Uwo wese yemera Imana Allah ko Ibaho akemera n'umusi w'iherezo ko ubaho, araheza avuge ivyiza canke apfume yinumira
Choose an available translation of this Hadeeth
Hadeeth text
Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) ku Ntumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti: "Uwo wese yemera Imana Allah ko Ibaho akemera n'umusi w'iherezo ko ubaho, araheza avuge ivyiza canke apfume yinumira; kandi n'uwo wese yemera Imana Allah ko Ibaho, akemera n'umusi w'iherezo ko ubaho, araheza yubahe yubahirize umubanyi wiwe; n'uwo wese kandi yemera Imana Allah ko Ibaho, akemera n'umusi w'iherezo ko ubaho, araheza azimane umushitsi wiwe".
Explanation
Ica mbere: Ukuvuga ijambo ryiza, mu gutazira no kuninahaza Imana Allah, ukwemanga ko Imana Allah ari Imwe Rudende, ukubwiriza ibikorwa vyiza, ukubuza ibikorwa bibi, hamwe rero n'ukunywanisha abatase mu bantu. Mu gihe rero atoshobora gukora ivyo bidondaguwe, asabwa kwinumira maze akareka kugira uwo abangamiye n'akarimi kiwe, agaheza akagacungera.
Ica kabiri: Ukwubaha n'ukwubahiriza umubanyi, mu kumugirira ubugwaneza no kutamubangamira.
Ica gatatu: Ukuzimana umushitsi akugendeye, mu kumuganiriza amajambo meza n'ukumufungurira, n'ibindi nk'ivyo.
Benefits
Ukwihaniza umuntu kugwa mu vyaha bikorwa n'ururimi.
Idini ry'ubwislamu, ni idini rihimiriza abantu kumenyerana mu kwubahana mu bugwaneza.
Ibi bintu bidondaguwe ng'aho hejuru, biri mu mice y'ukwemera bikaba no mu rupfasoni rushimwa, ruhimbaye.
Ukuvugagizwa kurashobora gukwegera umuntu mu bibi no mu bizira; ukubaho mu mahoro rero, ni ukwirinda kuvuga kiretse mu gihe ibivugwa ari ivyiza.
Attribution
Categories
Share hadeeth
Sharing options · 0 Total shares

