HadeethEnc · 1.7.0
Reka gukora ibiguteye amakenga, maze utandukire gukora ibitaguteye amakenga; kuko mu vy'ukuri, ukuri kujana n'ituze ry'umushaha, ni ukuri n'ikinyona nyene kijana n'ukugira amakenga
Available translations
Choose an available translation of this Hadeeth
01
Hadeeth text
Mu vyakiriwe na Abu Al-Hawraa-i Al-Sa'diy yavuze ati: "Narabwiye Hasani mwene Ali (Imana Allah Ibishimire bompi) nti: "Ni ibiki wafashe ku mutwe wavyumvise ku Ntumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah)?", aca yishura avuga ati: "Nafashe ku mutwe mu vyo numvise ku Ntumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) inyigisho ivuga iti: "Reka gukora ibiguteye amakenga, maze utandukire gukora ibitaguteye amakenga; kuko mu vy'ukuri, ukuri kujana n'ituze ry'umushaha, ni ukuri n'ikinyona nyene kijana n'ukugira amakenga".
02
Explanation
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yarategetse ko igiteye amakenga mu majambo no mu bikorwa mu kuba kirekuwe canke kibujijwe, canke mu kuba kiziruye canke kizira, umuntu akireka maze agatandukira gukora ikitamuteye amakenga mu bintu azi neza ko ari vyiza kandi birekuwe; kubera ko umutima w'umuntu utekana mu kubikora; ibiteye amakenga na vyo mu kubikora umutima wiwe ukazindanirwa.
03
Benefits
Ni ngombwa ku mwislamu, ko yubakira ivyo akora ku bumenyi buzira amakenga, gutyo akareka gukora ibimuteye amakenga, maze mu vyerekeye idini ryiwe akama yagavye.
Ukubuza umuntu kugwa mu biteye amazinda "shubuhaati".
Niwashaka gutekanirwa n'ukuruhuka ku mutima, urareka gukora ibiguteye amakenga maze uvyirinde mu kuvyigira kure.
Impuhwe z'Imana Allah ku baja bayo mu kuba Yabategetse ibibaruhura bigatuma batekana ku mutima, no mu kuba Yababujije gukora ibibajuragiza bikabazazanira.
Ukubuza umuntu kugwa mu biteye amazinda "shubuhaati".
Niwashaka gutekanirwa n'ukuruhuka ku mutima, urareka gukora ibiguteye amakenga maze uvyirinde mu kuvyigira kure.
Impuhwe z'Imana Allah ku baja bayo mu kuba Yabategetse ibibaruhura bigatuma batekana ku mutima, no mu kuba Yababujije gukora ibibajuragiza bikabazazanira.
Attribution
[رواه الترمذي والنسائي وأحمد]
Categories
Share
Share hadeeth
Sharing options · 0 Total shares

