Igihe Imana Allah Yarema Ubwami bw'ijuru hamwe n'umuriro udahera, Yatumye umumalayika Jibrili (nyakugira amahoro y'Imana Allah)
Choose an available translation of this Hadeeth
Hadeeth text
Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) ku Ntumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aho yavuze iti: "Igihe Imana Allah Yarema Ubwami bw'ijuru hamwe n'umuriro udahera, Yatumye umumalayika Jibrili (nyakugira amahoro y'Imana Allah) mu Bwami bw'ijuru, maze Imubwira Iti: "Enda nyabuna, genda mu Bwami bw'ijuru, maze urabe ivyo Nategekanirije benebwo". Umumalayika Jibrili maze araraba ibiri muri nya Bwami, araheza aragaruka, aca abwira Imana Allah ati: "Ndarahiye ku cubahiro cawe! Nta wuzokwumva ibiri aho mbonye mu Bwami bw'ijuru, kiretse ko azoharanira kubwinjira". Imana Allah Ica Irategeka ko nya Bwami bukikuzwa n'ivyo abantu banka. Jibrili amaze kubibona araheza avuga n'impungenge n'akantu ati: "Ndarahiye ku cubahiro cawe! Ni ukuri, ndafise ubwoba n'impungenge ko ata n'umwe azoshobora kubwinjira". Imana Allah Ica Imubwira Iti: "Enda rero genda urabe umuriro n'ivyo Nategekanirije benewo". Jibrili agize ngo araravye umuriro abona uragerekeranyeko (uriko uratigita), aca aragaruka abwira Imana Allah ati: "Ndarahiye ku cubahiro cawe! Nta n'umwe azogenda awinjiye". Imana Allah Ica Itegeka ko umuriro ukikuzwa n'ivyo abantu bakunda, Iraheza Imubwira Iti: "Subirayo kandi uheze urabe uko umuriro wifashe". Jibrili agize ngo araraba nya muriro, asanga ukikujwe n'ivyo abantu bakunda", aca aragaruka abwira Imana Allah ati: "Ndarahiye ku cubahiro cawe! Ni ukuri, ndafise ubwoba n'impungenge ko ata n'umwe azorokoka umuriro ngo agende atawinjiye".
Explanation
Benefits
Ni ngombwa kwemera ibinyegejwe ibiremwa, hamwe rero na birya vyose vyashikirijwe n'Imana Allah hamwe n'Intumwa yayo (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah).
Akamaro k'ukwihanganira ivyo abantu banka kuko ari yo nzira ishikana umuntu mu Bwami bw'ijuru.
Akamaro ko kwirinda kugwa mu bizira, kuko kubigwamwo ari yo nzira ishikana umuntu mu muriro.
Ikikuzwa ry'Ubwami bw'ijuru, ivyo abantu banka, n'ikikuzwa ry'umuriro, ivyo abantu bakunda, biza mu ntumbero y'igeragezwa ry'ibiremwa mu buzima bwo kw'isi.
Guca mu nzira iganisha umuntu mu Bwami bw'ijuru, biragoye kandi biraremereye, bikaba rero bisaba ukwihangana n'ukubira akuya mu kwamizako ibijanye n'ukwemera; na yo inzira ishikana umuntu mu muriro, ishashemwo ibiryoshe n'ibihendamaso vy'isi.
Attribution
Categories
Share hadeeth
Sharing options · 0 Total shares

