Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yarigeze kubazwa ku bintu kenshi na kenshi bizotuma abantu binjira mu Bwami bw'ijuru, ica yishura ivuga iti: "Igamburukiramana hamwe rero n'umuntu kurangwa n'ingeso nziza
Choose an available translation of this Hadeeth
Hadeeth text
Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yarigeze kubazwa ku bintu kenshi na kenshi bizotuma abantu binjira mu Bwami bw'ijuru, ica yishura ivuga iti: "Igamburukiramana hamwe rero n'umuntu kurangwa n'ingeso nziza". Yaranabajijwe ku bintu kenshi na kenshi bizotuma abantu binjira mu muriro, ica yishura ivuga iti: "Akarimi ku muntu hamwe rero n'igitsina".
Explanation
Igamburukiramana hamwe rero n'umuntu kurangwa n'ingeso nziza.
Igamburukiramana rero, ni umuntu kwikingira ibihano vy'Imana Allah mu gushira mu ngiro ivyo Yamutegetse gukora no kwirinda ivyo Yamubujije gukora.
Nayo umuntu kurangwa n'ingeso nziza, ni ukwama akeye mu maso (ukwamana akamwemwe mu maso), akanagirira neza abantu hamwe rero no kutabageramira.
Yaranatomoye ko ibintu bikurubikuru bizotuma abantu binjira mu muriro, ari ibintu bibiri, na vyo bikaba ari:
Akarimi ku muntu hamwe rero n'igitsina.
Mu vyaha bikorwa n'akarimi, ni ukubesha, ukwandagaza no guteranya abantu, n'ibindi bitari ivyo.
Nayo mu vyaha bikorwa n'igitsina, ni ugusambana, uguca inyuma hagati y'abagabo ku bagabo (uguhuza ibitsina hagati y'ababisangiye), n'ibindi bitari ivyo.
Benefits
Ivyago vy'akarambaraye biterwa n'akarimi kuri nyeneko, n'uko biri mu bituma umuntu yinjira mu muriro.
Ivyago vy'akarambaraye biterwa n'ivyipfuzo hamwe n'ivyaha vy'agahomerabunwa ku muntu, n'uko kenshi na kenshi biri mu bituma umuntu yinjira mu muriro.
Attribution
Categories
Share hadeeth
Sharing options · 0 Total shares

