ni jewe Dwamaamu mwene Tha'laba mwenewabo na Bene Sa'di mwene Bakri
Choose an available translation of this Hadeeth
Hadeeth text
Mu vyakiriwe na Anasi mwene Maliki (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Igihe kimwe twari twicaranye n'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) mu musigiti, haca hinjira umuntu umwe yari ku ngamiya, araheza ayipfukamika mu musigiti hanyuma ayizirikira aho, mu nyuma aca abaza abari ng'aho ati: "Ni nde Muhamadi muri mwebwe?". Muri ico gihe Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yari yicaye muri twebwe, duca tuvuga duti: "Ni uyu mugabo yera yicaye ku mavi". Nya muntu aca amubwira ati: "Ewe Mwene Abdu Al-Muttwalibu!", Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aca avuga ati: "Ni ukuri ndakwumva kandi baza ndakwishura". Wa mugabo aca abaza Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ati: "Mu vy'ukuri, jewe ndakubaza, kandi ndakubaza ibibazo bigoye, ntuhave rero ungirira akarigangamuhogo!". Na we amwisura ati: "Baza ku vyo wiyumvira", wa mugabo aca abaza ati: "Ndakwinginze unkundire ndakubaze kw'izina ry'Imana yawe Rurema, Ikaba n'Imana Rurema y'abo hambere yawe, burya none Allah ni We Yakurungitse ku bantu bose?". Na we aca yishura ati: "Allah ni We Cabona, ego cane ni We Yandungitse". Wa mugabo arongera avuga ati: "Ndakwinginze ko wonyishura kw'izina rya Allah, burya Allah ni We Yagutegetse ko dusenga amasengesho atanu ku murango no mw'ijoro?", na we aca amwishura ati: "Allah ni We Cabona, ego cane ni We Yabintegetse!". Uri uwundi aca asubizayo ati: "Ndakwinginze ko wonyishura kw'izina rya Allah, burya Allah ni We Yagutegetse ko dupfunga uku kwezi kwa Ramadhani mu mwaka?". Na we aca aramwishura ati: "Allah ni We Cabona, ego cane ni We Yabintegetse!". Nya mugabo arongera avuga ati: "Ndakwinginze ko wonyishura kw'izina rya Allah, burya Allah ni We Yagutegetse gutora ishikanwa-bwirizwa, waka abatunzi muri twebwe ukarihereza abakene muri twebwe?". Na we aca aramwishura ati: "Imana Allah ni We Cabona, ego cane ni We Yabintegetse!". Wa mugabo aca avuga yemanga ati: "Ndemeye rero ivyo warungikanywe vyose, kandi burya ndi intumwa y'abo naserukiye bari inyuma yanje mu bantu banje, ni jewe Dwamaamu mwene Tha'laba mwenewabo na Bene Sa'di mwene Bakri".
Explanation
Benefits
Kurangwa kw'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) n'ingeso n'imigenzo vyiza, n'impuhwe zamuranga mu kwishura uwubajije, bikaba vyerekana ko ukwishura neza ari imwe mu mvo zituma irarikiramana ryakirwa neza.
Birarekuwe kumenyekanisha umuntu mu kuvuga ko yera kibure atukura; ko ari muremure kibure mugufi, n'ibindi nk'ivyo atari mu ntumbero yo kunegura, mu gihe uwumenyekanishwa atavyanse.
Birarekuwe ku mugarariji ko yinjira mu musigiti, iyo bikenewe (bibaye ngombwa).
Uwabajije muri iyi nyigisho y'intumwa, ntiyigeze abaza ku vyerekeye ishengerera ry'ingoro ntagatifu; kuko bishoboka muri ico gihe ko ibwirizwa ry'ishengerera ritari bwashingwe.
Ukwitwararika kw'ingendanyi irarikiramana mu ntumbero yo gusasagaza ubwislamu; kuko uyo mugabo yapfuye kwinjira mu bwislamu gusa, aca yitwararika kurarikira abantu biwe ko babwinjira.
Attribution
Categories
Share hadeeth
Sharing options · 0 Total shares

