Uwuzobona muri mwebwe ikibi gisasiwe indava, araheza akibuze akoresheje inguvu z'iminwe yiwe; nibitamushobokera ku nguvu z'iminwe, araheza akoreshe ururimi maze yamame; nibitamushobokera gukoresha ururimi, araca yanka yankirize nya kibi ku mushaha wiwe, ukwo kucanka ku mushaha rero, ni kwo kwemera kugoyagoya
Choose an available translation of this Hadeeth
Hadeeth text
Mu vyakiriwe na Abu Sa'iid Al-Khudriy (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Narumvise Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ivuga iti: "Uwuzobona muri mwebwe ikibi gisasiwe indava, araheza akibuze akoresheje inguvu z'iminwe yiwe; nibitamushobokera ku nguvu z'iminwe, araheza akoreshe ururimi maze yamame; nibitamushobokera gukoresha ururimi, araca yanka yankirize nya kibi ku mushaha wiwe, ukwo kucanka ku mushaha rero, ni kwo kwemera kugoyagoya".
Explanation
Benefits
Itegeko ryo gukurikiza izo nzego mw'ibuzwa ry'ikibi, ryubahirizwa hisunzwe uburyo n'ubushobozi umwumwe wese afise.
Itegeko ry'ibuza ry'ikibi, ni umuryango wagutse mw'idini ku buryo ata n'umwe yoryigobotora, umwislamu uwo ari we wese rero, abwirizwa kurishira mu ngiro yisunze uburyo n'ubushobozi afise.
Itegeko ryo kubwiriza gukora iciza n'iryo kubwiriza kureka gukora ikibi, biri mu bintu biranga ukwemera; ukwemera na kwo rero, burya kuriyongera canke kukagabanuka hisunzwe ibikorwa.
Igisabwa mu kwubahiriza itegeko ryo kubwiriza kureka gukora ikibi, ni ubumenyi bujanye na nya kibi kibuzwa.
Igisabwa mu kubwiriza kureka gukora ikibi, ni uko hatoba inkurikizi zotuma hakorwa ikindi kibi kikiruta mu bubi.
Ukubuza ikorwa ry'ikibi, kurafise urupfasoni n'ibisabwa vyubahirizwa, bikaba ari ngombwa ko umwislamu abanza akavyiga akabitahura.
Ukubuza hamwe n'ukwamirira kure ikorwa ry'ikibi, birakeneye ubumenyi bw'idini bw'ukuntu bigenda, bigakenera n'ubumenyi hamwe n'ubukerebutsi muri rusangi.
Ukutanka n'ukutankiriza ikibi ku mushaha, vyerekana ukwemera kugoyagoya.
Attribution
Categories
Share hadeeth
Sharing options · 0 Total shares

