Mu vy'ukuri intungane nya ntungane, ku Mana Allah zizohabwa ivyicaro vy'iteka ku nyegamo zikozwe mu muco, ziri iburyo bwa Nyenimpuhwe "Rahmaani", Nyenintsinzi na Nyenicubahiro, kanatsinda amaboko yiwe yompi, ni ay’iburyo
Choose an available translation of this Hadeeth
Hadeeth text
Mu vyakiriwe na Abdullahi mwene Amri (Imana Allah Ibishimire bompi) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti: "Mu vy'ukuri intungane nya ntungane, ku Mana Allah zizohabwa ivyicaro vy'iteka ku nyegamo zikozwe mu muco, ziri iburyo bwa Nyenimpuhwe "Rahmaani", Nyenintsinzi na Nyenicubahiro, kanatsinda amaboko yiwe yompi, ni ay’iburyo", izo ntungane rero, ni barya bantu b'intungane batagira nkunzi mu ngingo bafata igihe bariko batunganiriza abantu, igihe bariko batunganiriza imiryango yabo, no mu gihe co kwubahiriza amabanga n'amabango bajejwe".
Explanation
Benefits
Ubutungane muri rusangi, buhurikiyemwo birya vyose biragizwa abantu harimwo n'ubutegetsi; vyongeye, harimwo mbere n'ugutunganiriza abakenyezi, abana, n'abandi atari abo.
Kwerekana agaciro n'igihagararo vy'intungane nya ntungane ku musi w'izuka ry'ibiremwa.
Ubusumbasumbane bw'ivyubahiro vy'abemeramana ku musi w'izuka ry'ibiremwa, ku buryo umwe wese muri bo azohabwa icubahiro hisunzwe ibikorwa vyiwe yakoze.
Uburyo bwiza bwo gukundisha abantu ibikorwa vyiza, ni bumwe mu buryo bwo bukoreshwa mw'irarikiramana rikundisha uwurarikwa ibikorwa nyumviramana.
Attribution
Categories
Share hadeeth
Sharing options · 0 Total shares

