Ntimukagire inzu zanyu kuba nk'imva mu kutazisengeramwo, kandi ntimuzogire imva yanje icibutso c'ihimbazwa ryanje, muraheza nyabuna munsabire ku Mana Allah amahoro n'impuhwe; kuko mu vy'ukuri, igisabisho canyu munsabiye aho muzoba muri hose, kizonshikira
Choose an available translation of this Hadeeth
Hadeeth text
Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire), yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti: "Ntimukagire inzu zanyu kuba nk'imva mu kutazisengeramwo, kandi ntimuzogire imva yanje icibutso c'ihimbazwa ryanje, muraheza nyabuna munsabire ku Mana Allah amahoro n'impuhwe; kuko mu vy'ukuri, igisabisho canyu munsabiye aho muzoba muri hose, kizonshikira".
Explanation
Benefits
Ukubuza gufata urugendo mu ntumbero yo kugendera imva y'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah); kuko yategetse abantu ko bamusabira amahoro n'impuhwe ku Mana Allah, aranamenyesha ko igisabisho asabiwe kimushikira, na yo ahandi ho, ugufata urugendo biba mu ntumbero yo kugana umusigiti no kuwusengeramwo.
Ukuziririza ko igendera ry'imva y'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), ryohimbazwa nk'umusi mukuru, rikama ryabaye kw'igenekerezo runaka mu buryo butegekanijwe buzwi; kandi iryo ziririzwa riranubahirizwa no mu kugendera imva y'uwo ari we wese mu biremwa.
Icubahiro Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) afise ku Mana yiwe Rurema Allah, mu gushinga uburyo bwo kumusabira ku Mana Allah mu gihe ico ari co cose n'aho ari ho hose umuntu azoba ari kw'isi.
Iziririzwa ryo gusengera ku mva ryari rizwi n'ingendanyi zose, akaba ari na co gituma Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yabujije ko inzu zogirwa nk'imva kuko bisanzwe bizira ko nya mva zisengerwako.
Attribution
Categories
Share hadeeth
Sharing options · 0 Total shares

