kuko ugukunda ikintu bijana n'ukwanka igihushane caco, ni na co gituma yaretse kukidomako urutoke; kuko insiguro ikwiye kandi yumvikana".
Attribution
Categories
Share hadeeth
Sharing options · 0 Total shares

