HadeethEnc · 1.7.0
Nta kintu na kimwe cubahitse ku Mana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere coza gisumba ugusaba igisabisho
Available translations
Choose an available translation of this Hadeeth
01
Hadeeth text
Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze ati: "Nta kintu na kimwe cubahitse ku Mana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere coza gisumba ugusaba igisabisho".
02
Explanation
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yaratomoye ko ata kintu na kimwe mu bikorwa nyegerezamana cubahitse kandi ciza cane ku Mana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere, coza gisumba ugusaba igisabisho; kuko mu gisabisho hahurikiyemwo ukwemanga ko Imana Allah Nyenukuninahazwa na Nyenuguhabwicubahiro nta ngere Yikenuye muri vyose, n'umuntu kwemera ko ata co yishoboje n'uko akeneye inkunga zayo.
03
Benefits
Ivyiza vy'ugusaba igisabisho, bibonekera mu kuba uwusavye Imana Allah aba agaragaje ubuhambazi bwayo, yemanze ko Yo Nyenukuninahazwa Yikenuye muri vyose; kuko uwukenye ntasabwa; n'uko ari Yo Nyenukwumva kuko ikiragi nticosabwa ngo cumve uwugisavye; n'uko ari Yo Nyenubugwaneza, kuko ingumyi ntikwiye gusabwa; n'uko ari Yo Nyenimpuhwe; kuko uwurangwa n'agatimatare ntasabwa; n'uko ari Yo Ishoboye kuko nyenintege nke ntasabwa; n'uko ari Yo Iri hafi cane y'umusavyi kuko uwuri kure ntiyumva ngo abe yosabwa, n'ibindi bitari ivyo mu biranga icubahiro n'ubwiza vy'Imana Allah Nyenukuninahazwa na Nyenuguhabwicubahiro nta ngere.
Attribution
[رواه الترمذي وابن ماجه وأحمد]
Categories
Share
Share hadeeth
Sharing options · 0 Total shares

