Uwusenze isengesho ryo mu mutwenzi, aba akingiwe mu budahangarwa bw'Imana Allah
Choose an available translation of this Hadeeth
Hadeeth text
Mu vyakiriwe na Jundubi mwene Abdullahi Al-Qasriy (Imana Allah Imwishimire), yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti: "Uwusenze isengesho ryo mu mutwenzi, aba akingiwe mu budahangarwa bw'Imana Allah, ni ukuri muriyubara rero, ko Imana Allah Ibabaza ku kintu ico ari co cose kijanye n'agateka kayo mwahonyanze mu gihe Ibakingiye mu budahangarwa bwayo; kuko mu vy'ukuri, uwo wese Izoramuka Ibajije ku kintu ico ari co cose kijanye n'agateka kayo yahonyanze, nta kibuza Izomucakira, hanyuma Imute mu muriro wa Jahannamu agwire mu maso hiwe (yubitse inda)".
Explanation
Mu nyuma, (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yarihanije umuntu guca kubiri n'iryo sezerano ngo arirengeko mu kureka isengesho ryo mu mutwenzi, canke mu kuburabuza no mu kubangamira abarisenga, kuko uwugize ivyo aba ahonyanze agateka ko kuba akingiwe mu budahangarwa bwayo, akaba anakwiye kwihanizwa cane ko Imana Allah Izomubaza ku gateka kayo yahonyanze, ku buryo uwo wese Imana Allah Ibajije ku gateka kayo yahonyanze, Iheza Ikabimuhora, hanyuma Ikamuta mu muriro wa Jahannamu akagwira mu maso hiwe.
Benefits
Kwihaniza cane ibangamira n'iburabuzwa ry'uwasenze isengesho ryo mu mutwenzi.
Kuba Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere Yihorera abaja bayo beranda mu guhana uwubabangamiye canke uwubaburabuje.
Attribution
Categories
Share hadeeth
Sharing options · 0 Total shares

